Ijambo ry’Imana

Indwi ya 12 yo mu mwaka : ku wa mbere (Années paires)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Abami (17, 5-8.13-15a. 18)

Muri irya misi, Umwami wa Ashuri atera igihugu cose, aza n’ugukikiza igisagara ca Samariya imyaka itatu yose. Mu mwaka ugira icenda kuva aho umwami w’Israyeli yitwa Ozeya yimikiwe, ni ho umwami wa Ashuri yafata igisagara ca Samariya, akajana Abanyisrayeli muri Ashuri kubagira imbohe. Ivyo vyose vyabaye, kuko Abanyisrayeli bari bacumuye ku Mana yabo yari yabakuye mu gihugu ca Misiri, ikabakiza ukuboko kwa Farawoni, umwami wa Misiri. Barahejeje barasenga izindi mana, bakurikiza imigenzo y’ibindi bihugu Imana yari yabakijije.
Nka ko na none, Umukama yama ahanura Israyeli n’intara ya Yuda mu kanwa k’abahanuzi bose no mu kanwa ka ba Rumenyi bose ati: «Nimwigarure, muhebe imigenzo yanyu mibi; muzigame amabwirizwa yanje n’amateka yanje nk’uko nabitegereje ba sokuru banyu kandi nk’uko nabibashikirije mbicishije ku basavyi banje bahora babahanura kw’izina ryanje.» Ariko, bari banse kuganduka kandi bari barigize intagondwa, babirusha ba sokuru babo batemeye Umukama Imana yabo. Barakengereye amateka yiwe na rya sezerano yari yasezeraniye ba sekuru babo, be na ya mategeko yose yari yabahaye. Ni ho rero Umukama yahava akagira ishavu kubera Israyeli, akayirukana ngo ive imbere yiwe, hasigare umuryango wa Yuda gusa.

IZABULI 59 (60) 3-4, 5-6, 13-14

Icit.: Kugira ngo ububasha bwawe butsinde, n’utwishure, Mukama!

Ewe Mukama, wadutaye twasanzaye,
wari wadushavuriye, tugarukire.
Warahindishije isi umushitsi, urayasamika;
yikize imigaga, kuko iri hafi y’ugusanzara.

Intara yawe warayirungikiye amakuba,
waduhaye inyobwa ituborera.
Abakwubaha na bo warabahaye ikimenyetso,
kugira ngo bahunge umuheto.

N’udutabare, dutsinde umwansi,
ukuzera gutabaruka ku bantu ni ubusa!
Duhagarikiwe n’Imana, tuzokora ibitanganza,
ni yo izohonyora abaduhonyoye.

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya.

Nyigisha, Mukama, inzira yawe;
undongōre mu kuri kwawe.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (7, 1-5)

Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Ntimucire abandi rubi, kugira ngo namwe ntimuze murucirwe. Kuko urubanza muca ari rwo ruzobatsinda, ingero mugeresha ni yo namwe muzogererwako.» Ni kuki ubona akatsi kari mu jisho rya mwenewanyu, ntubone urugiga ruri mu ryawe? Kibure, bishoboka bite ko ubwira mwenewanyu uti: Hinge ngukure icatsi mu jisho, naho mu ryawe harimwo urugiga? Wa ndyadya we, banza ukure urugiga ruri mu jisho ryawe, ni ho uzobona neza, ugashobora gukura icatsi kiri mu rya mwenewanyu.»

Publié par Médard Nkunzimana

Heureusement je suis sauvé par le Christ Jésus.

Concevoir un site comme celui-ci avec WordPress.com
Commencer