Indwi ya 11 yo mu mwaka : ku wa gatatu (Années paires)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Abami (2, 1.6-14)
Ng’ibi ivyabaye mu gihe Umukama yajana Eliya mw’ijuru, mu gihuhusi c’umuyaga. Eliya na Elize bari mu nzira bavuye i Giligali. Araheza Eliya abarira Elize ati: «Guma ngaha, kuko Umukama antumye ku ruzi rwa Yorodani gusa.» Ariko Elize aramwishura ati: «Ndarahiye Umukama muzima, na wewe ndakurahiye yuko tutavana.» Baraheza baragenda bompi uko ari babiri. Bashitseyo, abahanuzi mirongo itanu bahora bagendana baraza kubasanganira, bigumira kure mu gihe bari bahagaze bompi ku nkombe ya Yorodani. Maze, Eliya afata umutamana wiwe, arawuzingazinga, awukubitisha amazi; nya mazi acikamwo kubiri, baca mu nzira yumye. Bamaze kujabuka, Eliya abarira Elize ati: «Pfa kunsaba ico ushaka: Mbega, tutaravana noshobora kukugirira ibiki?» Elize aramwishura ati: «Ntabara, undage ibigabane bibiri vy’ubuhanuzi bwawe!» Eliya aramwishura ati: « Unsavye ikigoye: mugabo niwambona mu gihe nzotwarwa ngatandukanywa nawe, ivyo uzobironka; ahandiho, ntibizoba.» Bariko baragenda bayaga, haza urureruzo rw’umuriro rukwegwa n’amafarasi y’umuriro, birabatandukanya; Eliya ajanwa mw’ijuru mu gihuhusi c’umuyaga. Elize abibonye, arasemerera ati: «Yewe ga dawe we, yewe ga dawe we! Wewe ureruzo rw’Israyeli n’amafarasi yayo!» Ntiyaba agisubira kumubona. Ni ko gutabura impuzu ziwe, akazigiramwo ibitabu bibiri. Araheza atora umutamana wa Eliya wakorokeye hasi, agaruka ku nkombe ya Yorodani. Arafata rero wa mutamana wa Eliya, awukubitisha amazi; nya mazi acikamwo kubiri, araheza arajabuka.
IZABURI 30 (31) 20, 21, 24
Icit.: Mwese abizigiye Umukama, humure, subize umutima mu nda.
Erega, Mukama, ubuntu bwawe ni bwinshi cane, ubwo wereka abakwubaha; ubwo ugirira abaguhungirako mu maso y’abana b’abantu.
Abo ukiza ubahozako ijisho, ukabashira kure y’akagunge k’abantu, ukabahisha mw’ihema, kure y’uruvugo rw’abantu.
Nimukunde Umukama, mwa bakunzi biwe mwese: Umukama arabungabunga abatamuhemukira, ariko akagerera ku rushi abishima.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Nyigisha, Mukama, inzira yawe; undǒngōre mu kuri kwawe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (6, 1-6.16-18)
Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe n’ishengero ry’abantu ati: «Nimureke kwerekana ubwiza bwanyu mu maso y’abantu, kugira ngo babashime; ahandi ho, So wanyu wo mw’ijuru nta mpera azobaha. Niwagira ico uhaye umurushwa ntukigire ururirimbo, kumwe abibara uko batari bagira mu masinagoga be no mu mayira, ngo abantu babaninahaze; ni ukuri ndabibabwiye, impera yabo baramaze kuyironka. Weho rero, niwagira ico upfumbatishije umworo, ukubamfu kwawe ntikuze kumenye ico ukuryo kugize, kugira ngo ico utanze kigume mu mabanga; So wawe abona ikimizwe n’ingoma izokigusubiza. Nimwasenga, ntimugire nk’abanyabwishime bakunda gusengera ahabona, mu masinagoga no mu mu mayirabiri ngo ibantu bababone. Ni ukuri ndabibabwiye, impera yabo baramaze kuyironka. Weho rero, niwashaka gusenga, injira haruguru hiherereye, wugare urugi, uheze usenge So wawe ari ahiherereye; So wawe abona ikitaboneka azobikwishura. Nimwisonzesha, ntimwijirwe nk’uko abanyabwishime bagira, bakinyankabiranya mu maso, kugira ngo abantu babone ko bisonzesheje; ni ukuri ndabibabwiye, impera yabo baramaze kuyishikira. Weho rero, niwisonzesha, inogereze mu mutwe, wiyoge no mu maso, abantu ntibamenye ko wisonzesheje, ariko bimenywe gusa na So wawe ata kimusoba; So wawe abona ibiri mu mpisho azobiguherako impera.»