Indwi ya 11 yo mu mwaka : ku wa gatandatu (Années paires)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Ivyabaye (24, 17-25)
Umuherezankuka Yehoyada amaze gupfa, abatware bo mu Buyuda baraza gukubita ibipfukamiro imbere y’umwami Yowashi, umwami nyene akumviriza ayo bashaka kumubwira. Abayuda baraheza baraheba ingoro y’Umukama, Imana ya ba sokuru babo, ngo bagende gusenga ibitabo n’ibigirwamana. Iryo bara bakoze rituma ishavu ry’Imana ribagwako, mu ntara ya Yuda na Yeruzalemu. Imana irabarungikira abahanuzi ngo babagarurire kuri yo, ba bahanuzi babashikirije ijambo ry’Imana, ntibumve.
Hanyuma na ho, Umukama aratuma umutima wiwe kuri Zakariya, mwene Yehoyada umuherezankuka. Na we Zakariya araseruka imbere y’ishengero, ababwira ati: «Ng’iri iriyazwe n’Imana: igituma murenga amabwirizwa y’Umukama ngo mutakare, ni iki? Kuko mwahevye Umukama, Umukama na we azobaheba.» Baca bagira inama y’ukumwica, no kw’ijambo ry’umwami baramwicisha amabuye ku kibuga c’ingoro y’Umukama. Umwami Yowashi yari yibagiye ivyiza Yehoyada yamugiriye, amwicira umwana wiwe Zakariya. Mu gihe c’ugupfa, Zakariya arasemerera ati: «Umukama arabibona kandi azogera ingere ku yindi!»
Umwaka utashe, ingabo za Aramu ziduga kurwanya umwami Yowashi. Barashika mu Buyuda no muri Yeruzalemu, baramara intwazangabo zose, baraheza barungikira umwami w’i Damasi ibinyagano banyaze vyose. Erega, za ngabo za Aramu zari zaje ziri ku rushi, ariko Umukama yazihebeye ingabo n’aho zari indiri, kuko Abayuda bari bahevye Umukama, Imana ya ba sokuru babo. Uko ni ko ingabo za Aramu zaruciriye Yowashi. Baraheza rero bamusiga arwaye cane, asinzikaye. Abasuku biwe baraheza baramugarariza ngo bahore amaraso y’umwana w’umuherezankuka Yehoyada. Baramutemagurira ku kirwa ciwe, arapfa. Baraheza bamuhamba mu gisagara ca Dawudi, atari mu mva y’abandi bami.
IZABURI 88 (89) 4-5, 29-30, 31-32, 33-34
Icit.: Urukundo Umukama afitiye Uwo yitoreye ruzokwamaho imyaka n’imyaka.
Twagize ubumwe twe n’Uwo nitoreye,
narahiye umusavyi wanje Dawudi nti:
«Narashinze umuryango wawe ubutakihava,
ndagushigikirira ingoma izokwamaho.
Nzokwama ndamukunda imyaka yose,
ubumwe bwanje sinzokwigera ndabumukurako:
umuryango wiwe nawugeneye kubaho imyaka yose,
na yo ingoma yiwe nayishinze ngo yameho nk’ijuru.
Abahungu biwe nibaheba itegeko ryanje,
ntibabe bagikurikiza amategeko yanje,
bagahumanya amateka yanje,
kandi ntibazigame amabwirizwa yanje.
Ibicumuro vyabo nzobicishako abana b’intoke,
ibibi vyabo ndabihanishe amahiri,
ariko sinzomukurako umutima,
kandi sinzomuhemukira.»
INKURU NZIZA
Aleluya, Aleluya.
Umuntu ntatungwa n’indya gusa,
ariko atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa
k’Imana.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (6, 24-34)
Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Nta woshobora gukorera ba shebuja babiri, kuko yokwanka umwe agakunda uwundi, canke yokwishimira umwe, uwundi na we akamunebagura. Niho rero mutoshobora gukorera Imana n’ifaranga.
Ni co gituma ndababwiye nti: “Nimureke guhagarikwa umutima n’indya zo kubatunga n’impuzu z’ukwambika umubiri wanyu. None amagara ntasumba imfungurwa, umubiri na wo ugasumba ivyambarwa? Raba inyoni zo mu kirere! Ntizibiba, ntizimbura, ntizica ibigega, ariko So wanyu wo mw’ijuru arazigaburira! None ntimuziruta na kure Aho nyene, ni nde muri mwebwe yoshobora kwiyongerereza akanya na gatoyi k’ukuramba ngo n’uko bimuhagaritse umutima? Na vyo ivy’impuzu, bibahagarikira umutima iki? Itegereze ukuntu amashurwe yo mw’ishamba akura! Ntiyirirwa ariruhisha kandi nta mpuzu ajisha, ariko ndababwiye ko na Salomo, mu gihe cose yari mu gahimbare ka cane, atigeze yambara nka rimwe muri ayo mashurwe. Ko Imana irinda yambika ivyo vyatsi vyo mw’ishamba vyirirwa uyu musi ejo bigacanwa, yobura kubagirira ibisumba, mwebwe? Emwe mwa bantu, mwemera buhoro! Nimureke rero gusimbwa n’umutima mugira ngo: “Mbega tuza kurya iki?”canke muti: “Tuza kunywa iki?” canke muti: “Tuza kwambara iki?” Abapagani ni bo bakurikirana ivyo bintu vyose. Nimutangure rero kurondera Ubwami bw’Imana n’ubutungane bwayo, na vyo ibindi izobibagerekerako. Ntimwitwararike ivy’ejo, ejo hazokwimenya. Umusi wose ugorwa n’ivyawo.»