Kubera iki ukwezi kw’icumi( Gitugutu) kwahariwe #Rozari?
Muri make, uguharira rozari ukwezi kwa Gitugutu ( ukw’10) gufatanye n’ intsinzi y’intambara yo mu kinjana ca 16 yagiriwe Uburaya nka bwose n’aba Islamu bo muri Turikiya.
Kubw’iyo ndwano yariko iraba, Papa Piyo wa 5 yatazirwa #Umukunzi_wa_Rozari, niho yatunganya uruganda rw’ugusaba ngo urwo ruhagarara rw’ukwica aba-kristu n’abihebey’Imana ruhere, araheza abitumirira abami, abaganwa b’aba-kristu n’abakristu bose ngo basenge kandi bisonzeshe imisi itatu itangura ukwezi kw’icumi. Intsinzi rero ica iboneka ahitwa i Lépante kuwa 7 Gitugutu 1571.
Uyo Papa Piyo, aca ayigira itariki y’uguhimbaza umusi mukuru w’Umugabekazi w’intsinzi wahavuye witwa, kuko batsinze bakoresheje Rozari , Umusi w’ukwibuka Umugabekazi wa Rozari.
Niho Papa Léon w’13, mu 1883 yashinga ko ukwezi kw’10 kwose kwoharirwa Rozari nyeranda.
Rozari bisigura urugori runini rw’amashurwe.
Igizwe n’ishapure 4 hamwe n’ivyibukiro 20: ivy’ubunezereza, ivy’umuco iy’amagorwa n’ivyo ubuninahazwa. Papa Yohani Paulo wa 2 nawe, mu nyigisho yiwe yise Rozari ya Mariya( urugori wa Bikira Mariya), agira ati: Ugusenga dukoresheje Rozari ni uburyo bugufi bw’ugusoma Ijambo ry’Imana n’amateka y’ubuyobokamana vya Bikira Mariya.
Ishapule ( agakofero gato, akagori gatoyi) igirwa hisunzwe uru rukurikirane:
Kuwa 1 no kuwa 6: Ivyibukiro vy’ubunezereza.
Kuwa 2 no kuwa 5: Ivy’amagorwa.
Kuwa 3 no kuw’Imana: Ivy’ubuninahazwa.
Kuwa 4: Ivy’umuco.
Tubipfurije mwese intsinzi y’ibihanze ubuzima bwanyu kubw’igisabisho c’urugori runini ( Rozari) canke rutoyi ( Ishapure) muzokwambika Umuvyeyi Bikira Mariya muri uku kwezi tubihimirizwa na Ekleziya Mawe wacu.
Patiri Désiré SABUSHIMIKE