Indwi ya 11 yo mu mwaka : ku wa mbere (Années paires)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami (21, 1-16)
Muri irya misi, hari umuntu w’i Yezereheli yitwa Naboti, yari ifise umurima w’imizabibu hafi y’ingoro ya Akabu, umwami wa Samariya. Akabu rero abarira Naboti ati: «Mpa tugurane uwo murima wawe w’imizabibu kugira ngo umbere umurima w’imboga, kuko uwo murima uri hafi y’urugo rwanje; nanje ndaguhe uwundi murima uruta uwawe, canke, ubishatse, ndaguha ibiwuciye.» Naboti arishura Akabu, ati: «Umukama rakantesha kuguhebera iragi ry’abasokuru banje!» Akabu arataha yijiriwe kandi ashavuye kubera iryo jambo Naboti w’i Yezereheli yari yamubwiye ngo: «Ntaho nzoguhebera iragi ry’abasokuru banje.» Aragenda kuryama ku kirwa, aroresha amaso hirya ku rusika, yanka gufungura. Umugore wiwe Yezabeli ngo aze, amubarira ati: «Igituma wijiriwe ukanka kurya ni iki?» Na we aramwishura ati: «Ikimbabaje ni uko nabariye Naboti w’i Yezereheli nti: Mpa tugurane umurima wawe w’imizabibu, nguhe ibiwuciye canke, nicaba ari co ushaka, uwundi murima uruta uwawe. Ariko yanyishuye ati: Ntaho nzoguhebera umurima wanje.» Umugore wiwe Yezabeli amubarira ati: «None, uko ni ko ukoresha ubukuru bwawe bw’umwami muri Israyeli! Vyuka rero, ufungure, reka kwigorera ubusa; uwo murima wa Naboti w’i Yezereheli, nzowuguha!» Arandika rero kw’izina rya Akabu amakete adomweko ikimenyetso c’umwami, ayarungikira abakurambere n’abashingantahe babana na Naboti. Yari yanditse muri ya makete, ati: «Nimushinge umusi w’ukwisonzesha kandi nimushire Naboti imbere y’abagabo. Nimuzane abantu babiri b’inshirukanya, baje imbere yiwe bamwagirize, bati: Twumvise Naboti ariko aratuka Imana n’umwami. Nimumujane inyuma y’igisagara, mumwicishe amabuye, aragapfa!» Abagabo bo muri ca gisagara ca Naboti, abakurambere n’abashingantahe bo muri ico gisagara nyene baraheza bagira nk’uko Yezabeli yari yababwiye, nk’uko vyari vyanditswe muri ya makete yabarungikiye. Barashinga umusi w’ukwisonzesha kandi barashira Naboti imbere y’ishengero. Hanyuma, haza ba bantu b’inshirukanya imbere yiwe, bamwagiriza bati: «Naboti yaratutse Imana n’umwami.» Baraheza bamujana inyuma y’igisagara, baramutera amabuye, arapfa. Ngo yumve yuko Naboti yapfuye yicishijwe amabuye, Yezabeli arabwira Akabu ati: «Vyuka, genda utware wa murima w’imizabibu wa Naboti w’i Yezereheli, wa murima yanse ko mugura; kuko Naboti atakiriho, yapfuye.» Akabu yumvise ko Naboti yapfuye, arahaguruka ngo amanuke kuri nya murima wa Naboti, awutware.
IZABURI 5, 2-3b, 5-6b, 6c-7
Icit.: Umviriza amaganya yanje, Mukama!
Zirikana igisabisho canje, umviriza amaganya yanje; ninakwakura urantega ugutwi, Mwami wanje, Mana mfise.
Nturi Imana inezerwa n’ibibi, umubisha ntâwé iwawe; abishima ntibaragama mbere y’inyonga zawe.
Uranka inkozi z’ikibi, ugatikiza abanyakinyoma; umwicanyi n’umuntu w’ubugunge, Umukama aramwanka rwose.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Mbeshaho, Mukama, kubera urukundo rwawe, niho nzozigama iryo unyagiye wewe nyene.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (5, 38-42)
Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe n’ishengero ry’abantu ati: «Mwarumvise iryavuzwe ngo: Ijisho ku rindi, iryinyo ku rindi. Eka jeho mbabwiye kudahangana n’umuhambazi; nihagira uwugukubita kw’itama ry’iburyo, muhereze n’irindi. Uwuzoshaka kukwitwarira ngo agutware ikanzu, muhebane n’igikwemu. Umuntu niyakubwira ko muca intaho y’intambwe igihumbi, mukurikire mugire ibihumbi bibiri. Uwugusavye n’umuhe uwukuguranye ntumwinyungushure.»