Indwi ya 11 yo mu mwaka : ku wa kabiri (Années paires)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami (21, 17-29)
Bamaze kwica Naboti, Umukama abarira umuhanuzi Eliya ati: «Va hasi, umanuke, muhure na Akabu,Umwami w’Israyeli aba i Samariya. Uramusanga muri wa murima w’imizabibu wa Naboti, ni ho yamanutse ngo awushikire. Umubarire uti: Ng’iri iriyazwe n’Umukama, ngo: Urishe, none uriko uratwara intoranwa y’uwundi! Ni co gituma Umukama avuze ati: Harya nyene imbwa zarigatiye amaraso ya Naboti ni ho zizorigatira n’ayawe.» Akabu abarira Eliya ati: «Wagarutse kunkurikirana, wa mwansi wanje!» Eliya na we ati: «Egome, nagarutse koko. Kuko wihevye ngo ukore ico Umukama yanka, ndi mu kugutera amagorwa; nzokuraho uruvyaro rwawe, mare abahungu bose bo mu muryango wa Akabu, kuko wanteye ishavu ugacumuza Israyeli. Bisubiye kandi, no kuri Yezabeli nyene, Umukama yavuze iri jambo ngo: Imbwa zizomurira muri wa murima w’i Yezereheli. Kandi mu bari mu muryango wa Akabu, uwuzogwa mu gisagara wese azoribwa n’imbwa, na we uwuzogwa mu gahinga wese azoribwa n’ibisiga.» Ni ivy’ukuri, nta n’urnwe yigeze gukora nabi nka Akabu, we yihebeye ububeshi agakora ico Umukama yanka kubera amohe y’umugore wiwe Yezabeli. Koko, yama yigenza nk’umumenja mu kwihambirira ku bigirwamana, agakurikiza imigenzo y’Abemori Umukama yari yirukanye imbere y’Abanyisrayeli. Amaze kwumva ayo majambo ya Eliya, Akabu yaciye atabura ivyambarwa vyiwe, yambara amagunira, arisonzesha, aryamana ayo magunira nyene yongera agenda yipfumbereje. Umukama arahava abwira Eliya ati: «Mbega, wabonye ingene Akabu yicishije bugufi imbere yanje? Kuko yicishije bugufi imbere yanje, sinzomutera akiri ku ngoma; ariko ku ngoma y’umuhungu wiwe ni ho nzotera umuryango wiwe.»
IZABURI 50 (51) 3-4, 5-6b, 11.16
Icit. : Tugirire ikigongwe, Mukama, kuko twacumuye.
Ngirira ikigongwe, se Mana yanje, kubera ubuntu bwawe, ku bw’ikigongwe cawe kidakama nzimanganiriza akabi nakoze. Nyuhagira umwanda wose mfise, uheze uhanagure ibicumuro vyanje vyose.
Ego cane ikibi nakoze ndakizi, icaha nakoze kindaza ishinga. Ni Wewe musa nacumuyeko, akabi wanka ni ko nakoze.
Ibicumuro vyanje vyose, vyikure mu maso, n’ibibi vyanje vyose ubinzimanganirize. Mana, Bukiriro bwanje, nkurako uruvuto rw’amaraso, ururimi rwanje ruzoshemeza imbabazi zawe!
INKURU NZIZA
Aleluya, Aleluya.
Uwuzigama ijambo rya Kristu, muri we ni ho urukundo rw’Imana ruba rusasagaye.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (5, 43-48)
Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe n’ishengero ry’abantu ati: «Mwarumvise iryavuzwe ngo: “Uzokunda umugenzi wawe”, wanke umwansi wawe. Jeho rero ndababwiye nti: “Kunde abansi banyu, kandi musabire ababahama, ngo mwerekane ko muri abana ba So wanyu wo mw’ijuru aha izuba ababi n’abeza, agaha imvura intungane n’indyarya”. Kuko mukunze ababakunda gusa, impera yanyu izoba iyihe? Abatozakori bo ntibabigira? Kandi muramukanije na benewanyu gusa mwoba mugize iki c’akatabonetse? Abapagani bo ntibabigira? Mweho rero nimube beranda nk’uko So wanyu wo mw’ijuru ari mweranda.»