Ijambo ry’Imana ryo ku wa 28/7/2020

Indwi ya 17 yo mu mwaka : ku wa kabiri (Années paires)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (14, 17-22)

Ng’iri iryo Umukama yambwiye: Weho, n’ubabwire iri jambo: Amaso yanje acunduguta amosozi, ijoro n’umutaga adahengeshanya; kuko wa mwigeme ari we mukobwa w’igihugu canje, yakomeretse uruguma rwanka gukira. Iyo ngiye mu gahinga, nsangayo abasogoswe n’inkota; iyo nsubiye mu gisagara, nsangayo abazingamitswe n’amapfa. Koko, abahanuzi n’abaherezankuka bose bariko barayerera mu gihugu cose nk’abayobewe ubwenge, bati: «Mbega, Mukama, waciye Yuda ruhebwa? canke se umutima wawe wanse Siyoni urunuka? Igituma wadukubise, tukabura ikituvūra ni iki? Twari twiteze impore, ariko nta vyiza twabonye! Twari twiteze urukiza, tugwa igihumura! Erega, Mukama, ubuyobe bwacu twarabwemeye, tukemera n’ububisha bwa ba sokuru bacu. Ni ko, twaracumuye kuri Wewe, ku bw’izina ryawe, reka kutwirukana; ntutiture uruvyagiro rw’Ubuninahazwa bwawe. N’utwibuke, ntupfishe ubusa Isezerano wasezeranye natwe. Mu bigirwamana vy’imburakimazi vy’abapagani, hari icoshobora kurekura imvura? Canke, ijuru ubwaryo ryoshobora kurekura imvura y’umuriri? Mbega, uwubishobora si Wewe, ga Mukama? Mana yacu, ni Wewe twizigiye, kuko ari Wewe waremye ivyo vyose.»

IZABURI 78 (79) 8, 9, 11, 13

Icit.: Kugira ngo izina ryawe rininahazwe, n’uturokore, Mukama!

Ntuduhore akabi k’abasokuru, bandanya riho udushigikize imbabazi zawe, kuko amagara ariko aratuvako.

Dufashe se Mana tuzeyeko ugutabaruka, maze ubigire ngo uninahaze izina ryawe. Dukize, zimanganya akabi kacu, tubohore kubera izina ryawe.

Amaganya y’imbohe n’agushikire, maze, nawe ushobora vyose, ukize abo urupfu rwasamiye.

Duhave rero, natwe igihugu cawe, twebwe za ntama z’uruhongore rwawe, tugukengurukire tudahengeshanya.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Imana yaduhaye ubuzima mw’ijambo ryayo ry’ukuri, kugira ngo tube imfura mu biremwa vyayo vyose.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (13, 36-43)

Hanyuma, ahejeje kwigisha mu migani no kurungika shengero, Yezu aza i muhira. Abatumwa baramwegera bamubaza bati: «Dusigurire wa mugani w’urwamfu.» Na we arabasubiza ati: «Umubivyi yibibira akabuto keza ni Umwana w’umuntu; umurima na wo ni isi; imbuto nziza na zo ni abana b’Umwami; urwamfu ni abana b’Umubi; umwansi yarubivye ni shetani; igesa ni umuhero w’isi; abageshi ni abamarayika. Nk’uko rero barandura urwamfu ngo baruturire, uko ni ko bizogenda no ku muhero w’isi: Umwana w’umuntu azorungika abamarayika biwe, bakure mu Bwami bwiwe abo bose batirimukije abandi be n’inkozi z’ikibi, babatembagarize mu nyenga y’umuriro, bazoharirire, baharyanishirize insya z’amenyo. Intungane na zo zizokwakaka nk’izuba mu Bwami bw’Imana Se. Uwufise amatwi niyumve!»

Publié par Médard Nkunzimana

Heureusement je suis sauvé par le Christ Jésus.

Concevoir un site comme celui-ci avec WordPress.com
Commencer