Ijambo ry’Imana

Indwi ya 12 yo mu mwaka : ku wa gatatu (Années paires)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Abami (22, 8-13 ; 23, 1-3)

Muri irya misi, umuherezankuka mukuru Hilikiya yabariye umwanditsi yitwa Shafani ati: «Natoye igitabu c’amabwirizwa mu ngoro y’Umukama.» Hilikiya aramuhereza ico gitabu, na we Shafani aragisoma. Maze, uwo mwanditsi Shafani aragenda ibwami, abwira umwami ingene vyabaye ati: «Abasuku bawe bakiriye ya mafaranga yari mu ngoro y’Umukama kandi bayashiriye abafundi bakora mu ngoro y’Umukama nyene.» Hanyuma, uwo mwanditsi Shafani yongera kubarira umwami ati: «Umuherezankuka Hilikiya yandungikanye ico gitabu»; araheza agisomera imbere y’umwami. Ngo yumve ayo majambo yanditswe mu gitabu c’amabwirizwa, umwami aca yitaburirako ivyambarwa vyiwe. Araheza atuma umuherezankuka Hilikiya, umwanditsi Shafani n’umubwiriza wiwe Hasaya ati: «Nimugende munsigurize Umukama, twe n’ishengero ryose, ivyo amajambo y’ico gitabu avuga ngo bakore vyose.» Umwami rero arahamagaza abakuru bose b’intara y’Ubuyuda n’ab’i Yeruzalemu ngo barenguke iwe; araheza umwami aduga ku ngoro y’Umukama ari kumwe n’abantu b’intara y’Ubuyuda bose, n’ababa i Yeruzalemu bose, n’abaherezankuka, n’abahanuzi n’ishengero ryose ry’abantu kuva ku muto gushika ku mukuru. Arasoma imbere yabo ivyanditswe vyose muri ico gitabu c’Isezerano bari batoye mu ngoro y’Umukama. Umwami yari ahagaze hafi y’inkingi, asezeranira imbere y’Umukama yuko azomukurikira kandi yuko azozigama amabwirizwa yiwe, inyigisho ziwe n’amateka yiwe, abishizemwo umutima wiwe wose n’umushaha wiwe wose, kugira ngo amasezerano yanditswe muri iki gitabu yose aranguke. Maze, abantu bose na bo baravyisezeranira.

IZABURI 118 (119) 33-34, 35-36, 37.40

Icit.: Nyereka, Mukama, inzira y’amabwirizwa yawe.

Nyereka inzira y’amabwirizwa yawe:
ni yo nshaka kugenderamwo imisi yose.
Nyumvisha ibwirizwa ryawe, maze ndarizigame,
ndarirangure n’umushaha wanje wose.

Uranyobora mu nzira y’amabwirizwa yawe,
kuko ari ho nkura akanyamuneza.
Urahengekera umushaha wanje kw’ijambo ryawe,
ntuwuhengekere ku maronko.

Amaso yanje urayakingira ibintazi bitaja ntibize,
Ijambo ryawe ribe ari ryo rimbeshaho.
Urabona ko nahurumbiye amabwirizwa yawe,
urantungisha ubutungane bwawe.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Nimwakirize yompi ijambo ry Imana
ntimuryakire nk’ijambo ry’abantu,
kuko ari Imana yonyene ibayagira.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo Mweranda(7, 15-20)

Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Mwirinde abahanuzi b’ibinyoma: babegera ku rukoba basa n’intama, ariko imbere ari imfyisi zisahura. Muzobamenyeshwa n’ivyo bakora. Mbega, hari uwamura imizabibu ku mahwa, canke amafigiye ku bitovu? Ni ko kw’uko, igiti ciza cama ivyamwa vyiza, igiti kibi na co kikama ivyamwa bibi. Igiti ciza ntigishobora kwama ivyamwa bibi, igiti kibi na co ntigishobora kwama ivyamwa vyiza. Igiti cose kitama ivyamwa vyiza kizocibwa, giheze gicanwe. Muzobamenyeshwa rero n’ivyo bakora.»

Publié par Médard Nkunzimana

Heureusement je suis sauvé par le Christ Jésus.

Concevoir un site comme celui-ci avec WordPress.com
Commencer