Lectio divina une lecture priante (Gusenga dukoresheje Ijambo ry’Imana)

Lectio Divina : Ugusoma Ugahura n’Imana.

 » Gufise ubushobozi bwo kwugururira umukristu intabonwa iri mw’ijambo ry’IMANA,
kugatuma umukristu ahura buhure na Yezu, Jambo W’IMANA Nzima.

Uku gusoma gukorerwa ahantu hiherereye hatekanye vy’ukuri.

Utegerezwa kuba ufise umwanya Kandi utarushe.

Ijambo ry’IMANA ko ryahumetswe na Mutima Mweranda,
Utegerezwa guhamagara Mutima Mweranda ngo Akuyobore muri ico gisabisho.

Intambuko
( fata n’imiburiburi iminota 7 ku ntambuko)

  1. Ugusoma (lectio)
    Urasoma igisomwa kenshi, n’imiburiburi gatatu. Ukwo gusoma gufasha kumenya vy’ukuri ibiri mu gisomwa ukibaza koko ico iryo jambo ry’IMANA rishatse kukubwira. Urisome k’ uburyo ryinjira mu bwenge bwawe ubutakivayo.

2.Ukuzirikana (Méditation)
Wirekure ukorweko, urimburwe n’ayo majambo atariko aravugwa muri kahise, ariko avugwa ubu nyene muri iki gihe nyene.

3.Igisabisho (Oration)
Ikibazo ni:  » ubwira iki Umwami Wawe Yezu mukwishura kuri iri Jambo ryiwe »
Uravuga igisabisho usaba, usengera ( umuryango, igihugu, isi, abagwaye, impfuvyi, abapfakazi, abagowe, abantumye kubasengera,…..) , nukenguruka, uninahaza.
Ubu ni bwo buryo bwambere iryo jambo riguhindura.

  1. Ugutamarirwa ( contemplation)
    Akira ingabirano y’Imana Yo kubona nkayo, gutahura ibiriho nkayo, wibaze uti:  » n’iki mu kunyagira, mu bwenge, mu mutima, mu buzima, Umukama ansavye? »
    .
    Umweranda Paulo aremeza mw’ikete ryiwe yandikiye abaromani :  » ntimufatire akarorero kw’isi y’ubu , ahubwo ni duhinduke tube bashasha, twiyumvire bushasha , kugira tumenye : ishaka ry’Imana, ibiri vyiza, vyoyihimbara, ibitunganye. »
    Ugutamarirwa gusa n’ugushira muri twebwe ukubona ibintu cokimwe n’Imana, tukamenya ivyiyumviro vy’Umukama akatugira inama.

1 Abanyakorenti 2, 16
Ijambo ry’IMANA ni ishimikiro:  » ni rizima », rifise ubushobozi, rirakeba kurusha inkota ifise ubugi habiri, Riranyengetera gushika kure mu mutima, mu musokoro, mu fatanirizo z’ingingo, ricira urubanza ivyiyufuzo n’ivyiyumviro vy’umutima.

  1. Ingingo (action)
    Iki gisabisho ntigihera mu nyubako yaco kidasozerewe n’ugufata ingingo ijanye n’ukwigira inama yo kwitangira abandi . Ugafata ingingo yo/ zo gushira mu ngiro iryo Jambo ry’IMANA twabwiwe.

Murakoze.

Publié par Médard Nkunzimana

Heureusement je suis sauvé par le Christ Jésus.

Concevoir un site comme celui-ci avec WordPress.com
Commencer