Yubile y’imyaka 125 y’Ekleziya mu Burundi

💒 INYIGISHO Y’INAMA Y’ABEPISKOPI KATOLIKA B’I BURUNDI ISOZERA YUBILE Y’IMYAKA 125 IHEZE INKURU NZIZA Y’IJAMBO RY’IMANA ISAMIRANA MU GIHUGU CACU


🌐 «Dushingiye kuri Ekleziya yo haziko, dukomeze ingabirano y’ukwemera, ukwizigira n’urukundo twaronse kubera Inkuru Nziza twamenyeshejwe!»
🌐 «Na ho jewe n’urugo rwanje tuzokorera Umukama» (Yozuwe 24,15)

Bavukanyi dusangiye ukwemera, eka namwe mwese Imana ikunda mukayikundira,

Turabaramukije: nimusangwe inema y’Umukama wacu Yezu-Kristu, urukundo rw’Imana data n’ingabirano ya Mutima-Mweranda (2Kor.13,13).

Mu gusozera uyu mwaka wa yubile y’imyaka 125 iheze Inkuru Nziza ya Yezu-Kristu ishitse mu burundi, twebwe Abungere banyu ba Ekleziya Katolika tuzanywe n’ukubandanya gusangira namwe ako kanyamuneza, dutera impundu y’ugukenguruka, twongera dushimangira ivyiza iyi yubile yadusigaranye, kugira ngo bidufashe kwerekeza kuri kazoza.

🌐 1. IVYIZA TWAGABANYE NI VYINSHI

1) Turakenguruka imbere ya vyose ivyiza Imana yatugiriye mw’ibatisimu twaronse turi benshi, tugaterwa iteka ry’ukwitwa abana bayo (1Yoh.3,1), tukaba ibiremwa bishasha (2Kor.5,17), abavukanyi ba Yezu-Kristu basigaye bagize Umuryango umwe w’abavukanyi muri Ekleziya.

2) Mu gukenguruka ubwo bucuti bushasha bwavyawe n’ibatisimu, turakenguruka n’ingene Ijambo ry’Imana twamenyeshejwe ryatuzaniye imico mishasha myiza kandi itari mike mu gihugu. Abakristu benshi barafashe nkama ubuzima bushasha baronse, baremera guhinduka mu vyiyumviro, mu nyifato no mu bikorwa, barashingira intahe ubukristu bwabo muri vyose na hose, no mu bihe bigoye igihugu cacu cagiye kiracamwo.

3) Turakenguruka abitanze bose kugira ngo ivyo vyiza bidushikire. Abo na bo ni abamisiyonari bose, duhereye ku bavuye mu mahanga yak ure be n’abavukagihugu bahavuye baboneka. Ntitwokwibagira n’ubutumwa bw’agatangaza bw’abamenyeshamana bagendana n’abamisiyonari, bakemera kwimukana n’ingo zabo bariko bigura ubutumwa bwo kumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu-Kristu.

Muri uyu mwaka wa Yubile, twashatse gukenguruka tuzirikana uruhara rw’urugo rukristu mu buzima bw’igihugu n’ubwa Ekleziya. Icivugo twashingiyeko ni iki: «Twijukire ubutumwa bw’ingo: urugo rukristu rube Ekleziya yo haziko imenyesha Inkuru Nziza». Mu madiyoseze yose hararanguwe ubutumwa butari buke nk’uko mwebwe nyene mwavyiboneye aho muherereye, kandi buzobandanya.

5) Ku rwego rw’igihugu na ho nyene, ubutumwabwarakozwe. Inama y’Abepiskopi yaratunganije ihwaniro rya mbere ry’ingo zivuye mu maparuwase yo mu madiyoseze yose, mbere no mu ma Ekleziya yo mu bihugu bibanyi. Nka hose baje barongowe n’abungere babo. Izo ngo zamaze imisi ine ziri hamwe, zikurikirana inyigisho. Zimwe muri zo zarahawe akaryo ko gushinga intahe y’ukugene zigize Ekleziya yo haziko.

6) Iyo ntahe bashinze irerekana ingene, kuva Ekleziya igitangura mu Burundi, ingo z’abakristu zagize uruhara ruboneka mu kumenyesha Ijambo ry’Imana. Iruhande y’umwete w’igisabisho co mu rugo ca misi yose, barakoze n’ibikorwa biboneka, nk’ugutora abigishwa bashasha, ukurungika abana babo mu masomero, mu mihari no mu migwi y’ubutumwa kuva bakiri bato; uguhanura ababatijwe bahunye n’ibindi.

Izo ngo nyene zaritabana umwete ibikorwa vyo kwubaka amasengero, amashure n’insago z’abamisiyonari. Ni muri izo ngo nyene habonetse abaja kuba abasaserdoti, abihebeye Imana n’abaja kumenyesha Inkuru Nziza mu gihugu no mu mahanga. Ibikorwa bene ivyo n’ubu biracabandanya, kandi hari n’ibindi bishasha.

🌐 2. INTAMBAMYI ZIGERAMIYE UBUTUMWA BW’INGO

7) N’aho ivyo dushima ari vyinshi, haracibonekeza ivyiyumviro, inyifato n’ingendo bikibangamiye urugo mu bihe vya none. Izo ntambamyi ziri mu migwi ine mikuru mikuru.

8) Hari intambamyi zifatiye kw’ihindagurika ry’imico y’abantu: imico n’imigenzo myiza yaremesha urugo yagiye iratituka. Twaciye tumera nk’igiti kitagira imizi n’ishingiro, tugahurumbira intumbero n’inyifato bije biva mu mahanga ngo ni uko ari bishasha, ntitumenye ko abazituzanira batama bariko baraturonderera ineza gusa.

9) Hari intambamyi zifatiye ku bukene bwo mu rugo bushobora gutuma abubakanye, iyo batavyifashemwo neza, batanako umwikomo canke ntibabe bacubahana. Biranashika kenshi ko hagira umwe aja kuronderera kure igitunga urugo, na vyo bigatuma ca kiyago gikomeza urugo kitakihabaye, indero y’abana ntibe ikibaye iya babiri, rimwe na rimwe abubakanye bakikekana, mbere bikanashika ko habaho uwurenga ibigo.

10) Hari intambamyi zifatiye ku bujuju no ku kwemera guke. Hari abaterwa n’amagorwa bakirukira ibintazi aho kwizigira Imana, hakaba n’abubakanye bama mu nduru kubera ko batavyaye canke batavyaye umuhungu.

11) Hari intambamyi zikomoka ku kutitegurira neza ukwubaka canke ukudategera neza isakramentu ry’ukwubaka rukristu; ugasanga abantu binjiye muri iryo banga batabanje kurizirikana neza, bagafata umusi w’ubugeni nk’ikirori gusa canke nk’uguheza ibwirizwa, ntibamenye ko ari umuhamagaro n’ibanga vyerekeye ubuzima bwose, kandi ko umugabo n’umugore baba babaye umwe, ku rugero rw’ubumwe bwa Kristu na Ekleziya.

🌐 3. TWIBUKANYE AKARANGA KA EKLEZIYA YO HAZIKO YAKIRA IKONGERA IKAMENYESHA INKURU NZIZA

12) Ukwubaka rukristu turiko turavuga ni rimwe mu masakramentu indwi y’Ekleziya Katolika. Iryo sakramentu ry’ukwubaka rukristu rishingiye ku ndagano n’isezerano ry’urukundo n’ugusangira ubuzima abubakana bagiriranira, hanyuma Yezu akazishemeza, akazikirurutsa n’umuhezagiro wiwe, akazigira isakramentu, ni ukuvuga ikimenyetso kizima We nyene acako mu kubakiza bo nyene ubwabo no mu kubakiriza ababo n’incuti zabo, abari hafi n’abari kure, abo bazi n’abo batazi.

Ni vyo Tobiya yavuga hamwe yabanza gusenga kumwe na Sara wiwe ati: «Mukama Mana y’abasokuru, mu kwabira umwigeme wa Israeli […], nshaka gushinga urugo bazohezagiriramwo izina ryawe uko inzaruka zizokurikirana» (Tobito 8,1-12).

13) Ukwubaka rukristu kandi ni isakramentu ndangurabutumwa mu muryango, kumwe n’ubusaserdoti. Nkako, urugo rukristu «rufise ubutumwa bwo kurwanira, kumenyesha no gukwiza urukundo nk’urusayangane ruzima n’isangizwa nyakuri ry’urukundo Imana ifitiye umuryango w’abantu, iry’urukundo Umukama Yezu Kristu afitiye Umukunzi wiwe kleziya» (Yohani Paulo-II, «Familiaris Consortio, No17».

14) Mw’isakramentu ry’Ukwubaka rukristu, umugabo n’umugore bunga ubumwe mu rukundo rwuzuye ruranga rwa rukundo Yezu akunda Ekleziya. Ubwo bumwe bushingiye ku rukundo hagati y’umugabo n’umugore, iyo buhimbajwe bwa sakramentu rya Yezu-Kristu, ni bwo buvukamwo Ekleziya yo haziko imenyesha Inkuru Nziza y’urukiza rw’abantu bose.

Iyo Ekleziya yo haziko ibonekera mu gutagatifuzanya kw’abubakanye, mu gutanga ubuzima, mu kureresha abana ukwemera, mu gutunganya isi mu mugambi w’Imana. Urugo nk’urwo rukomeye mu kwemera, ubwarwo rubera akarorero izindi ngo, rukongera rugashobora no kuva hasi rukamenyesha Inkuru Nziza mu yindi mihingo. IIyo Ekleziya yo haziko igizwe n’urugo, ifatira akarorero ku rugo rweranda rw’i Nazareti rwakiriye Umukiza, rubana na We, rurongera rumushikiriza abantu bose.

🌐 4. TWIGIRE INAMA Y’INGENE TUZOBANDANYA UBUTUMWA BWO KUMENYESHA HOSE INKURU NZIZA

15) Inyuma y’imyaka 125 tumenyeshejwe Inkuru Nziza y’urukiza, nta handi dushingira mu kubandanya twubaka Ekleziya muryango, atari kuri Yezu Kristu mu kumumenya, mu kumukunda no mu kumugendanira (Yohani Paulo-II, Novo Millennio Ineunte, No29), dushimagira za ngabirano ziranga ubuzima bw’umukristu, ari zi ukwemera, ukwizigira n’urukundo.

Bisubiriye, ntitwigere duhengeshanya kwimika Yezu «Mahoro yacu» (Effezi 2,14), tumukundire atugire amayugi yo kurekuriranira mu gihugu cacu, twubake umuryago w’amahoro ashingiye ku kuri, ubutungane, ikigongwe n’ugusubiza hamwe, ivyo vyose tukabikora dushimikiye cane cane ku ngo no mu mibano rukristu.

◼️ 4.1. ABARONGOYE EKLEZIYA

16) Twebwe Abungere banyu tugiye gukomeza no kurushirizaho gushigikira igisata kijejwe ubutumwa bw’abalayike, ingo n’ubuzima co mu Nama yacu no mu madiyoseze, kugira ngo kibandanye gushira mu ngiro ivyo twiyemeje (Raba Ijambo ry’inama y’Abepiskopi Katolika b’i Burundi ryerekeye gukomeza ubutumwa bw’ingo n’imiryango, ryo ku wa 10 Munyonyo 2021, urup. 4-5).

17) Tugiye kandi gutanga intumbero izotuma haba kurushirizaho gukorana bwa runani hagati y’imigwi yose ikora aubutumwa bwerekeye ingo n’imiryangomuri Diyoseze canke muri Paruwase, ni ukuvuga: imihari y’abubatse rukristu, imiryango y’abihebeye Imana ifise ako karangamutima n’akarangabitumwa, imiryango mishasha irimwo abihebeye Imana n’abakristu balayike yavukiye ubwo butumwa, kugira ngo twese dusenyere ku mugozi umwe, kanatsinda dusangiye kwubaka umuryango umwe.

◼️ 4.2. ABARONGOYE IGIHUGU

Mu gihugu cacu birahimbaye kubona hari ibwirizwa shingiro riha ikibanza gihambaye ingo n’imiryango, kuko rivuga riti: «Urugo ni rwo shingiro kamere ry’igihugu. Ukwabirana ni yo nkingi yarwo yemewe n’amategeko. Reta irakingira bidasanzwe ingo n’imiryango» (Ibwirizwa shingiro rya Republika y’Uburundi ryo kw’igenekerezo rya 07 Ruheshi 2018, ingingo ya 30).

Igisigaye rero ni uko abaramutswa igihugu bobandanya bitwararika gukingira ingo n’imiryango, hakama hatorwa amategeko yubahiriza imico n’imigenzo myiza y’igihugu cacu, kandi adateye kubiri n’umugambi w’Imana ku rugo.

◼️ 4.3. INGO Z’ABAKRISTU

19) Abashaka kwubaka rukristu n’abubatse rukristu nibamenye ko ukwubaka rukristu ari umuhamagaro w’Imana nk’iyindi mihamagaro iri muri Ekleziya. Nk’uko iyindi mihamagaro y’Imana yitegurirwa bikwiye, n’abubakana rukristu nibabanze bavyitegurire bikwiye. Vyongeye, kugira ngo uwo muhamagaro utere imbere, abubakanye bategerezwa kuguma bavoma inkomezi mw’Ijambo ry’Imana no mu masakramentu.

20) Nk’uko Umuvyeyi wacu Papa Fransisko avyigisha ati: «Akanyamuneza k’urukundo mu ngo ni ko kanyamuneza k’Ekleziya» (Papa Fransisko, «Amoris Laetitia, No1», natwe turabibukije ko intahe mushingira akanyamuneza muterwa n’urukundo mufitaniye ari ubutumwa kirumara mu gihugu cose. Ako kanyamuneza gatanga umwizero ku muntu uwo ari we wese, cane cane ku rwaruka rufise umuhamagaro wo gushing izabo.

21) Turabasavye mubandanye mwitwararika ukurondoka kubereye kwisunga umugambi w’Imana, kandi ntimwigere mudohoka mu kwakirana urukundo abana mugabirwa n’Imana, mu gukingira ubuzima bwabo bwose kuva bagisamwa, mu kubarerana urukundo, no mu kubaha indero runtu na rukristu ibafasha kwitegurira kazoza keza mu muvukano udakumira.

22) Nimumenye ko «ubugirigiri bugira babiri», mumenye gushingira intahe urukundo rwanyu mu bandi: ,u kwitana ubutumwa n’ibikorwa vy’imibano mito mito y’Abakristu, mu kwijukira imihari n’imigwi y’ubutumwa, amashirahamwe meza yo kwiteza imbere.

Ivyo vyose bizobaha akaryo ko gusengera hamwe n’abandi, ko gutabarana, ko kumenya kwengengana no kurekuriranira. Gutyo muzoba muriko murashinga rwa runani rw’ingo Ekleziya ihimiriza, rubafasha gushigikirana no kurangura ubutumwa munonokewe (Raba «Familiaris Consortio, No72».

Mu ncamake, nimwiyunge hagati yanyu, mukomeze ubumwe n’indongozi zanyu muri Ekleziya muryango, ni ho muzoronka inomezi n’akanyamuneza k’ukwama mugira muti: «Jewe n’urugo rwanje tuzokorera Umukama» (Yozuwe 24,15).

◼️ 4.4. URWARUKA

23) Rwaruka dukunda, muri ingingo za Kristu kuva mukibatizwa, muri n’abuzukuru b’aberanda. Ntimurekuriwe rero kugwana mu nda nk’abatazi Imana (Raba Tobito 8,7). Nimufate umwanya wo kwitegurira neza ibanga ry’ukwubaka rukristu mu rukundo no mu kuri, mwakire mwongere mukunde inyigisho zibaha umuco w’umuhamagaro wanyu. Nimwumvire impanuro n’akarorero keza muhabwa n’abavyeyi hamwe n’abababoneye izuba.

24) Inkwano, uburemere bw’imanza n’izindi ngorane ntibibahahamure ngo bibabuze guca mu nzira nziza y’isakramentu; nimwegere abarongoye Ekleziya n’abavyeyi banyu babafashe gutora intumbero ibereye.

Abo vyagoye na bo nyene ntibihebure, bamenye ko Ekleziya ari Umuvyeyi, iguma yuguruye amarembo yayo ngo ibafashe gusubiza ibintu mu buryo, gutyo basubize hamwe n’Imana n’umuryango w’Ekleziya.

🌐 UGUSOZERA

Bavukanyi,

25) Dushishikara dukenguruka ingo nziza z’abakristu zigaragaza akaranga ka Ekleziya yo haziko imenyesha Inkuru Nziza. Ntitwokwibagira gusabira ingo ziri mu ngorane zinyuranye.

Ahasigaye, ntidupfishe ubusa ingabirano twaronse mu kwemera, duhimbarwe ahubwo n’ukuba twaramenye Kristu, ntitumwigungane, tunezerwe n’ukumenyesha kandi duhimbarwe n’uko n’abandi bamumenya, kuko twoba turwiciriye tutamenyesheje Inkuru Nziza (1Kor.9,16).

🌐 Turangije tubipfuriza mwese Yubile nziza.

🌐 Yezu, Mariya na Yozefu, Muryango Mweranda w’i Nazareti, dusabire!

⚫ Bigiriwe i Bujumbura,
Ku wa 25 Mukakaro 2023

🌐 ABUNGERE B’EKLEZIYA KATOLIKA Y’I BURUNDI:

🔸 Bonaventura NAHIMANA
Umwungere Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega
ahagarariye Diyoseze ya Rutana,
akaba n’Umukuru w’Inama y’Abepiskopi Katolika b’i Burundi

🔸 Salvatori NICITERETSE
Umwungere wa Diyoseze ya Bururi
akaba n’Icegera c’Umukuru w’Inama y’Abepiskopi Katolika b’i Burundi

🔸 Gerevazi BANSHIMIYUBUSA
Umwungere Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura

🔸 Buraziyo NZEYIMANA
Umwungere wa Diyoseze ya Ruyigi

🔸 Joriji BIZIMANA
Umwungere wa Diyoseze ya Ngozi

◻️ Protazi NKURIKIYE
Icegera c’Umwungere wa Diyoseze ya Muyinga


🟢 ISOKO: Umuhora w’amakuru w’Inama y’Abepiskopi Katolika y’i Burundi, CECAB (https://www.eglisecatholique.bi/index.php/fr/vie-de-l-eglise1/messages/inyigisho-y-inama-y-abepiskopi-gatolika-b-i-burundi-isozera-yubile-y-imyaka-125-inkuru-nziza-isamirana-mu-gihugu-cacu)

🟢 SOMA KANDI: Umuhora w’ikigo ca Diyoseze Nkuru ya Bujumbura c’ukumenyesha amakuru, CEDICOM (https://archidiocesedebujumbura.bi/ik/at2040/)

Concevoir un site comme celui-ci avec WordPress.com
Commencer