Indwi ya 5 ya Pasika : ku wa kane
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (15, 7-21)
Muri irya misi,
Nk’uko vyabaye mu nama kera, Petero arava hasi ababwira ati: «Bagenzi, murazi ko mu misi ya mbere Imana yantoye muri mwebwe ngo mbwire abanyamahanga ijambo ry’Inkuru nziza kugira ngo bashobore kwemera. Imana ibona imishaha, yaravyerekanye mu kubaha Mutima Mweranda nka twebwe. Ntiyabasobanuye muri twebwe, yaratyoroye riho imitima yabo mu kubaha ukwemera. Igituma muriko murageza Imana ubu mu kubwiriza abigishwa ivyo batoshobora, ivyo na twebwe nyene n’abasokuruza bacu tutashoboye, ni iki? Turemeye ko ari kubw’ubwiza bw’Umukama Yezu tuzokira nka bo.» Ishengero ryose rero rica riranuma. Ariko barumviriza Baranaba na Pawulo bariko barabiganira ingene Imana yari yarabafashije mu kugira ibimenyetso mu banyamahanga.
Bahejeje kubiganira, Yakobo arababwira ati: «Bagenzi, ntege amatwi: Simoni yatubwiye ingene kuva na mbere Imana yaramukije abanyamahanga, kugira ngo ihironkere igisata. Ivyo vyerekana amajambo y’abahanuzi, kuko handitswe ngo: Ivyo biheze, nzogaruka kandi nshinge ihema rya Dawudi ryari ryahenutse, nzovyura ivyasenyutse, nsubire ndarishinge, kugira ngo abasigaye bibuke Umukama, kandi n’ibihugu vyose bitabaze izina ryiwe bimwibuke nk’uko Umukama abitubwira, we azi vyose kandi akaba ari we abigira imyaka n’imyaka. Ni co gituma ngira nti: Nimureke kugora abanyamahanga bahindutse bakemera. Nibababuze gusa ivyahumanijwe n’uguterekera, bababuze ibiterasoni, inyama zaniguwe be n’ikiremve. Ni ukubera ko kuva na kera hose Musa yari afise abamuvuga mu bisagara vyose, uko isabato ije, bakama babisoma mu masinagoga nk’uko vyari vyanditswe.»
IZABURI 95 (96) 1-2an 2b-3, 10
Icit.: Nimumenyeshe isi yose
ibitangaza vyagizwe n’Imana!
Canke: Aleluya.
Vyinire Umukama akavyino gashasha,
nawe si iyo uva ukagera, vyinira Umukama,
vyinira Umukama, izina ryiwe rihezagirwe.
Uko bukeye uko bwije, nimumenyeshe urukiza rwiwe,
muyaga ubuninahazwa bwiwe mu ntara zose,
mumenyeshe ibihugu vyose ibitangaza yakoze.
Cire agace abanyamahanga muti: «Umukama ari ku ngoma!
Ni we yagize isi itayegayega;
ni we acira urubanza isi akurikije ubutungane.
INKURU NZIZA
Aleluya.
Ni vy’ukuri, turavyiyiziye: Kristu yarazutse.
Mwami, Nyeninganji, tuzigamire mu rukundo rwawe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (15, 9-11)
Muri irya misi,
Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Uko Data yankunze, ni ko nanje nyene nabakunze: nimugume mu rukundo rwanje. Nimwazigama amabwirizwa yanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nyene nazigamye amabwirizwa ya Data nkaguma mu rukundo rwiwe. Ndababwiye ivyo, kugira ngo akanyamuneza kanje kabe muri mwebwe bwite, maze akanyamuneza kanyu kuzure.»