Blog

Indwi ya 5 ya Pasika : ku wa gatandatu

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (16, 1-10)

Muri irya misi, Pawulo aragenda i Derbe n’i Listra. Ashitseyo, ahasanga umwigishwa yitwa Timote, umuhungu w’Umuyudakazi yabaye umukristu, se na we akaba Umugereki. Benewabo bo muri Listra no muri Ikoniya baramushima kubera ivyiza yakora. Pawulo ashatse ko bajana na Timote abanza kumwatira amugira Umuyuda, kuko Abayuda bariho bari bazi neza ko se ari Umugereki. Aho baca mu bisagara, baza barabwira ababibamwo inama yashinzwe n’abatumwa be n’abakurambere bari i Yeruzalemu, bakabihanikiriza ngo bayikurikize. Uko ni ko amakleziya yakomera akongerekana uko bukeye uko bwije. Bashitse muri Aziya mu ntara ya Firijiya n’Ubugalati, Mutima Mweranda arababuza gukura ijambo ry’Imana mu kanwa. Bashitse ku nkiko y’intara ya Miziya, bagomba kuja i Bitiniya, Mutima wa Yezu arabamira. Baciye muri Miziya baja mu gisagara ca Torowasi. Mw’ijoro, Pawulo abonekerwa n’umuntu wo muri Masedoniya ahagaze amutakambira ati: «Jabuka, n’uze muri Masedoniya, udutabare!» Pawulo abibonye atyo, duca dufashako turora muri Masedoniya, kandi twari twajijutse ko ari Imana iturungitse kwigishirizayo Inkuru nziza.

IZABURl 99 (100) 1-2, 3.5

Icit.: Abari kw’isi yose, nimuvugirize Umukama impundu. Canke: Aleluya.

Yemwe abari kw’isi yose, nimuvugirize Umukama impundu, nimukorere Umukama n’akanyamuneza, muze mu nyonga ziwe muririmba.

Mumenye yuko Umukama ari we Mana: ni We yaturemye natwe turi abiwe, turi ingabo ziwe, turi intama zo mu busho bwiwe.

Erega, Umukama ni mwiza, urukundo rwiwe rwamaho, arakwiye kwemerwa mu myaka n’imyaka.

INKURU NZIZA

Aleluya.

Kristu yategerezwa kubabara no kuzuka mu bapfuye, kugira ngo yinjire mu buninahazwa.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (15, 18-21)

Muri irya misi, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Isi niyabanka, mumenye ko yatanguye kwanka jewe. Iyo muba muri ab’isi, isi yokunze ivyayo; ico isi ibankira ni uko mutari ab’isi, ariko nabakuye kw’isi mu kubatora. Nimwibuke ijambo nababwiye: umusuku ntasumba shebuja. Nibaba barampamye, bazobahama na mwebwe; nibaba barazigamye ijambo ryanje, bazozigama n’iryanyu. Ego ivyo vyose bazobibagirira ku bw’izina ryanje, kuko batazi Uwantumye.»

Bonne année 2026

Turi muri 2026Nous sommes en 2026We are in 2026Tuko mu 2026, meilleurs voeux!

Les 10 commandements de Dieu

Les 10 commandements de Dieu :* Un seul Dieu tu adoreras et aimeras parfaitement* Son saint nom tu respecteras, fuyant blasphème et faux serment* Le jour du Seigneur garderas, en servant Dieu dévotement* Tes père et mère honoreras, tes supérieurs pareillement* Tu ne tueras pas.* Tu ne commettras pas d’adultère.* Tu ne voleras pas* Tu ne…

Gahahe yarabaye Paruwase ica yitirirwa Yezu Umwungere Mwiza.

Hari mu misa y’isaha zine kuwa gatandatu italiki 15/11/2025  twakira ya ngabire ya Paroisse nshasha ya Gahahe. Paroisse igira kane ivyawe na Paroisse Kinama mu myaka icenda gusa. « Ivyo Umukama yatugiriye n’agatangaza natwe turi mukanyamuneza » Ps 125, 3.

Indero

🚨🚨 INKURU IBABAJE CANE😥😥 Umusore w’imyaka 20 yaciriwe igihano co gupfa kubera yafashwe yivye ibisharizo (bijoux ) mw’iduka abanje kwica umunyezamu w’aho,amukubise ikibando mu mutwe. Hasigaye amasaha make kugira bamunyonge,uburongozi bw’ibohero bwamubajije ico ashaka gukora ubwa nyuma?Nawe asaba ko bamuha urupapuro n’ikaramu yandike ubutumwa bwiwe bwa nyuma. Ni urwandiko rwari rugenewe umuvyeyi wiwe(maman) rwagira ruti: »Muvyeyi…

Catéchèse

CATECHESE DU JOUR PAR Médard Nkunzimana, Catéchiste. THÈME : TU M’AS CHOISI ET TU M’AS ENVOYÉ. LA PAROLE DE DIEU : Jérémie 1,4-10 L’élection de Jérémie4 Alors le Seigneur me donna une parole disant :5 «Avant de te créer dans le sein maternel, je te connaissais.Avant ta naissance, je t’ai choisi,Je t’établis pour être un prophète…

Inyigisho

INYIGISHO Y’UMUSI NA Médard Nkunzimana, Umumenyeshamana. UMUTWE W’ICIRWA: WARANTOYE, URANTUMA IJAMBO RY’IMANA: Yeremiya 1,4-10 Itorwa rya Yeremiya4 Ni uko rero Umukama anshikiriza ijambo avuga ati:5 «Imbere y’uko ndakurema mu nda y’uwakwibarutse, nari ndakuzi.Utaranavuka, narakwitoreye,ndakugena ngo ube umuhanuzi w’amakungu.»6 Ndaheza mvuga nti: «Ha! Mukama Mana! Ehe sinzi kuvuga, kuko ndacari muto.»7 Umukama na we ambwira ati:«Ntuvuge uti: “Ndacari muto”.Kuko uzogenda…

Un problème est survenu. Veuillez rafraîchir la page et/ou réessayer.


Abonnez-vous à mon blog

Recevez directement le nouveau contenu dans votre boîte de réception.

Concevoir un site comme celui-ci avec WordPress.com
Commencer