Ijambo ry’Imana

Indwi ya 5 ya Pasika : ku wa gatanu

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (15, 22-31)

Muri irya misi, Abatumwa, abakurambere hamwe n’Ekleziya yose baja ingingo, kugira ngo batore bamwebamwe muri bo, babarungike i Antiyokiya, bajane na Pawulo na Baranaba. Abatowe ni Yuda bahora bita Barasaba be na Silasi, abantu b’icubahiro. Babarungikana ikete rivuga riti: «Abatumwa n’abakurambere ari bo benewanyu, turatasha benewacu bo mu mahanga bari i Antiyokiya, muri Siriya no muri Silisiya. Twarumvise ko hari bamwe baje bava ino, baza tutabarungitse, bakaza kubatera ubwoba babavyimvya umutima. Twaragiye inama imwe, turatora abantu bo kurungikana n’abo bakunzi bacu Pawulo na Baranaba, abo bantu bahevye amagara yabo, bakigura Umukama wacu Yezu Kristu. None rero, tubarungikiye Yuda na Silasi ngo babashikirize ivyo tubandikiye. Mutima Mweranda na twebwe ntitwashatse kubaremeka ivyo mutoshobora, kiretse ibintu vy’intashinguka. Ntimurye inyama zatuwe ibigirwamana, mureke ikiremve n’inyama zaniguwe, ntimukore ibiterasoni ; nimwirinde ivyo, muzoba mugize neza. Ku Mana.» Bamaze gusezerana, abatowe bamanuka i Antiyokiya, barakoranya ishengero barishikiriza rya kete. Bararisoma ritako rirabanezereza kandi rirabahoza.

IZABURI 56 (57) 8-9, 10-11-12

Icit.: Nzokuyaga mu mashinga, Mukama. Canke: Aleluya.

Mana yanje, umutima wanje witeguye, witeguriye kukuririmbira, nza kukuririmbira, nza kugucurarangira. Haguruka buhizi bwanje, haguruka nanga mfise, haguruka murya wanje, ntange n’ubuca.

Nzokuyaga mu mashinga, nzokuyaga mu makungu; urukundo rwawe ni akayazwe mw’ijuru, ukuri kwawe m rurangiranwa mw ijuru. Mana nzima, haguruka uhagarare mw’ijuru, maze, ubuninahazwa bwawe buganze kw’isi!

INKURU NZIZA

Aleluya

Umukama yavuze ati: «Jewe ndi wa Mwungere mwiza; ndazi intama zanje, na zo zikamenya.»

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (15, 12-17)

Muri irya misi, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Ng’iri ibwirizwa ryanje: nimukundane nk’uko nabakunze. Nta wushobora kurusha urukundo uwiguze abagenzi biwe. Muzoba abagenzi banje, mukoze ico mbategetse. Sinkibise abasuku, kuko umusuku atamenya ico shebuja akora; nabise abagenzi banje, kuko ivyo nabwiwe na Data vyose nabibamenyesheje. Si mwe mwantoye; yamara ni je nabatoye, nabashinze kugenda ngo mwame icamwa kandi icamwa gihoraho, kugira ngo Data abahe ico muzomusaba cose kw’izina ryanje. Ico mbategetse ni uko mwokundana.»

Concevoir un site comme celui-ci avec WordPress.com
Commencer