Ijambo ry’Imana

Indwi ya 11 yo mu mwaka : ku wa gatanu (Années paires)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Abami (11, 1-4.9-18, 20a)

Muri irya misi, Hataliya, nyina wa Akaziya, abonye ko umwana wiwe yapfuye, aca atikiza abo mu nda y’ingoma bose. Ariko, Yehoshebahi, ari we mukobwa w’umwami Yehoramu na mushiki wa Akaziya, aca afata Yowashi mwene Akaziya, amukura mu bandi bana b’umwami bariko baratemagurwa. Amujana n’umurezi wiwe mu cumba babikamwo uburiri. Uko ni ko bamunyegeje ngo Hataliya ntamwice. Amarana na Yehoshebahi imyaka itandatu, anyegejwe mu ngoro y’Umukama, Hataliya na we akaba ari we agaba igihugu. Mu mwaka ugira indwi, umuherezankuka Yehoyada atuma ku basirikare mu Bakari no ku barinzi abahamagarira iyo ari mu ngoro y’Umukama. Bashitseyo, agiranira na bo isezerano, bararirahira mu ngoro y’Umukama nyene; hanyuma naho, abereka umwana w’umwami. Abo basirikare barakurikiza muri vyose ya mategeko y’umuherezankuka Yehoyada: umwe wese ajana abaje ku rubu rwabo kw’isabato n’abari barurangije kuri iyo sabato nyene. Yehoyada arabaha amacumu n’inkinzo y’umwami Dawudi bari babitse mu ngoro y’Umukama. Abarinzi baratonda umurongo kuva mu bumanuko gushika mu buraruko ngo bakikuze uruhimbi n’ingoro, kandi bari bafïse ibirwanisho vyabo mu minwe. Yehoyada araheza asohokana umwana w’umwami, amwambika urugori rw’ubwami, amuha intahe y’umwami nyene. Baramwimika, bamusiga amavuta. Ivyo biheze, barakoma amashi, bamuvugiriza impundu ngo: «Ganza, sabwa!» Hataliya ngo yumve urwo rwamo rw’ishengero, araza kuraba mu ngoro y’Umukama. Aravyitegereza, abona umwami ahagaze hafi y’inkingi nk’uko vyahora, be n’abashingantahe n’abavuza inzamba bamukikiza n’abantu bose bigina kubera akanyanuneza mu kwumva inzamba. Araheza atabura impuzu  ziwe, avuza induru ati: «Ni umugararizo! Ni umugararizo!» Ariko rero, umuherezankuka Yehoyada ategeka intwazangabo z’abasirikare, avuga ati: «Nimumusohore ave ku bibuga vy’ingoro y’Umukama; uwumukurikira wese, mumwicishe inkota.» Nka ko nyene, uwo muherezankuka yari yababujije kumwicira mu ngoro y’Umukama. Baramufata rero, kandi amaze guca kw’irembo ry’amafarasi n’ugushika mu ngoro y’umwami, baca baramwica. Ivyo biheze, Yehoyada arashinga isezerano ry’Umukama n’umwami be n’ishengero ry’abantu, kugira ngo igihugu kibe gihugu c’Umukama. Abantu bose baca bagenda ku ngoro ya Bahali, barayisenyura; baramenagura impimbi n’ibishusho vyazo, baricira imbere y’uruhimbi Matani umuherezankuka Bahali. Umuherezankuka Yehoyada araheza ashinga abarinzi ngo bateramire mu ngoro y’Umukama. Abantu bose baranezerwa kandi igisagara gisubira gutekana.

IZABURI 131 (132) 11, 12, 13-14, 17-18

Icit.: Umukama ni we yitoreye Siyoni, ngo bahamwubakire ingoro.

Umukama yararahiye Dawudi indahiro y’ukuri, kandi ntazokwirahuruza, Ati: «Uwuzokwamuka mu bura bwawe, ni we nzoshira ku ngoma yawe.

Abana bawe nibagumya ivyo twasezeranye, nibakora amategeko nabahaye, abana babo na bo nyene bazoja ku ngoma yawe, imyaka n’imyaka.»

Erega, Umukama ni we yitoreye Siyoni, ni ho yagomba ngo bahamwubakire ingoro: aho ni ho ngiye kuvyagira imyaka yose, ni ho nzoba kuko nahagomwe.

Ni ho nzobakomereza ubutwari bwa  Dawudi, ni ho nzotegurira urumuri Uwo nitoreye; nzomaramaza abansi biwe, ugori rw’ubwami na rwo rusayangane ku ruhanga rwiwe.»

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya.

Mukama Mana, tworohereze umutima, kugira ngo turonderane urukundo amajambo y’Umwana wawe.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (6, 19-23)

Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Ntimurunde amatungo yo hasi aribwa n’ingese n’umuswa, ibisuma bikimba inzu bikayasahura. Nimukurikirane itunga ryo mw’ijuru, ho ingese n’umuswa bitagera, ho ibisuma bitamena ngo vyibe. Kuko aho itunga ryawe riri, ari ho agatima kawe kazoba. Itara ry’umubiri ni ijisho. Ijisho ryawe ari rizima, umubiri wawe wose uzoba mu muco; ariko ijisho ryawe rirwaye, umubiri wawe wose uzoba mu mu muzimagiza. Nicaba rero icokuboneshereje ari co mwijima, uyo mwijima ni umuzimagiza!»

Publié par Médard Nkunzimana

Heureusement je suis sauvé par le Christ Jésus.

Concevoir un site comme celui-ci avec WordPress.com
Commencer