Indwi ya 11 yo mu mwaka : ku wa kane (Années paires)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca Mwene Siraki (48, 1-14)
Umuhanuzi Eliya yarengutse ameze nk’umuriro,
ijambo ryiwe ryaka nk’urumuri.
Ni we yateye amapfa mu gihugu c’Israyeli,
ubwira afitiye Imana bwamutumye amara benshi.
Kw’ijambo ry’Umukama, ni we yugaye ijuru,
aba ari we amanura umuriro gatatu kose.
Ukuntu uninahaye, Eliya, kubera ibitangaro wagize!
Uwokwirata ngo angana nawe yova hehe?
Waravyuye umuntu umwe umukura mu rupfu
no mu kuzimu nyene, kw’ijambo ry’Umukama.
Waratumye abami bashiburirwa hanze baratakara,
utembagariza hasi abantu baninibanini.
Warumvise ku gasozi ka Sinayi impanuro z’Umukama,
wumva ku gasozi ka Horebi amajambo yiwe y’ukwihora.
Warimitse abami ngo bashinge ingingo z’ubutungane,
watira abahanuzi ngo basubire mu birenge vyawe.
Warajanywe n’igihuhusi c’umuyaga w’umuriro,
utwarwa n’urureruzo rukwegwa n’amafarasi y’umuriro.
Ni wewe wavuzwe muri za mpanuro zagenewe igihe c’imperuka,
ngo utururuze ishavu ryimirije kuza,
ngo ugarurire imishaha y’abavyeyi ku bana babo,
ngo utabarize imiryango ya Yakobo.
Hahiriwe abazoterwa iteka ryo kukubona,
be n’abazopfana urukundo rw’Imana,
kuko na twebwe nyene, tuzoshikira ubuzima bwuzuye.
Igihe Eliya yatwarwa n’igihuhusi c’umuyaga,
ni ho Elize yaragwa ubuhanuzi bwiwe bwose.
Akiri hano kw’isi, nta mukuru n’umwe yashoboye kumutirimutsa,
nta n’umwe yashoboye kumuganza.
Nta jambo na rimwe ryashoboye kumugonda,
no mu rupfu nyene yagumye ahanura.
Mu buzima bwiwe yahora akora ibitangaro,
amaze gupfa naho yarakoze ibitangaza.
IZABURI 96 (97) 1-2, 3-4, 5-6, 7
Icit. : Mwa beranda, nimuhimbarwe mu Mukama.
Umukama ari ku ngoma! Isi n’itarîke!
Amazinga menshi n’atarîke!
Ibicu n’umwiza biramukikije,
ingoma yiwe ihagaze ku butungane no ku ngingo.
Umuriro umwitangira imbere,
utema utongora abamusharika;
igihe imiravyo yiwe yabonesha kw’isi,
ibihugu vyaciye bibona, bihinda agashitsi.
Imisozi na yo ngo ibone umwami w’isi yose,
ica ishonga nk’ibishashara;
ijuru rihaya ubutungane bwiwe,
intara zose zigaca zibona ubuninahazwa bwiwe.
Abishinga ibigereranyo nibamaramare,
bo bishimiriza imburakimazi!
Mbere ibigirwamana vyose
nibipfukamire Imana!
INKURU NZIZA
Aleluya, Aleluya.
Umukama yavuze ati: «Kuva ubu, nzobita abakunzi banje; ivyo nahawe na Data vyose narabibamenyesheje.»
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (6, 7-15)
Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Mu gusenga, ntimuvuge menshi nk’abapagani, bibwira ko bumvirwa iyo bagwije amajambo. Ntimugire nka bo, kuko So wanyu azi ivyo mukeneye mutarigera mubimusaba.
Mweho, murasaba mutya: Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe rininahazwe, ubwami bwawe nibuze, ivyo ushaka bigirwe kw’isi nko mw’ijuru. N’uduhe ivyokurya bidukwiye uyu musi; uturekurire ibicumuro vyacu, nk’uko natwe tubirekurira ababitugiriye; ntudutererane ibitwosha nabi; yamara udukize akabi.
Nka ko, niwagirira ikigongwe abandi, So wawe wo mw’ijuru azokikugirira; ariko, n’utakibagirira, na So wawe ntazokurekurira ibicumuro wawe.»