Indwi ya 3 y’Ubushikiro : ku wa kane

Indwi ya 3 y’Ubushikiro : ku wa kane

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (41, 13-20)

Jewe, Umukama Imana yawe, ndagufashe ukuboko, kandi ndakubwiye nti : « Ntutinye, Yakobo, n’aho uri akazingo, ntutinye, Israyeli n’aho uri nyagupfa. Ndagutabara : uko ni ko Umukama avuze. Umweranda w’Israyeli ni we agucungura. Ndaguhindura icuma c’uguhûra imbuga y’ingano, kimwe gishasha kandi gifise amenyo asongoye : uzohuragura imisozi, uyinoze, imitumba na yo icike umuguruka ; uzobigosora, umuyaga ubitumure, igihuhusi na co kibishwiragize. Nawe, uzohimbarwa mu Mukama, uzoninahazwa mu Mana, Umweranda w’Israyeli. Abatobato n’abakene bararondera amazi, bakayabura ; ururimi rwabo rukagwa umwumwa. Jeho, Umukama, nzobumvira. Jewe, Imana y’Israyeli, sinzobaheba. Nzozibura inzuzi ku mpinga y’imisozi itagira ubwatsi, n’amasôko hagati y’ibiyaya. Ubugaragwa buzocika ikidengeri c’amazi, igihugu cumutse kizocika imbizi z’amazi. Ku bugaragwa, nzohatera ibiti vy’amasederi n’ivy’imiyange, ivy’imitidehari n’ivy’imitashuri bikurane, kugira ngo barabe kandi bamenye bose, kugira ngo bitegereze kandi bazirikane bose, yuko ivyo vyose vyagizwe n’ukuboko kw’Umukama kandi ko Umweranda w’Israyeli ari we yabiremye.

IZABURI 144 (145) 1.9, 10-11, 12-13ab

Icit. : Umukama ni Nyenimpuhwe n’ikigongwe. Canke : Uragahezagirwa, Mukama, wewe Mana y’urukundo n’igishika !

Hinge nkuninahaze, Mwami wanje, Mana mfise, mpezagire izina ryawe imisi yose ntahengeshanya. Umukama agirira ineza bose, agirira imbabazi ivyo yaremye vyose.

Ivyo waremye, Mukama, nibigushemeze, abakunzi bawe nibaguhezagire ! Nibayage ubuninahazwa bw’ubwami bwawe, nibigane hose ubutwari bwawe !

Kugira ngo bamenyeshe abantu ibitangaza wakoze, n’ubuninahazwa buhimbaye bw’ubwami bwawe ; ubwami bwawe ni ubwami bw’intahava, ingoma yawe izohangama imyaka n’imyaka.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Twereke ikigongwe cawe, Mukama, kandi uduhe urukiza ruva iwawe.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (11, 11-15)

Muri irya misi, Yezu yabariye ishengero ry’Abayuda ati : « Ni ukuri ndabibabariye : mu bana b’abantu nta n’umwe asumba Yohani Batista ; ariko mu bari mu Bwami bw’ijuru, umuto muri bo aramuruta. Kuva mu misi ya Yohani Batista gushika ubu, Ubwami bw’ijuru bushikirwa n’uwukomeye, kandi inshigwarimenetse ni zo zibutsindira. Kukaba nka ko, abahanuzi bose n’amateka ya kera vyagarukiye kuri Yohani Batista ; nimwaba mushaka kuvyumva, Eliya yabwirizwa kuza ni we. Uwuri n’amatwi niyumve ! »

Concevoir un site comme celui-ci avec WordPress.com
Commencer