Parole de Dieu

Indwi ya 24 yo mu mwaka : ku wa gatandatu (Années impaires)

IGISOMWA CA MBERE 

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Timote (6, 13-16)

Mukunzi wanje, ndagusavye imbere y’Imana ibeshaho vyose n’imbere ya Kristu Yezu yashingiye intahe ukuri kwa Ponsiyo Pilato: zigama amategeko y’Umukama, ba intungane ntihagire uwugucishamwo ijisho gushika aho Umukama wacu Yezu Kristu azoserukira. Igihe kigeze, azomenyeshwa na Segaba wa vyose nyaguhimbazwa, We Mwami w’abami, Umukama w’abakama, We musa azira urupfu, avyagiye mu mu muco utegerwa, ata muntu yigeze akubita ijisho kandi ata n’uwuzomubona. Ni We Nyenicubahiro n’ububasha mu myaka yose. Amen.

IZABURI 99 (100) 1-2, 3, 4, 5

Icit.: Nimuze ku Mukama, mumusanganize akavyino k’urweze.

Wa si iyo uva ukagera, himbaza Umukama, korera Umukama mu gahimbare, musanganize akavyino k’urweze.

Menya ko Umukama ari We Mana, ni We yaturemye, turi abiwe, turi intara yiwe, n’intama z’uruhongore rwiwe.

Genda ku kirimba iwe, mukure ubwatsi, mwinjire mu ngoro yiwe muvyina, mumushimire, mushemeze izina ryiwe.

Eka bane, Umukama ni mwiza, urukundo rwiwe rwama ari rwa rundi, arakwiye kwemerwa mu myaka n’imyaka.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Hahiriwe uwuzigama ijambo ry’Imana mu mutima mwiza w’umwete, agaheza akagira ico yimarira kuko ahozako.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (8, 4-15)

Muri irya misi, ishengero ryari ryakinje kandi abantu bashikuka bava mu bisagara vyose baza iyo Yezu ari. Abacira rero umugani ati: «Umubivyi yaritoye atwara imbuto kubiba. Mu gihe ariko aramija, intete zimwe zimijukira ku nzira barazihonyanga; inyoni zo mu kirere na zo zirazinoba, ntihasigara na rumwe. Izindi na zo zigwa ku rutare; zimaze kumera, zica ziruma zibuze akabobera. Izindi zigwa mu mahwa; birakurana, arahava arazizinga. Izindi zigwa mu busize bwinjiye ; ziramera zirakura, zimburwamwo ibirengeye ijana izari zabibwe.» Ahejeje kubivuga, ashira ijwi hejuru ati: «Uwuri n’amatwi y’ukwumva niyumve!» Abigishwa biwe bamubaza ico uyo mugani umenyesha. Abishura ati: «Mweho mwarahawe kumenya amabanga y’Ubwami bw’Imana, abandi bo bavyumva mu migani, kugira ngo baravye n’amaso yabo ntibabone, bateze amatwi ntibategere. Ng’iki rero ico uyo mugani uvuga: Iyo mbuto ni Ijambo y’Imana. Abo ku nzira ni abantu bumvise rya Jambo, hanyuma shetani iraza, iraribakura mu mutima ngo boye kwemera n’ugukira. Abo ku rutare ni abakirana akanyamuneza rya Jambo mu gihe baryumviriza, ariko kubera ko ata shimikiro bafise, ukwemera kwabo kumara akanya gusa, bapfa guhura n’ibibagora bagaca badohoka. Abo ku mahwa ni abantu bamvise rya Jambo, ariko mu gihe borikurikije, umwitwarariko w’ivyo hasi, itunga be n’ibindi bibaryohera bikabarengera, bagapfanirana. Abo mu busize nyabwo ni abantu bumvise rya Jambo, bakarizigama mu mutima mwiza w’umwete, bagaheza bakagira ico bimarira kuko bahozako.»

Publié par Médard Nkunzimana

Heureusement je suis sauvé par le Christ Jésus.

Concevoir un site comme celui-ci avec WordPress.com
Commencer