📖 INYIGISHO YO MU GIHE C’IKAREMA YO MU MWAKA W’2024 MURI DIYOSEZE NKURU YA BUJUMBURA ITANZWE N’IBIRO NTUNGANYABUTUMWA VYA DIYOSEZE, YEMEJWE N’UMWEPISKOPI MUKURU
🌐 ICIVUGO: «Turabasavye kw’izina rya Kristu ngo mwuzure n’Imana» (2Kor 5,20)
💠 0. INTANGAMARARA
Bavukanyi muri Kristu, Imana Dawe yiyerekanye mu Mwana wiwe Yezu Kristu nk’umuvyeyi yuzuye Urukundo n’ubuntu. None rero Urukundo ni yo nyishu ibereye guha umuvyeyi wacu wo mw’Ijuru. Inzira na yo tuyerekwa n’ijambo ryiwe ngo: «Nimwuzure n’Imana» (2Kor 5,20). Nkako, kwuzura n’Imana ni yo nzira idushikana ku gusangira intsinzi ya Pasika na Kristu Mukama.
Mu gihe vyigaragaza ko abakristu benshi batagitegera igicumuro n’inkurikizi zaco, tukaba dufise icivugo c’uyu mwaka w’ubutumwa wa 2024 kivuga ngo «Dukomeze Ekleziya Muryango mu gusenga duhereye mu ngo n’imibano yacu, no muguhimbaza neza amasakaramentu», twashimye ko mu mapfungo y’Ikarema y’uyu mwaka twoshimikira ku kuzirikana uguhimbaza neza isakramentu ry’Ikigongwe, ritwuzuriza n’Imana, rikatwuzuriza n’abantu. Icivugo ni iki: «Turabasavye kw’izina rya Kristu ngo mwuzure n’Imana» (2Kor 5,20).
Ariko n’aho tuzirikana ivyerekeye iryo sakramentu rimwe, ntitwokwibagira ko amasakramentu yose tubwirijwe kuja turayazirikana, kugira ngo turabe ingene twoja turayahimbaza neza ngo adufashe kunywana n’Imana n’ukunywana hagati yacu.
Iyi nyigisho tuyizirikana mu ntambwe zitatu: Urukundo n’ikigongwe vy’Imana, uguhemuka ku rukundo rw’Imana, ugusubiza hamwe n’Imana mu guhimbaza neza isakaramentu ry’ikigongwe.
✅ 1. IMANA YACU YUZUYE URUKUNDO N’IKIGONGWE (Luk 22,39-51)
Urukundo n’ikigongwe biranga Imana Data twabigaragarijwe na Yezu Kristu. Ubuzima bwa Yezu Kristu ngaha kw’isi bwabaye ishusho iboneka y’Umutima w’Imana: Umutima wuzuye urukundo n’ikigongwe.
Umweranda Papa Yohani Paulo wa II ati: «Muri Kristu no ku bwa Kristu, Imana iribonekeza mu kigongwe cayo» (Dives in misericordia n°2). Uwo Mutima w’Imana urigaragaza mu nyifato ya Kristu mu gihe c’ukubabara kwiwe, turawubona no mu nyandiko nyeranda, kandi Ekleziya irawerekana igihe c’ugutanga amasakaramentu n’ahandi.
1.1. UWO MUTIMA URIGARAGAZA MU NYIFATO YA KRISTU
- Igihe yababara vyarasiga ubwenge (raba Luka 22,39-44). Ububabare bugeze kuri urwo rugero, Yezu Kristu yarabwemeye ku bwa twebwe abantu, kugira ngo atwuzurize n’Imana, na cane cane ko kubera urukundo rwayo, kuva mu ntango, Imana Data yari yageneye umuntu kwibera mu buhirwe n’akanyamuneza, bigereranywa n’umurima wa Edeni (Amamuko 2,8-9).
Umuntu amaze kugarariza Imana akayoboka shetani (Amamuko 3,1-24), yaciye atakaza bwa buhirwe, amagorwa, ububabare n’amarushwa bica birinjira, sekibi agira ububasha ku muntu no ku bindi biremwa.
Yezu Kristu yemeye ubwo bubabare kugira ngo: ubwa mbere yishurire umuntu kuko “igicumuro cose gikozwe kibwirizwa kwishurwa” (Marthe Robin); ubwa kabiri abohore umuntu ubuja yashizwemwo n’igicumuro; ubwa gatatu yuzurize umuntu n’Imana yahemukiye; ubwa kane asambure inganji ya shetani ku muntu no ku biremwa (He 2,10-14).
Kardinali Yozefu Ratzinger na we ati: «Yezu ntiyacunguye abantu akoresheje akarimi gasosa, yabacunguje ukubabara n’ugupfa kwiwe. Ukubabara kwiwe ni kwo guha ubukomezi ijambo ryiwe» (Osservatore romano 11-12/2000).
1.2. UWO MUTIMA TURAWUBONA MU NYANDIKO NYERANDA (Le PapeFrançois, Lettre Apostolique Misericordia et misera, Rome, 20 novembre 2016, n°7)
Mw’ijambo ry’Imana, ivyo dusoma vyinshi ni ibitangaza bigaragaza urukundo n’ikigongwe vy’Imana. Mutima Mweranda mu vyo yoheje abanditsi batandukanye b’ibitabu vyeranda, yarerekanye urukundo n’ikigongwe vy’Imana, mu kwama hafi igihugu cayo ngo agitabare n’aho kiguma gihemuka. Ivyo turabibona n’aho twofata uturorero tumwe tumwe two mw’Ijambo ry’Imana:
Mu Bwuzure bwa kera: – Uwurwaye ku mubiri canke ku mutima arambaza urukundo n’ikigongwe vy’Imana kandi Imana irishura (raba Izaburi 51,1). – Ibindi bisomwa vyodufasha gutegera Urukundo n’ikigongwe vy’Imana ni nk’ibi bikurikira: Yobi 42,10-16; Esiteri 4,17; Nehemiya 9,30-32; Tobito 3,2-3; 11-12; 8,16-17.
Mu Bwuzure bushasha: -Ubuzima bwa Yezu n’inyigisho ziwe (Raba Saint Jean Paul-II, Lettre Encyclique Dives in Misericordia, 30 novembre 1980, n°3.) aguma agaragaza urwo rukundo n’ikigongwe vy’Imana kandi agatuma abigishwa biwe kugira nka we, maze urukiza rushikire zina muntu wese kw’isi (raba Jn 20,23, Luka 4,18-20; 15,11-32.) -Bikira Mariya aragaragaza Urukundo n’ikigongwe vy’Imana: «Agirira ubuntu (urukundo n’ikigongwe) abamwubaha bose uko imvyaro zikurikirana» (Luka1,50).
1.3. UWO MUTIMA TURAWUBONA MURI EKLEZIYA
Muri Ekleziya (Le Pape François, Lettre Apostolique Misericordia et misera, Rome, 20 novembre 2016, n°6), turahimbaza urukundo n’ikigongwe vy’Imana, cane cane muri liturjiya no mu masakaramentu turonka. Kandi urukundo n’ikigongwe vy’Imana ntibiherera mu majambo gusa, duhamagariwe kubigabana ngobiturange mu buzima (Raba Le Pape François, Lettre Apostolique Misericordia et misera, Rome, 20 novembre 2016, n°5)
Mu guhereza inkuka y’Imisa, ibice bitari bike (ibisabisho bivugwa, ijambo ry’Imana dusomerwa, insuguro yaryo) vyisunga urukundo n’ikigongwe vy’Imana Raba Le Pape François, Lettre Apostolique Misericordia et misera, Rome, 20 novembre 2016, n°5). Mu masakramentu yose turonka turagabana urukundo n’ikigongwe vy’Imana, ariko cane cane Isakaramentu ry’ikigongwe n’iry’isiga ry’abarwaye (Raba Le Pape François, Lettre Apostolique Misericordia et misera, Rome, 20 novembre 2016, n°5).
Urukundo ni co gikorwa ca mbere Imana yakoze ngo itwimenyeshe kandi ize guhura natwe. Yezu Kristu aradukunda, urukundo rwiwe rutugendera imbere igihe cose, ruduherekeza kandi rugumana natwe, n’aho turi abanyabicumuro (Raba Le Pape François, Lettre Apostolique Misericordia et misera, Rome, 20 novembre 2016, n°5) tuguma duhemuka kuri rwo.
✅ 2. UGUHEMUKA KU RUKUNDO N’IKIGONGWE VY’IMANA
Iteka ry’umuntu rishingiye cane cane k’uko yaremanywe agashusho k’Imana, kuko mu kumurema Imana yagize iti: «Tugire umuntu tumwishushanyeko, ase natwe» (Amamuko 1,26). Iryo teka riraheza rikagaragarira cane cane ku mwidegemvyo yaremanywe, hamwe n’agatima mpanuzi kamutuma ashobora gutandukanya iciza n’ikibi. Ni co gituma, mu biremwa Imana yaremye, umuntu ari ikiremwa gishobora guhemuka ku Mana. Ni we ashobora gucumura.
Ni co gituma muri iyi nyigisho, tugomba gushingira ku bibazo dushobora kwibaza, vyodufasha gutegera ingene ubwo buhemu bumeze dufatiye ku gicumuro n’inkurikizi mbi zaco.
Ivyo bibazo ni icumi: (1) Igicumuro ni iki? (2) Igicumuro n’ikosa biratandukanye? (3) Mbega hari uwucumura atabizi? (4) Mbega hoba hariho urutonde rw’ibicumuro abantu bakora? (5) Mbega ibicumuro birarutana? (6) Mbega ibicumuro vyose birarekurirwa? (7) Mbega igicumuro gikozwe ntigishamika, ntigikwega ayandi mabi canke ibindi bicumuro? (8) Mbega igicumuro rusangi kirabaho? (9) Mbega umuntu arashobora kubaho adacumura? (10) Inkwirikizi z’igicumuro ni izihe?
2.1 IGICUMURO NI IKI?
Ugucumura ni ukugarariza Imana, ukwikura ku Mana; ni ukugambararira Imana: «Ni wewe nacumuyeko, wewe musa, ikibi wanka ni co nakoze» (Izaburi 51,6). Igicumuro ni ico kintu cose kiza gutosekaza iteka ry’umuntu agikoze, kigatosekaza ubucuti n’urukundo afitaniye n’Imana, kigatosekaza imigenderanire afitaniye n’abandi, kikongera kigatosekaza ibidukikije n’ibindibiremwa. Igicumuro ni ukurenga ibwiriza (1Yoh3,4). Igitabu c’Ikatikisimu y’Ekleziya Katolika kiradusigurira neza igicumuro ico ari co mu mpande zose (raba mu nomero za 1849 na 1850)
2.2. MBEGA IGICUMURO N’IKOSA BIRATANDUKANYE?
Igihe cose umuntu akoze ikintu atazi ko ari kibi, nticitwa igicumuro; kiraheza kikitwa ikosa, canke agakora ikintu mugabo agasanga yihenze, ata gushaka kurimwo. Akarorero: uguteranya ibiharuro ugatora inyishu itari yo vyitwa ikosa. Canke mbere ikosa wakoze rigahanwa n’amategeko, ariko ata gushaka wabigiranye. Akandi karorero: gutwara imodoka ifise itara ritaka utabimenye. Ufashwe urahanwa kuko warenze itegeko, mugabo si igicumuro.
2.3. MBEGA UMUNTU ARASHOBORA GUCUMURA NTAMENYE KO YACUMUYE?
Iyo umuntu afise ubwenge bukwiye, akaba atamenyereje nabi agatima mpanuzi kiwe ngo kabe kamaze guhumana canke gukongatara, igihe cose yacumuye arabimenya. Twovuga tuti aravyiyumvamwo.
Ako gatima mpanuzi kameze nk’itara rimurika ibikorwa, amajambo n’ivyipfuzo vya muntu ngo bigaragare ko ari vyiza canke ari bibi. Karaheza kakereka umuntu ko yahisemwo inabi kandi abizi, kakongera kakamucira urubanza. Ni co gituma bigoye kuvuga ko umuntu ashobora gucumura ntabimenye. Kenshi ducumura tubizi, tugacumura n’ibigirankana, haba mu mvugo, mu ngiro, mu vyiyumviro no mu kwiyibagiza ivyo dutegerezwa.
2.4. MBEGA HOBA HARIHO URUTONDE RW’IBICUMURO ABANTU BAKORA?
Muri Bibliya no munyigisho z’Ekleziya baratubarira impengamiro mbi za kamere y’umuntu (Ga5,19-21: Ibicumuro ni ubuhumbu, uguhumana, ibiterasoni, ugusenga ibigirwamana, uburozi, urwanko, umuryano, ishari, ishavu, impari, amatati, amacakubiri, akayigo, akaborerwe, ubuhumbu burenze urugero, n’ibindi mwene ivyo), bakatubarira n’amabwirizwa tworangura (Ihunguka 20,1-17; Amategeko 5,6-21) (Raba CEC n° 2052-2557).
Eka mbere na ca gitabu c’Ikatikisimu y’Ekleziya Katolika kiravuga ko hari ubwoko bwinshi bw’ibicumuro (raba mu nko munomeroya 1852 na 1853).
2.5. MBEGA IBICUMURO BIRARUTANA?
Egome, hariho ibicumuro biremereye bijana mu rupfu n’ibitajana mu rupfu. Ariko inabi yose ni igicumuro (1Yohani 5,16-17) (Raba CEC n° 1854-1863.) Muri ca gitabu c’Ikatikisimu y’Ekleziya Katolika, barasigura neza baca irya n’ino uburemere n’ubudasa bw’ibicumuro (raba kuva ku nomero 1854 gushika ku ya1863).
Mu ncamake twovuga ibi:
Ibicumuro bigoye bijana mu rupfu (péchés graves), ni ivyo umuntu akora abizi ko bikomeretsa cane Imana n’umuryango w’abantu, akabigira n’ibigirankana kandi ntahahe. Ni ibicumuro vyerekeye ibintu bigoye nyene: (Raba 1Co 6,9-10, Ivyahishuwe 21,8, Efezi 5,5) n’ibindi nk’ubwicanyi (kwambura umuntu ubuzima canke gufasha n’ugushigikira uwica mu buryo ubwo ari bwo bwose, gushika n’aho bica uwutaravuka…); ubusuma bweruye (ukwiba itunga ry’igihugu, ugusahura utwotunze abakene n’abato bato, kumena uruhongore canke inzu y’uwundi ngo umutware utwiwe…); ukurenganya abandi; ubusambanyi bw’abatarubaka canke ukurenga ibigo n’uguhemukiranira ku bubatse; ugutuka Imana canke ukurahira Imana mu binyoma vyeruye; ukurenga ku ndahiro watanze izuba riva; ubuhakanyi n’ukunebagura ivy’Imana hamwe n’ibihezagiye vyeranda; ukutubaha n’ukunebagura abavyeyi canke abarezi, n’ibindi.
Ibicumuro bitagoye ntibijane mu rupfu (péchés véniels), ni vyo bitosekaza urukundo rw’Imana ariko bitaduca ku Mana ngo bitabagaze rwa rukundo rw’Imana n’abantu. Kenshi birava ku kameremere ya muntu, canke ku ngeso yizizira umuntu, nko gukaza ishavu, ibijajuro n’amajambo atameze ko, canke uruvugo rwa misi yose, ivyo umuntu akora canke yibagira gukora bishobora kubabaza abandi, n’aho aba atashaka kugira uwo ababaza, n’ibindi.
2.6. MBEGA IBICUMURO VYOSE BIRAREKURIRWA?
Vyose birarekurirwa, kiretse uwucumuye kuri Mutima Mweranda atarekurirwa (Mariko 3,29; Matayo 12,32; Luka12,10) (Raba muri ca gitabu c’Ikatikisimu y’Ekleziya Katolika, inomero ya 1864).
2.7. MBEGA IGICUMURO GIKOZWE NTIGISHAMIKA, NTIGIKWEGA AYANDI MABI CANKE IBINDI BICUMURO?
Ego cane, uruhererekane rw’ibicumuro rurabaho. Igicumuro kivyara akamenyero ko gucumura. Iyo umuntu yamenyereye gukora ikintu kibi, arashobora gushaka kugiheba bikamunanira, kuko umubiri canke ubwenge bwiwe bwamaze kumenyera ico kintu. Umuntu agaca agendera mu mpegamiro y’ikibi (Vice).
Aha twotanga akarorero nk’abanywa ibiyayuramutwe: iyo umuntu yabinyoye umwanya muremure, arashobora kwifatira ingingo yo kubiheba, ariko umubiri wabimenyereye ukaguma ubimusaba. Hari n’aho ashobora kubura itiro kuko atabinyoye, hari abava umwuna, hari ababura akayabagu, n’ibindi… Iyo mpengamiro y’ikibi irahava ikaza iracuvya agatima mpanuzi, uwucumura ntabe agitandukanya iciza n’ikibi.
Ntitwokwibagira za ngeso mbi nkuru nkuru indwi zivyara izindi ngeso mbi (péchés capitaux), zikavyara ibindi bicumuro: Ubwishime, ubunibuni, ubukunzi bw’inda, ubuhumbu, ishari, ishavu, ubunebwe.
Igitabu c’Ikatikisimu y’Ekleziya Katolika kiratanga umuco ku vyerekeye mwene ivyo bicumuro vy’uruhererekane (raba kuva ku nomero ya 1865 gushika ku ya 1869).
2.8. MBEGA IGICUMURO RUSANGI KIRABAHO?
Nkuko twabivuze, igicumuro cose gihera mu mutima w’umuntu. Turazi neza ko ata muntu acumura mu kibanza c’uwundi. Ariko rero, hari n’igicumuro twita igicumuro-rusangi. Ico na co ntigisigura icegeranyo (la somme) c’ibicumuro vyose abantu bakora.
Igicumuro rusangi ni igicumuro gifise imizi mu ntunganyo mbi y’imibano y’abantu, amashirahamwe canke mbere amategeko agenga ibihugu. Hari ibicumuro bigoye canke bitoyi bikwega umugwi w’abantu benshi kubera inabi yahavuye yiganza mu gihugu, mu migenzo no mu migenderanire y’abantu, bigasigara umengo ni ibintu bisanzwe mu buzima bwa misi yose (Péché structurel ou péché social).
Ni cane cane igihe inkozi z’ikibi umengo ni zo ziganje, n’uguhanwa ntizihanwe, maze inabi ikimonogoza, igiturire kigasasirwa indava, uguca iza ngondagonde bikaba akamenyero, urwangara mu bantu rukaba rwinshi, umwe wese akarondera kwigwanako abicishije mu nzira zitabereye (nk’ukwiba, kurenganya, kurenga amategeko y’igihugu amenya, kugira urwangara ku kazi canke mu mirimo y amisi yose, ukagira uti bose ni ko bagira, n’ibindi.)
Muri ico gihe abantu barimenyera, kuko ata wamira canke ata wuhana, inabi ntibe icitwa inabi, igicumuro ntikibe kicitwa igicumuro, tugashigikirana canke tugakingiranira ikibaba mu nabi, ndetse tugatinya no guhanurana.
2.9. MBEGA UMUNTU ARASHOBORA KUBAHO ADACUMURA?
Aha hariho amajambo dutegerezwa gutegera neza. Mw’Ikete rya mbere rya Yohani 3 bati: «Uwavyawe wese n’Imana nta gicumuro akora». Igicumuro kivugwa uwavyawe n’Imana adashobora gukora ni ukwanka mwene wabo (1Yoh.4,7). Urukundo na rwo ruzimanganya ibicumuro vyinshi: «Imbere ya vyose, nimugiriranire urukundo rwuzuye, kuko urukundo rurahisha ibicumuro vyinshi» (1P4,8). Ubundi uwo Yohani aradukurira inkoni ku gishitsi. Raba 1Yoh.1,8: «Tuvuze yuko ata gicumuro dufise, tuba twihenze twebwe nyene, kandi ukuri ntikuba kuri muri twebwe».
Kuva abavyeyi bacu ba mbere (Adamu naEva) bacumuye, abantu bose bavukana igicumuro c’inyanduruko. Ico gicumuro si icaha umuntu kanaka yakoze, ariko ni impengamiro mbi yamaze kwinjira muri kamere y’abantu bose, ari yo ituma dukora igihushanye n’ishaka ry’Imana.
2.10. MBEGA INKURIKIZI Z’IGICUMURO NI IZIHE?
Igicumuro cose umuntu akora kirafise ingaruka mbi, kuko kimuca ku Mana, kikamutwara iteka n’ubuntu, kigasambura imigenderanire myiza yiwe n’abandi bantu, kikongera kigatosekaza ibidukikije.
2.10.1. Igicumuro kidutandukanya n’Imana
Imigenderanire umuntu afitaniye n’Imana ishinze imizi mu rukundo Imana ikunda ivyo yaremye. Kugira ngo iyo migenderanire igume imeze neza, Imana yarashizeho amategeko n’amabwirizwa, kugira ngo umuntu amenye neza icomugirira akamaro, akirangure, maze agire ubuzima bwiza. Igicumuro cose umuntu akora kiraheza kikamugirira ingaruka mbi, mu gutosekaza ubunywanyi afitaniye n’Imana. Uturorero ni twinshi muri Bibliya: Raba Amamuko 3,8;4,14,2, 2Samueli 12,9-10, Lc 15,13-16.
Turavye muri ibi bihe umuntu yiciye ku Mana agahemuka ku rukundo rw’Imana, aca agendera mu mwijima, akazimiza benshi. Ibi bivugwa vy’imico mishasha (Nouvelle Ethique mondiale) bizanwa n’abantu biciye ku Mana. Bagakora ikizira, ivumwe,bimwe vya Sodoma na Gomora. Inkwirikizi muravyumva ni amahano.
2.10.2. Igicumuro kiratosekaza imigenderanire dufitaniye na bene wacu
Igicumuro kironona imigenderanire abantu bafitaniye. N’aha Uturorero ni twinshi muri Bibliya:
-Adamu na Eva bacumuye baciye batangura kwagirizanya (Amamuko 3,12-13).
-Yakobo yivye umuhezagiro Ezawu (Amamuko 27,27-29), Ezawu yaramwanse, arondera kumwica, Yakobo aca arahunga (Amamuko 27,41-45). Raba kandi 2Samueli 24,10-17; Lc 15,28-32.
Ibiboneka muri ibi bihe ino iwacu ni uko igicumuro ari wo muzi w’ayandi mabi (Jean Paul II, Reconciliatio et paenitentia, Rome, 2décembre 1984, n°3): kivyara rero indyane mu ngo hagati y’abubatse, indyane mu mibano itandukanye, mu kazi; kivyara amacakubiri abantu dukomeza, yaba ay’amoko, ay’imigambwe, ay’amadini, ay’intara; kivyara indwano hagati y’imigwi, y’amoko n’ibihugu, maze ubwicanyi, amarira n’amaganya bikaba ndanse.
2.10.3. Igicumuro kiratosekaza iteka n’ubuntu vya nyene kugikora
N’aha uturorero ni twinshi muri Bibliya:
-Dawudi yacumuye akicisha Uriya, yaciye abona ko amaraso yasheshe amwuzuyeko (Izabuli 51,16), nta bwiza agira (Izabuli 51,9), nta bukomezi agira (afise umutima uhugumbwa (Izabuli 51,12), amagufa na yo yiwe yaravunaguritse kubera igicumuro (Izabuli 51,10). Agiye kugira amagorwa menshi kubera igicumuro (2Samueli 12,11); Raba kandi amamuko 3,8.16-19.
Twebwe abakristu, mu gucumura turatosekaza iteka twagabanye umusi twabatizwa, kuko ibatisimu yatugize beranda. Murumva urwo rukundo uko rungana. Ko umwana w’Imana yashimye gusa natwe muri vyose ndetse igicumuro, birabereye ko natwe tugira ubwiza nk’ubwiwe, tukwuzura na we mu kurwanya icitwa inabi cose.
2.10.4. Igicumuro kiratosekaza imigenderanire dufitaniye n’ibidukikije
Igicumuro c’abantu kirashobora gutosekaza imigenderanire umuntu asanze afitaniye n’ibindi biremwa bidukikije. N’aha uturorero ni twinshi muri Bibliya:
-Adamu acumuye, Imana yaciye imubarira ko isi izovumwa kubera we (Amamuko 3,17).
-Umuhanuzi Izaya, avuga ati: «abantu nibaheba gukora akabi, gucumura, ibindi biremwa bidukikije na vyo nyene bizoca vyibanira mu mahoro» (Izaya 11,6-8). Raba kandi: 1Abami 16,30-17,1.
Turavye no mu buzima bwa misi yose, abantu bari mu ndyane ibidukikije birahahonera. Ibitungwa biratemagurwa, bikicwa kubera indwano, kandi ababitemagura ntibaba bakeneye kubirya; imirima iratemagurw aitarera, ibiti birahona, ibikoko birahunga, n’ibindi.
Mu gusozera, nogira nti uwemeye akakira urukundo n’ikigongwe vy’Imana ni we aheza akabona ko yacumuye (Raba CEC n°1847), maze agasaba ikigongwe. Turatumiriwe gukabura agatima mpanuzi kacu ntigatimbire mu kibi, nyabuna kagume kari maso, ntigasinzire, katurinde guhemukira Imana no gucumura; twame twuzuye n’Imana.
✅ 3. UKWUZURA N’IMANA MU GUHIMBAZA NEZA ISAKRAMENTU RY’IKIGONGWE
Umukristu amaze kubatizwa, iyo yacumuye akaba ashikanye imyaka yo kuzirikana, arahamagarirwa kwuzura n’Imana mugusaba isakramentu ry’Ikigongwe. N’aho tuzi ko amayira y’Umukama ari menshi, turemeza ko Umukama yashinze amasakramentu ngo amubere ibimenyetso n’ibikoresho acako ngo abandanye atwuzuriza n’Imana n’abagenzi, na cane cane Isakramentu ry’Ikigongwe.
Nta wogira ngo ibatisimu yaronse irakwiye, na kare ku bakristu ba mbere, isakramentu ry’ikigongwe ryategerwa nk’iriza kunagura isakramentu ry’ibatisimu. Ni co gituma mu ntango z’Ekleziya, umukristu yari arekuriwe guhabwa isakramentu ry’ikigongwe rimwe gusa.
Ibatisimu irazimanganya ibicumuro vyose n’inkurikizi yavyo, ni vyo, kandi tubikesha inema y’Imana. Aho uruhara rw’uwubatijwe ni ukwanka igicumuro, agahindukirira Kristu mu kwemera, bikaba bitandukanye n’Isakramentu ry’Ikigongwe.
Uwabatijwe acumuye arakomeretsa umutima wiwe, bigaca bikomeretsa imigenderanire yari afitaniye n’Umuremyi, n’umuryango w’Ekleziya yavukiyemwo, eka n’ivyaremwe vyose. Kugira ngo iyo migenderanire isubire ku murongo, biramusaba kwinjira mu nzira y’ubutungane, nk’ukoYezuKristu yabiduhayeko ibwirizwa.
Murumva rero ko ayo masakramentu abiri adasa. Iyo nzira rero igizwe n’intambwe zitanu zose zihambaye, kuko imwe yunganira iyindi, kugira ngo ukuninahaza neza isakramentu ry’ikigongwe kubeo ukw’ukuri.
Hari: ukwisuzuma, ukwigaya bijana n’ukwigira inama y’ukuva mu kabi, ukwirega, ukurekurirwa, ukwishura.
3.1. UKWISUZUMA (l’examen de conscience)
Umukristu yipfuza kugabana ikigongwe c’Imana, arafata umwanya wo kwinjira mu mutima wiwe, kuko igicumuro kiri mu mutima kandi kimugirira nabi (raba Mariko 7,21-22), kuko ari imizi y’amabi menshi, nk’uko twabibonye. Muri ukwo kwisuzuma, ntagarukira ku kudondagura ibicumuro gusa yakoze. Muri ako gacerere, abanza nyabuna kuzirikana urukundo n’ikigongwe vy’Imana iyo bigera, gushika aho avuga ati: «Umvirize kandi murabe ukuntu» (Iz.34,9).
Uwuja kwisuzuma neza amurikirwa n’Ijambo ry’Imana, akibuka ko ya mabwirizwa y’Imana ari nk’icegeranyo c’iryo Jambo ry’Imana, Imana yahaye abayo ku bw’urukundo ibafitiye, igomba ko boguma mu bunywany ibwabo, bakagumya umwidegemvyo w’abana b’Imana.
Ntitugafate amabwirizwa nk’imiziro. Twayaronse ngo adufashe kuguma mu rukundo rw’Imana no mu rukundo hagati yacu. Ukwisuzuma guca kuba nk’ukwibaza ko muri vyose twagendeye urukundo rw’Imana, kandi twabanye na bose mu rukundo rw’abavukanyi, rutirondera, kandi rwugurukiye bose.
3.2. UKWIGAYA BIJANA N’UKWIGIRA INAMA (la contrition et les résolutions)
Ukwigaya twakumenyeshejwe n’Imana (raba Luka 15,7.10). Iyo umukristu yihweje ingene Imana ari umuvyeyi mwiza, yuzuye urukundo, arumva yuko ababajwe n’uko yatutse umuvyeyi, yakomerekeje urukundo rwiwe, akumva ko yanse n’umutima wiwe igicumuro, kandi agaca yigira inama nziza yo kugiheba, agatangura ubuzima bushasha.
Dawudi amaze gukora ikibi mu maso y’Imana (raba 2S.11-12) ati: «Nkako, ndemeza ivyaha vyanje, igicumuro canje cama imbere yanje, Ni wewe nacumuyeko, wewe musa, ikibi wanka ni co nakoze» (Ps 51[50],5-6).
Umukristu atarabona ububi bw’igicumuro, ntashobora kukigaya, atakigaye ntashobora kugiheba. Vyongeye, umukristu abonye gusa ububi bw’igicumuro, ntiyibuke ubuvyeyi bw’Imana butuma itwamanira impuhwe igihe cose, ntashobora kuronka ingoga z’ukwubahuka kuja kwirega. Ah’ubwo yoca aja kwimanika nka Yuda (raba Matayo 27,3-5), aho kugaruka mu nzu y’umuvyeyi nka wa mwana w’igihumbu (raba Luka 15,17-20).
Ikindi twomenya ni uko iyo umukristu yisuzumye neza, amurikiwe n’ubuntu n’urukundo Imana idukunda, akigay abivuye ku mutima, afise intumbero yo kuja kwirega, muri uwo mwanya, bishitse akabura umusaserdoti amwiregesha, Ekleziya iratwigisha ko uko kwigaya gushitse kumuronkera ikigongwe c’Imana. Ariko yame yibuka ko abwirijwe kurondera vuba bwango kuja kwirega ivyo bicumuro ku musaseredoti mw’isakramentu ry’ikigongwe. Nk’uko ntakirisubirira.
3.3. UKWIREGA (l’aveu, la confession)
Ukwirega kwashinzwe na Kristu Mukama ubwiwe (raba Luka17,11-14). Yohani na we ati: «Twemeye ibicumuro vyacu, (Imana) yo ntihemuka ni intungane, bituma iturekurira ibicumuro, kandi ikatwoza inabi yose» (1Yoh.1,9).
Kwirega rero ni ibwirizwa ry’Imana ku mukristu wese acumuye inyuma y’Ibatisimu. Yezu Kristu agomba gusubira kwa Se yarashinze abatumwa n’abasubirizi babo kumubera mu kibanza (raba Yoh.20,22-23). Abasaserdoti bamubereye mu kibanza nk’abacamanza n’abaganga. Ni bo babwirwa ibicumuro bigoye n’ibitagoye ataco bahishijwe. Yoronimu mweranda ati:«Umurwayi atewe isoni n’ukwereka umuganga igikomere, ubuvuzi ntibuvura ico butazi». Iri jambo rirahambaye.
Ni co gituma ukwirega atari ukugaragaza gusa ukwemera imbabazi z’Imana, ni n’ukwubahuka kuvuga igicumuro wakoze, utarondera kucorosha canke kwisigura. Ko ivyo ubarira umusaseredoti ubibwira Imana, none wumva ugomvye guhishirira inabi mu kwanka kuyidomako urutoke, iyo Mana ibona vyose yoguha ikigongwe kandi uyibeshe?
Ni vyiza mbere ko tumenya ko utagomvye kuvuga neza ibicumuro vyawe, uba waje kubesha Imana, ah’ukugirirwa ikigongwe, uva mucemerezo wongeyeko ikindi gicumuro ku vyo wajanye: igicumuro c’ukugomba kubesha Imana!
3.4. UKUREKURIRWA (l’absolution)
Umusaserdoti yubitse ibiganza ku mutwe w’uwigaye, ariko ntamukoreko (iyo hari icemerezo ho amwerekezako ibiganza), aramuvugirako, kw’Izina rya Kristu, rya jambo Kristu we nyene yavugira ku wo agiriye ikigongwe, ngo: «Ndakurekuriye ibicumuro vyawe».
Igisabisho umusaserdoti akoresha cerekana ko ukwuzura n’Imana bivuye ku kigongwe c’Imana ubwayo, ku bw’urupfu n’izuka rya Kristu no ku bwa Mutima-Mweranda azimanganya akabi kacu, ariko kandi kikerekana uruhara rw’umuryango w’Ekleziya, kuko ukwuzura n’Imana n’abagenzi gusabwe kandi gutanzwe n’ubutumwa bw’Ekleziya biserukiwe n’umusaserdoti. Ariko ukwemera kwonyene ni kwo kwemeza ko muri uwo mwanya igicumuro cazimanganye.
Mu bisanzwe, umusaseredoti yomuvugiyeko amajambo y’ukumurekurira, uwirega ahejeje kuvuga igisabisho c’ukwigaya. Ariko kubera ko abakristu benshi bashobora kuza kwirega bahejeje kuvuga igisabisho c’ukwigaya, umusaseredoti arashobora guca amuvugirako ayo majambo, ahejeje kumuha impanuro be no kumubwira impongano.
3.5. UKWISHURA (la réparation, la pénitence ou la satisfaction)
Ukwishura tukwigishwa n’Imana: raba Luka 19,8. Umukristu ahuye na Yezu mw’Isakramentu ry’ikigongwe, aronka inguvu zo kwishura ivyo yononye, agatangura ubuzima bushasha. Kwishura biradufasha kuvavanura n’ikibi, bikadufasha kuguma tugavye.
Mu kwishura nta we bakorera amananiza, kuko Yezu yaramaze kutwishurira vyose. Impongano rero ntizogarukira ku bisabisho vyo kuvuga gusa canke ku kurangura ibikorwa vy’Ikigongwe uwuje kwirega ahabwa n’umusaseredoti.
Zirya mpongano zitangwa ni nk’ikimenyetso gusa. Impogano y’ukuri ni irya umuntu we nyene aca abona ko yokora yiyumviriye ububi bw’igicumuro yakoze, akabona n’ubuvyeyi Imana imweretse. Zake amaze guhura na Yezu, akabona ubuntu amugiriye, yaciye we nyene ubwiwe yicira impongano y’ivyo agiye gukora, kugira ngo asubirize mu ndumane urukundo Imana imweretse.
Nitumenye kuja turibwiriza ibikorwa vyiza vy’urukundo twoja turakora nk’impongano twihaye y’urukundo, kumwe nyene kw’umuntu iyo yashaye ku mukunzi aca yibwiriza ico yomukorera ngo asubire kumunezereza.
💠 GUSOZERA: IVYAMWA VY’ISAKARAMENTU RY’IKIGONGWE
Icamwa nyaco ca mbere kivuye ku kigongwe umuntu agabana mw’Isakramentu ry’Ipenetensiya ni ukwuzura n’Imana. Ukwo kwuzura n’Imana kuza nk’umuti, umukristu akumva yuzuye inguvu zimufasha gusubira kwubaka ikiraro kimufatanya n’umuryango w’Ekleziya n’abawugize, mbere n’ivyaremwe vyose.
Uwarekuriwe, abizirikanye arumva yuzuye umutima w’ubukengurutsi n’amahoro menshi, kandi aremye mu mutima. Kandi akumva uruhoza mu mutima wiwe. None rero «Turabasavye, kw’izina rya Kristu, ngo mwuzure n’Imana» (2Kor 5,20). Vyongeye, nk’uko muvyumvise, icamwa ca kabiri ni uko ukwo kwuzura n’Imana bimufasha kwuzura n’abandi, akongera akwuzura n’ibidukikije.
Inyigisho z’Ekleziya, n’Inama nkuru ya Vatikano-II idusubiriramwo, ni uko kugira ngo ivyo umuntu abishikeko, uguhimbaza isakramentu ry’ikigongwe be n’ayandi masakramentu nyene bitoba gusa nk’umugirwa umuntu yama arangura kuko babimutegereje. Ekleziya idusaba ko uguhimbaza isakramentu nk’iryo vyoza umuntu yavyiteguriye neza, ku buryo ico kiringo c’uguhimbaza isakramentu kiza ari nk’iherezo ry’inzira y’uguhinduka n’ugusubiza hamwe umuntu aba yamaze gutangura kujamwo.
Kugira ngo tuvyumve neza, tuje turibuka ka karorero ka wa mwana yikura mu muryango wa se akaba igishushungwe (raba muri Luka 19). Uzirikanye neza ivy’uriya mugani uca ubona ko uguhura n’umuvyeyi wiwe bagasubira kunywana, vyabaye nk’ugusozera urugendo rw’ukugaruka kwa se, yari yatanguye akiri mu mahanga.
Ni co kimwe rero n’ibi vy’amasakramentu. Turabwirijwe kubanza kwigira inama nziza y’ukuja mu nzira y’ico tugomba gusaba Imana. Ni co gituma uwuja kwirega neza abanza kwigira inama nziza y’ugusubiza hamwe n’Imana be n’abandi, kugira ngo isakramentu aja guhabwa rize rimuronsa inema n’ingoga zibimushoboza, kuko n’Abarundi barayamaze bati: «Imana ifasha uwifashije!»
Ese rero twese abakristu twohurumbira bivuye ku kwemera no ku mutima isakramentu ry’ugusubiza hamwe n’Imana be n’ugusubiza hamwe n’abandi. Kandi uko turyirukira tugomba “kwuzura n’Imana” ibanza kuturekurira, akaba ari ko riduha ubukomezi bw’ukurekurira abandi, kugira ngo dusubize hamwe n’abo tutakiri kumwe, twuzure na bo, tubane mu mahoro nk’ukwo nyene bibereye abana b’Imana.
Bujumbura, 05 Ruhuhuma 2024, Ku bw’Ibiro ntunganyabutumwa vya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura;
Mgr Anatole Ruberinyange, Vicaire Général
Mu kwisomera inyigisho yose iri hamwe ku rwandiko, fyonda ngaha: http://www.archidiocesedebujumbura.bi/dbase/ik/article/2165/20022024_044648_47.pdf
Mushobora kandi kuyisanga ku muhora w’amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura: https://archidiocesedebujumbura.bi/ik/at2163/
Vous devez être connecté pour poster un commentaire.