Indwi ya 23 yo mu mwaka : ku wa kane (Années paires)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikive Abanyakorenti (8, 1b-7. 11-13)
Ncuti zanje, ubwenge butuma kwishima, ariko urukundo ni rwo rwubaka . Uwiyumvira ko hari ico azi, urya ntaramenya ingene yomenya nyene. Uwukunda Imana we, uwo arazwi n’Imana. Ku vyerekeye ivy’ugufungura inyama zabagiwe ibigereranyo rero, turazi yuko ibigereranyo ari ubusa kw’isi kandi yuko ata Mana yindi iriho atari Imana imwe. N’aho havugwa ivyitwa ibigirwamana ari mw’ijuru canke kw’isi, nk’uko hari ibigirwamana vyinshi n’abakama benshi, kuri twebwe hari Imana imwe rudende riho, Yo Data ari Yo vyose vyamukako kandi ari Yo twaremewe ; bisubiye, hari Umukama umwe, Yezu Kristu, We abeshaho vyose kandi ari We tugendako. Ariko, bose ntibafise ubwo bwenge ; kubera akamenyero k’ibigereranyo bafise gushika ubu, bamwe barya za nyama nk’inyama zabagiwe ibigereranyo nyene, na ko ka gatima-mpanuro kabo gasānzwé kagoyagoya kakononekara. Uko ni ko, ubwenge bwawe buzokwica uwudakomeye, ari we mwenewanyu Kristu yapfiriye! Mu gucumura gutyo kuri benewanyu no mu gukomeretsa ka gatima-mpanuro k’abadakomeye, muba muriko muracumura kuri Kristu. Ni co gituma rero, ivyokurya ni vyatirimutsa mwenewacu, nzoheba inyama ubutacisubirako ngo sintirimutse mwenewacu.
IZABURI 138 (139) 1-2.3b, 13-14b, 23-24
Icit.: N’unjane mu nzira y’ubukiriro bwamaho.
Mukama, uranyitegereza kandi uranzi, ndicara ukabimenya, nahaguruka ukabimenya ; akari mu mutima wanje ukamenya ukiri kure, inzira ncamwo zose ni Wewe uzizi.
Ni Wewe wampaye amagara, ni Wewe wandemye mu nda ya mama; warangize agatangaza, ndabigukengurukiye, ibikorwa vyawe ni agahore nk’akandi.
N’unyitegereze, Mukama, uheze umenye umutima wanje, n’usuzume ivyanje, uheze umenye ivyiyumviro vyanje. Raba ko noba mu nzira mbi, uheze unjane mu nziza y’ubukiriro bwamaho.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Uwuzigama ijambo rya Kristu, muri we ni ho urukundo rw’Imana ruba rusasagaye.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka Mweranda (6, 27-38)
Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati : « Mwebwe munyumviriza ndababwiye : Kunde abansi banyu, girire neza ababanka, hezagire ababavuma, sabire abababeshera. Hagize uwugukubita kw’itama rimwe, tega kandi irindi ; n’uwuzogutwara umutamana, ntumubuze kugutwara ikanzu. Uwugusavye n’umuhe, kandi n’uwuzogutwara utwawe ntutuburanire. Ico mushaka ko abandi babagirira, kibagirire namwe. Nimwakunda ababakunda gusa, bibamariye iki ? N’abanyakabi nyene barakunda ababakunda. Nimwagirira neza ababagirira neza, bibamariye iki ? N’abanyakabi ni ko bagira. Nimwagurana abo mwishimiye ko bazobasubiza, bibamariye iki ? N’abanyakabi baragurana abanyakabi ngo baronke ibingana na bino. Mweho, kunde abansi banyu, gire neza, mugurane ata co mwishimiye ; impera yanyu izoba nini, kandi mube abana b’Uwo mw’ijuru, kuko agirira neza intashima n’ababi. Nimube abanyakigongwe, nk’uko So wanyu ari umunyakigongwe. Ntimucire abandi rubi, niho mutazorucirwa ; ntimucire igihano abandi, niho mutazogicirwa ; rekurire abandi, niho muzorekurirwa. Tange, niho bazobaha ; bazobasubiza ingero nyayo, yuzuye, itsindagiye kandi isesekaye ; ingero mugeresha ni yo namwe muzogererwako. »