Ukwemera kwacu

Nicée-Constantinople:


Nemera Imana imwe rudende,
Data Mushoboravyose, yaremye ijuru n’ isi,
ibiboneka n’ibitaboneka.
Nemera kandi Umukama umwe Yezu Kristu,
Umwana w’ikinege w’Imana,
Yavyawe na Data ata myaka iravurwa,
Ni Imana iva ku Mana, ni Umuco uva ku Muco,
Ni Imana y’ukuri iva ku Mana y’ukuri.
*Yaravyawe ntiyaremwe, asangiye kamere na Se,
*Vyose vyaremewe kuri We.
*Yavuye mw’ijuru kubwa twebwe abantu kugira ngo adukize.
Ayo majambo yisa bayavuga bunamye
*Yihaye umubiri mu nda ya Bikira Mariya,
*Kubwa Mutima Mweranda yigira umuntu,
*Yongera abambwa ku musalaba kubwacu,
*Kuri Ponsiyo Pilato, arababara, arahambwa
*Araheza azuka ku musi ugira gatatu,
nk’uko vyari vyaranditswe.
Hanyuma yurira mw’ijuru, yicara iburyo bwa Se
Kandi azogarukan’ubuninahazwa,
Aje gucira urubanza abazima n’abapfuye,
Ingoma yiwe ntizoba igihera.
Nemera kandi Mutima Mweranda,
*Umukama, ari we sóko ry’ubuzima,
akomoka kuri Data na Mwana.
Turamusenga kandi turamuninahaza
*NK’uko tubigirira Data na Mwana,
niwe yavugiye mu bahanuzi.
*Nemera kandi Ekleziya imwe, nyeranda,
gatolika kandi ishingiye ku batumwa.
Nemera ko lbatisimu ikura ibicumuro ari imwe nsa.
Ndorereye izuka ry’abapfuye, n’ubuzima buzokurikira. Amen.

Publié par Médard Nkunzimana

Heureusement je suis sauvé par le Christ Jésus.

Concevoir un site comme celui-ci avec WordPress.com
Commencer