Indwi ya 5 ya Pasika : ku wa kabiri
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (14, 19-28)
Muri irya misi, muri Antiyokiya no muri Ikoniya hava Abayuda bahendahenda ishengero, batera amabuye Pawulo; bagira ngo yapfuye, bamukwegera inyuma y’irembo ry’igisagara. Abigishwa biwe baramukikiza avaho yandara aravyuka, asubira mu gisagara. Bukeye, Pawulo na Baranaba bagenda i Derbe. Bahigishiriza Inkuru nziza kandi bararonka abigishwa benshi, hanyuma barasubira i Listra, muri Ikoniya no muri Antiyokiya barakomeza imitima y’abigishwa, babahanura kugumya ukwemera kwabo, babagabisha ko bazobona ibibagora vyinshi umwanya batarashikira Ubwami bw’Imana. Babanje gusenga n’ukwibabaza bisonzesha, batora abakuru mw’Ekleziya imwe imwe, hanyuma bahereza Umukama ba bantu bari bamwizeye. Hanyuma baca muri Pisidiya, bashika mu Bupamfiliya, bamenyesha ijambo ry’Imana i Perije, baca bamanuka muri Ataliya. Hanyuma bafata ubwato bubajana i Antiyokiya, iyo bari baje bava, bizigiye ubuntu bw’Imana ku gikorwa bari bahejeje kurangura. Bashitseyo, bakoranya Ekleziya, babiganira ivyiza Imana yabagiriye n’ingene yugururiye abanyamahanga irembo ry’ukwemera. Barahava bamarana n’abigishwa imisi itari mike.
IZABURI 144 (145) 10-11, 12-13, 21
Icit.: Abakunzi bawe nibayage ubuninahazwa bw’Ubwami bwawe! Canke: Aleluya.
Ivyo waremye, Mukama, nibigushemeze, abakunzi bawe nibaguhezagire! Nibayage ubuninahazwa bw’ubwami bwawe, nibigane hose ubutwari bwawe!
Kugira ngo bamenyeshe abantu ibitangaza wakoze, n’ubuninahazwa buhimbaye bw’ubwami bwawe: ubwami bwawe ni ubwami bw’intahava, ingoma yawe izohangama imyaka n’imyaka.
Akanwa kanje nikayage Umukama, abantu bose nibahezagire izina ryawe, imyaka n’imyaka!
INKURU NZIZA
Aleluya.
Kristu yategerezwa kubabara no kuzuka mu bapfuye, kugira ngo yinjire mu buninahazwa bwiwe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (14, 27-31a)
Muri irya misi, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Ndabasigaranye amahoro, ndabahaye amahoro yanje; sindayabahaye nk’uko ab’isi bayatanga. Ntimusimbwe n’umutima kandi ntimutinye. Murumvise ko ndababariye nti: Ndagiye, mpeze nze ngaruke muri mwebwe. Iyo muba munkunda, mwari guhimbarwa n’uko ngiye kwa Data, kuko Data ari we anduta. Ni uko rero ndabibabwiye bitaraba, kugira ngo aho bizozira, muze mwemere. Singisubira kubaganiriza, kuko uwugaba iyi si yaje. Nta co ashobora kungira, ariko reke isi imenye ko nkunda Data nkongera ngakora nk’uko yantegetse.