AMABANGA AHAMBAYE
« Akira murye mwese iki ni umubiri wanje uza gutangwa ku bwanyu; akire munywe mwese iyi ni ikalisi y’amaraso yanje, amaraso y’isezerano rishasha kandi rizokwamaho, aza guseswa ku bwanyu no ku bwa benshi. Ivyo murabigire munyibuka » (Lk 22, 19-20; 1Co11, 24-25).
Kuri uyu musi ugira 38 w’urugendo rwacu, tuzirikanire hamwe amabanga y’ubusaserdoti na Ukaristiya, nkako ni kuwa kane mweranda.
Dutangarira ubutwari bwa Yezu We adatinya gukora ico ategerezwa ngo ni uko agira yicwe. Muri rya joro yafatwa, yakiriye umukate awuha abigishwa biwe, yongera yakira ikalisi irimwo umuvinyu ayiha abigishwa biwe. Gurtyo aba agize Ukaristiya nyeranda. Amaze kubibaha aca yongerako ati »murabigire munyibuka ». Gurtyo aba agize ubusaserdoti. Yezu We musaserdoti mukuru yaratwihayeko inkuka ku wa gatanu mweranda (tuzobizirikana aho bukera), ariko yabanje kutwihereza mu buryo bw’isakramentu ku wa kane mweranda.
Ukaristiya ni Yezu nyene ubwiwe atwihereza mu bishusha n’umukate n’umuvinyu ngo turonke ubuzima budahera. Mu guca ashinga ubusaserdoti naho rero, ni ukugira ngo agume hagati yacu, kuko Ukaristiya idashobora kubaho ata basaserdoti bahari. Ni naco gituma abavyeyi bafadikanije n’abasaserdoti bokundisha abana n’urwaruka iryo banga, kugira ngo na ntaryo muri Ekleziya hame hariho abasuku b’amabanga y’icungurwa ryacu.
Yezu Musaserdoti mukuru kandi yamaho n’atuyobore adushikane kwa Data.
Muragahorana inema n’amahoro !
Source : Abbé Olivier Ndayisaba