Idominika ya 6 ya Pasika mu mwaka A
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (8, 5-8. 14-17)
Barabagaranzurirako ibiganza, baronka Mutima Mweranda
Muri irya misi,
Filipo yari yamanutse mu gisagara c’i Samariya kumenyesha Kristu. Abamutega yompi bari indiri, kuko bose bumva canke bakibonera ibitangaro yakora. Abari biziziwe na Shetani, yarabavamwo ikagenda iraboroga; kandi abari bamugaye n’abacumbagira benshi yarabakiza. Igisagara cose cari mu kanyamuneza.
Abatumwa bo bari bagumye i Yeruzalemu, bumvise ko Samariya imaze kwigishwa Ijambo ry’Imana, barungikayo Petero na Yohani. Na bo bamaze gushikayo, barabasabira ngo Mutima Mweranda abazeko; bari bamaze kubatizwa gusa kw’izina ry’Umukama Yezu, mugabo nta n’umwe yari bwaronke Mutima Mweranda. Nya batumwa rero barabagaranzurirako ibiganza, baronka Mutima Mweranda.
IZABURI 65 (66) 1-3a, 4-5, 6-7a, 16. 20
Icit.: Bantu muri kw’isi yose, shimagize Imana.
Canke: Aleluya.
Bantu muri kw’isi yose, shimagize Imana,
muririmbire izina ryayo rininahaye,
muhimbaze ishimagizwa ryayo!
Mubwire Imana muti: «Ibikorwa vyawe ni agahambaye!»
Abari kw’isi yose baricisha bugufi imbere yawe,
bakayaga, bakaririmba izina ryawe!
Nimuze, mwirabire ibikorwa vy’Imana,
ibitangaza yagiriye abantu ni agahambaye.
Yarahinduye ikiyaga ahumutse,
abantu barijabukiye uruzi, ibirenge bidakandagiye mu mazi.
Aho ni ho dukura akanyamuneza kacu,
kuko ategekana ububasha imyaka n’imyaka.
Abubaha Imana mwese,
nimuze mwumvirize ivyiza yangiriye.
Imana n’ishimagizwe, Yo itirengagije igisabisho canje,
ntinyime urukundo imfitiye.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Petero (3, 15-18)
Yarishwe ku vy’umubiri, ariko yarasubiye kuba muzima ku vy’umutima
Ncuti zanje,
Nimwubahe mu mishaha yanyu Umukama Yezu, mwame mufise iryo mwishura uwo wese ababaza igituma mufise umwizero. Mubigirane icubahiro, n’umutima wanyu utekanye, kugira ngo, kubera imigenzo myiza mufise muri Kristu, abababeshera bataterwe mu kubavuga nabi.
Na none, mwopfuma mubabara muhorwa iciza mukora, iyo ari co Imana ishaka, hako muhorwa inabi. Nangwa na Kristu We nyene yarapfuye rimwe rizima kubera ibicumuro, We ntungane apfira abononyi, kugira ngo adushikane ku Mana. Yarishwe ku vy’umubiri, ariko yarasubiye kuba muzima ku vy’umutima.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Uwunkunda azozigama ijambo ryanje,
na Data azomukunda, duheze tuze iwe.»
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani Mweranda (14, 15-21)
Nzosaba Data, na We azobaha uwundi Mutabazi
Yezu yazutse
Mu gihe yari mu kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se wiwe,
Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Nimwaba munkunda, muzozigama amabwirizwa yanje, nanje nzosaba Data, na We azobaha uwundi Mutabazi muzokwamana imisi yose. Azobaha Mutima w’ukuri, isi idashobora kwakira kuko itamubona ntinamumenye. Mweho muramuzi kuko abana namwe kandi ari muri mwebwe.
Sinzobasiga muri impfuvyi, nzogaruka kubaraba. Ni akanya gato isi ntibe ikimbona; mweho yamara muzombona, kuko ndiho, namwe nyene muzobaho. Kuri uyo musi, muzotegera ko ndi muri Data, namwe muri jewe, nanje muri mwebwe. Uwakira amabwirizwa yanje akayazigama, ni we ankunda: na we uwunkunda, azokundwa na Data, nanje nyene nzomukunda nongere ndamwimenyeshe.»