Inyigisho itumenyesha ibicumuro bitandukanye dukora, umuriro udahera n’ibindi

Bavukanyi dusangiye ukwemera birakenewe ko twibukanya ivyerekeye umuriro udahera n’ibituma abantu bawujamwo, ivyo bikava ku bicumuro bitandukanye bikorwa :
-Ibicumuro bigoye n’ibitoyi, -Ukurenga amabwirizwa yaba ay’Imana canke ay’Ekleziya, -Amasakrilego, -Ibicumuro vyo kuri Mutima Mweranda, -Ibicumuro bihamagara Imana guhora, -Ingeso mbi nkuru nkuru indwi (7 péchés capitaux)
Bavukanyi hari n’abibwira ko bakwiranye n’Ijuru ariko ugasanga bahereje mu muriro canke muri purugatori.
Twomenya ko hari inzira zibiri zijana muri Purugatori :
-Inzira y’ibicumuro bigoye
Igicumuro kigoye kijana kure cane y’Ipurugatori, kikajugunya umuntu mu nyenga y’umuriro udahera. Imitima yirabujwe n’ikibi cayinyengetereye ihereza mu muzimagiza. Ntishobora kwakira umuco w’Imana uyibonekera mu gihe c’ugucikana. Ariko iyo umucumuzi yigaye akirega, ikigongwe c’umukama gica kimushungurukirako kubw’isakramentu ry’ikigongwe.Ibicumuro birarekurwa, ubunywanyi dufitaniye n’Imana bukagaruka.Haba hasigaye gutanga iciru ku Mana tukiri kw’isi mu kwibabaza, mu gusenga, mu kwumva imisa n’ibindi ;canke mu gutyororwa n’ububabare bwo mw’Ipurugatori. Niko ukwibabaza n’indurujensiya birashobora kudukingira canke bikadukura mw’i Purugatori ariko abakristu bibabaza bakisonzesha bari ku rushi.
-Inzira y’ibicumuro bitobito
Mu buzima bwacu ivyo bicumuro bitobito ni vyinshi cane : ivyiyumviro ataco bimaze, amajambo ataco amaze,gucira imanza abandi,kwararaza,kuvuga amajambo mabi, akarimi karekare,amajambo yo gutyozanya, yo gutukana,gusamara, ubwibone,ugutakaza umwanya ataco uriko urakora…
Hariho n’ibicumuro bitobito bihakwa kunganya uburemere n’ibicumuro bigoye.
Iyo rero ubuzima bwanyu bwuzuye umwenda kandi utariko urishurwa (votre vie est pleine de dettes et vide de satisfactions), womenya yuko uri muri iyo nzira ya kabiri ijana mw’i Purugatori(Abbé Berlioux)
IMIRWI ITANDUKANYE Y’IBICUMURO
Ingeso mbi nkuru nkuru indwi (7 péchés capitaux)

  1. Ubwishime (orgueil)
    Kugira ubwishime, ubwibone,kwihayagiza.
    M.N: Hari ingendo zimwe zimwe atari nziza zikorwa n’abantu cane cane abigeme n’abapfasoni zirimwo impengamiro y’ubwishime n’ukutanezerezwa n’ukw’Imana yabaremye canke ukwikora , ukwigira neza bakarenza urugero n’ivyo bagira bitwaje ngo n’ugushaza:
    -Hari ibijanye n’ugutoboza amatwi bakayashiramwo amahereni (boucles) be n’utwuma (vis)
    -hari ibijanye n’ugukora imishatsi bakoresha amavuta atandukanye bita produit, kanta, zazu,yombo n’ibindi bikora nk’ivyo.
    -hari ibijanye n’ugukoresha ya mishatsi nkorano bita ama meshi, perike, ama drede.
    -Hari n’amavuta bamwe bisiga atuma baronka inzobe bataremanywe, hari abimonora, abasiga iminwa bene ya mavuta usanga atukuza umunwa canke umunwa usa uko umuntu ashaka( rouge a lèvre) canke bagasiga ku ngohe .
    -Hari n’abakoresha ya mavuta arakira bita parfum
  • Muvyerekeye kwisiga mwomenya ko na poudre atari nziza.
    -Hari n’abamwa ingohe canke bagatingisha ku mu twe wabo abandi bakimwesha agacube .
    -Hari n’abambara impuzu zidakwije ibigaragaza ubutore bw’umuntu yiyubaha mu kwambara impuzu ngufi, muni, mugongo out, amapasura, ama pokete, ama kabuturajipo, amapataro ku bigeme n’abapfasoni.
    Abakoresha ivyo vyose canke ubwo buryo bwose bari mu nzira atari nziza kuko usanga bimwe bimwe bijanye n’ukudashima ukw’Imana yaremye abantu n’uko ibashaka bakarondera kwirema n’ukwitunganya ukundi.
    Bavukanyi mutegere neza ko kwisiga amavuta canke kugirira isuku umubiri ari vyiza kuko hari n’abo umubiri batawusize baca bagira umwera canke umubiri wabo ugakongatara nico gituma kwisiga bikenewe ariko umuntu akaraba neza ivyo akoresha bibaye ngombwa akabaza abagenzi kuko ntawumenya vyose.
    Uwogomba kubizirikana neza yosoma ijambo ry’Imana 1Timote2, 9-10; isaya3, 16-24; 1petero3, 3-4.
  1. Ubunibuni (l’avarice)
    Ukwikwegerako amatungo, kugira umwina w’itunga mbere iryotunga nturikoreshe mu bikorwa vy’urukundo n’ikigongwe .
    3.Impengamiro ya kamere y’umubiri (l’impurité, luxure, les pechés du plaisir sexuel recherché pour lui- même)
    ugushakashaka k’umubiri (instin sexuel).Umumtu wese akomeye avuka afise ubugabo( ubuhungu) canke ubugore ( ubwigeme) nico gituma hari igihe yumva muriwe hari ibihindagurika mu bwenge no mw’ikora ry’ibihimba vy’irondoka ,umubiri wiwe ugashakashaka; ivyo rero biragaragaza ko umuntu akomeye neza nayo ahandi hoho atavyiyumvamwo canke bitigera bishika na rimwe uwo muntu ntaba akomeye, muri ico gihe ntiyoshobora kwihebera Imana canke ngo yubake urugo rwiwe. Hari n’urwaruka iyo biriko birahindagurika ruca rwibaza ko hageze ko rwubaka ingo(kurongora) naho atarivyo ari uko gushakashaka kugaragaza ko umuntu akomeye. Hari igihe usanga bamwe bituma baja mu ngeso mbi z’ukwifuza gusambana, gusambana, n’ukwisambanya mu gukinisha ibihimba vyabo vy’irondoka n’ukwikorakora (masturbation, caresse).
    Mumenye ko ari ibicumuro bibi cane. Umuntu wese yokwigumya akiyubara ico arico cose cotuma acumura muri iyo ntumbero.
    MN: Hari abakristu bibaza ibibazo kubijanye n’ukugenyerwa ku bahungu (circoncision)
    Ukugenyerwa si igicumuro ariko mu ntango ukugenyerwa wari umuco w’abayahudi niho tubona Yezu na Yohani baragenyerewe.
    ukugenyerwa kandi ni igikorwa c’isuku ku bahungu nta n’inkurikizi mbi gifise.
    Mugihe ca Yezu umwana w’umuhungu yahabwa izina ku musi wo kugenyerwa :
    -Imisi umunani iheze, hageze ko agenyerwa bamwita Yezu. Luka 2,21
    -Ku musi ugira umunani , baraza kugenyera umwana kandi bashaka kumwita Zakariya ,izina rya se. Nyina yamara arababwira ati: “Haba namba : Azokwitwa Yohani “. luka 1,59-60
    Mu mategeko ya musa harimwo irivuga ko umwana w’umuhungu wese ategerezwa kugenyerwa.
  2. Ishavu
    Gushavura, kwisuka mu bitakuraba canke mu vy’abandi, kubura ukwihangana canke kudaca bugufi mubihe vy’ingorane.
  3. Ubukunzi bw’inda
    Kurenza urugero mu kurya no mu kunywa.
  4. Inzigo
    Kugirira ishari kubera ivyo abandi bafise ukagira muri wewe urwanko.
  5. Ubunebwe
    Gutakaza umwanya ataco uriko urakora, kudashaka gukora, kutarangura ivyo ushinzwe kurangura mu butumwa ku bihebeye Imana, mu bikorwa vya misi yose ku batihebeye Imana.
    Umuntu agira Irozari Nyeranda araheza akagabanamwo inema zituma ivyo bicumuro bigabanuka buke buke ariko agakunda kwirega ,gutryo ahari ivyo bicumuro haraheza hakaza vya vyamwa vya Mutima Mweranda: Urukundo,amahoro, akanyamuneza, gusabikanya, ukwihangana, gutarambirwa, kutishira hejuru, kwigumya ,ubwerentegerwa.
    B . AMABWIRIZWA Y’IMANA N’AYA EKLEZIYA
    B1. AMABWIRIZWA CUMI Y’IMANA
    Usenge Imana yonsa uyikunde kuruta vyose: ugukunda Imana yonsa utabangikanije n’ibigigwamana. Ugukoresha ibiheko, insango, indembeko,ukuraguza, kwivuza ku bapfumu n’ugukoresha imiti yabo canke ibakomokako, guterekera, kubandwa n’ibirora muri iyo nzira vyose.
    Usonere izina ry’Imana : Nturahirire ubusa izina ry’Imana canke urikoreshe mu bitarivyo.
    Uhimbaze umusi w’Imana.
    Usonere so na nyoko
    Ntiwice
    MN: Hariho ubwicanyi bukorwa n’abigeme bakorora imbanyi. Bomenya ko ari igicumuro gihanitse kuko bica ubuzima Imana iba yaremye, bomenyako ari vyiza kwitura umwepiskopi kugira bashobore gusubiza hamwe n’Imana neza.
    Ntusambane
    Ntiwibe
    Ntubeshe
    Ntiwipfuze gusambana
    Ntiwipfuze kwiba.
    B2. AMABWIRIZWA ATANU Y’EKLEZIYA
    Uhimbaze umusi w’Imana n’imisi itegerezwa
    Uyihimbaze mu kuja mu misa no mu gusengera hamwe n’abandi kw’ishure (sikirisare)
    Wisonzeshe wongere usibe inyama mu misi itegerezwa( ku wa gatatu w’iminyota n’uwa gatanu mweranda)
    Uhabwe isakramentu ry’ikigongwe n’imiburiburi rimwe mu mwaka.
    Kunganira umuryango w’Ekleziya mu gutanga amashikanwa , imperezwa n’ibindi.
    Hariyongerako ibwirizwa rimwe rya Ekleziya y’uburundi:
    Kwitaba amapfungo mu misi itegerezwa (mu gihe c’i karema no mugihe c’ubushikiro).
    MENYA NEZA:
    a. Uhabwe isakramentu ry’ikigongwe n’imiburiburi rimwe mu kwezi ku bari mu muhari wa Bikira Mariya.
    b.Kwirukira iryo sakramentu umusi uwariwo wose wacumuriyeko nturinde kurindira imisi n’imisi wacumuye kuko iryo sakramentu rigusubiza mu bunywanyi n’Imana,rikagutuma uba mu nema yeza. Akarorero: Papa Yohani Paul wa kabiri Mweranda yama yirega rimwe mu misi munani
    C.Mu kunganira umuryango w’Ekleziya umukristu wese abwirizwa gutanga imperezwa. Mugihe udatanga imperezwa uba uri mu gicumuro gikomeye kuko ari nk’umwenda uba ufitiye Imana.
    Ni vyiza cane kandi gutanga ic’icumi kuko Imana iheza ikakuhirira imigisha n’ivyiza vyinshi.
    Ic’icumi n’ukuvuga ici cumi c’ivyo wimbuye ku murimyi, ic’icumi c’umushahara kubahabwa umushahara baba abakozi ba leta canke abikorera ivyabo.
    C .IBICUMURO VYO KURI MUTIMA MWERANDA
    C1 . IBICUMURO BITANU VYO KURI MUTIMA MWERANDA KU BWA THOMA W’I AQUINO MWERANDA
    Ugukongatarira mu gicumuro
    Ukwiyahura
    Ukwihambirira mu gicumuro
    GUcumura uvuga ko Imana ari umunyakigongwe. Reka ncumure Imana n’umunyakigongwe. Reka ncumure nzokwirega.
    Kudashaka kwirega no mugihe c’ugupfa ukanka kwakira canke gusaba ikigongwe.
    Ikindi gicumuro co kuri Mutima Mweranda :
    Kwanka ukuri ukuzi (Mettre en doute la verité).
    C2. INSIGURO YO GUCUMURA KURI MUTIMA MWERANDA
    Ugucumura kuri mutima mweranda n’ukwihambirira mu gicumuro ntushake kwakira umuco w’Imana wogutuma wigaya gushika n’aho usigara witiranya ibicumuro n’ivyiza; igicumuro ukacita ineza.Uturorero: – Hari abavuga ko usambanye n’umuntu mwavyumvikanye ko atari igicumuro, -Ukuja mu bapfumu ukavuga ko ari ukwivuza atari igicumuro.
    Mu njiri nyeranda handitswe ngo: «N’uzoba yavuze nabi Umwana w’umuntu azorekurirwa, yamara uzoba yacumuye kuri Mutima Mutagatifu ntazobirekurirwa. » Luka12, 10
    «N’uwuzoba yavuze nabi Umwana w’umuntu azorekurirwa, yamara uwuzoba yavuze nabi Mutima Mutagatifu, s’ubu, s’ahazoza, ntibizorekurirwa.» Matayo12, 32
    «N’ivy’ukuri ndababariye: ibicumuro vyose abantu bazobirekurirwa, ibitutsi bituka izina ry’Imana bizorekurirwa vyose n’iyo vyongana iki; ariko uzoba yacumuye kuri Mutima Mutagatifu we ntazigera agirirwa ikigongwe: ico n’igicumuro c’imyaka idahera.» Mariko3, 28-29.
    Aha kwa Mariko3, 28-29, bari bahejeje kwagiriza Yezu ko yiziziwe n’umutima uhumanye kandi bizwi ko ivyo Yezu yakora yabikora ku bwa Mutima Mweranda. Barase kwakira umuco ukomoka ku ngabirano y’Imana no ku kigongwe cayo. Iyo ngendo yabo yari kure y’urukiza
    N’aho rero wirega ibicumuro vyo kuri Mutima Mweranda Imana irakugirira ikigongwe ariko inkovu ziterwa n’ivyo bicumuro ntizihera ,iyo witavye Imana wisuganije izo nkovu uzitryororerwa mw’Ipurugatori.
    D.IBICUMURO BITUMA IMANA YIHORA MW’IJURU
  6. Ubwicanyi 2. Ibicumuro ndengera kamere ndemanwa :
    a.Ubusambanyi be n’ukwabirana kw’abasangiye ibitsina (homosexualité) b.Ugusambana n’ibikoko( impene, imbwa n’ibindi ) c.Ugukorora inda canke kuyikuramwo witwaje ngo wayisamye utayipfuza. e.Uguhohosha umurwayi kugirango areke kubabara apfe ningoga. F.Uguhohotera impfuvyi n’abapfakazi g. Ukudahemba abakozi mu kubima umushara wabo canke mu kubarenganya mu vyerekeye impembo.
    h.Ugukoresha uburyo bwa none mu bijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza canke mu kugabanya imvyaro:
    .Puce electronique
    .Akanyuzi,
    .Ibinini,
    .Inshinge,
    .Agafuko,
    .Utugegene batera mu kububoko,
    . Ugutera ubugumba:
    -Ugukata uturingoti imbuto zicamwo ku bagore( ligature des trompes) -Ukubika igitereko canke ukucikuzamwo -Ugukona ku bagabo ( vasectomie) -Incanco zibuza kurondoka.
    Hari n’ubundi buryo bamwe mu bubatse bakoresha bariko barangura amabanga yabo aho umugabo asesa imbuto hasi kugirango akingire umugore gusama imbanyi (coït interrompu). Ubwo buryo nabwo nyene sibwo kuko hariho uwo Imana yahanye yakoresheje ubwo buryo, tubisanga mu gitabu c’Amamuko.
    Umukenyezi agereranywa n’umurima urimwo akavu keza, umugabo nawe akaba umubivyi n’uwubungabunga umurima. Iyo rero umurima ufashwe nabi bica bigorana.
    Ubwo buryo bukoreshwa mu kugabanya imvyaro bwazanywe n’abazungu mu ntumbero yo guhonya abantu, gutuma ubutunzi bw’imiryango n’ubw’igihugu buhungabana, amagara y’umuvyeyi nay’ umwana amera nabi gutryo bikazotuma umukenyezi azokwama aja kwa muganga kwivuza ingwara ziterwa n’ikoreshwa ry’ubwo buryo.
    Izo ngwara nazo ni izi :
    -Cancer
    -Ibivyimba
    -Ivumbuka ry’umurindi w’amaraso
    -SIDA
    -Uguhora mu butinyanka
  • Ukumeneka umutwe
    -Ukwama ushishwe
    -Ukuvyibuha
    -Ukutorohereza umugabo mu gihe amukeneye
    ( kuko uko umuntu akoreha ubwo buryo bwo kugabanya imvyaro bituma abagore bamwe bamwe badasubira gushaka amabanga y’abubatse)
    -Ukuzungurirwa, n’izindi ngwara.
    Hambavu y’ingwara zitandukanye tumenyeko ubwo buryo n’ukwica bushobora kwica. N’ubwo bitagaragara mugihe aba ariko arakoresha ubwo buryo inkurikizi zirashobora kwibonekeza muri kazoza.
    Umuntu wese akoresha ubwo buryo akora isakirirego ntakwiye no kuja kwakira umubiri w’umukama mugihe c’Inkuka y’Imisa.
    Mwikete rya Papa Paulo wa gatandatu yanditse ( Humanae vitae) amenyesha ko abantu borondoka mu buryo budahungabanya iteka ry’umuntu, ineza y’umuntu, ineza y’igihugu, ineza y’abavyeyi n’ibibondo.Abantu bogerageza gukoresha uburyo ntohoza bimenyetso bakoresheje agatima bwenge, umushaha n’ibiraba umubiri. Kandi uwufashije uwundi canke uwigisha gukoresha ubwo buryo nawe nyene akora igicumuro kigoye.
    E.IBICUMURO MU BIMIRIJE KUBAKANA
  1. Ukurenza urugero mu kugaragarizanya urukundo hagati yabo. 2. Ukubana n’ukuryamana mu nzu imwe bakamera nkuko womengo barabana. 3. Ukurangura amabanga y’abubatse mutarubakana. 4. Ugukuyakuyana canke ugukorakoranako kwa cane (caresse). 5. Ubusambanyi bukorerwa mu kanwa (tire-langue)
    Urwaruka rwokwitondera ico kiringo ca fiançaille kuko ata muhinga ku mubiri wiwe kubera ko muba mukundanye kandi mwiyumvanamwo biroroshe kurwa.Hari nabiyorohereza ngo caresse nta ngorane bakiyibagiza ko ari igicumuro mbere ninayo iheza ikabashikana ku gicumuro c’ubusambanyi nyezina.
    Ivyo kandi bifata umuntu uwariwe wese yaba umwana wa Bikira Mariya, yaba umukristu canke uwutari umu kristu, yaba umupantekote canke umukizwa.
    Ariko ku bw’inema y’Imana, ufashijwe n’ab’ijuru ukiyubara ivyo vyose vyogukwegera mu mpengamiro zirora muri izo ngendo mbi urashobora gushikira umusi w’ubugeni ukiri mwiza.
    F. IBICUMURO KU BUBATSE RUKRISTU
  2. Ukurenga ibigo 2. Ugusesagura itunga ry’umuryango 3 .Ukutumvikana muri vyose n’ukutoherezanya mu bihe mukeneraniye.
    Ukwiganza.
    Abubakanye bokwama bengengana muri vyose, bagakengurukiranira mu gihe hari ivyagenze neza, no mu gusabana imbabazi hari ibitagenze neza. Bakama barondera kunezerezanya imisi yose n’ukwakira neza ibibagora kuko bitobura erega nta munezero utagira amahwa.
    Ikindi gikomeza imiryango n’igisabisho be n’ikiganiro ciza kiranga abubakanye.
    IBICUMURO KU BIHEBEY’IMANA
    Uguhemuka ku ndagano baraganye
    Ukuba akazuyazi mw’ibanga barimwo

IBICUMURO BITOBITO
IBINDI BICUMURO BITASHIZWE MURI IYI MIRWI.

  1. Ibicumuro birora k’Ukalistiya Nyeranda .
    Ugusangira utiteguye,
    Ugusangira uri mu gicumuro c’icese,
    Ugusangira mu ma dini mudasangije ukwemera
  2. Ibicumuro birora ku ndinganizo ya Ekleziya Gatolika
    Ukwigira umupatiri uri umukristu
    Ukugarariza ukwemera kwa Ekleziya nk’ukutemera koYezu ari muzima muri Ukalistiya Nyeranda,
    Ukutemera n’ugutyoza ibihezagiye,Ugutyoza Bikira Mariya mu kuvuga ko atari nyina w’Imana, ko yavyaye abandi bana, gutryoza ubwerentegerwa bwiwe, isamwa ata gicumuro ryiwe n’ibindi.
    Umuntu wese yo kwisuzuma, akiraba we nyene, akimenya na kare intimenya niyo ntinegura, agaheza agahindura ingendo n’inyifato aheze yirukire ikigongwe c’Imana kuko imana ntiyanka umucumuzi kuko iri n’ikigongwe cinshi ,aheze yegere intebe ya penetensiya kuko niyo nzira Yezu yaduhaye kugira adutryorore aciye ku basaseredoti basizwe Amavuta Meranda.
    Hari n’abavuga ko bacumura bito bito canke bakitiranya ibicumuro bito na bikuru.
    Murabo harimwo abanyeshure bibwira ko iyo baravye kuri bagenzi babo mu kibazo( gutirisha bakoresheje coup d’oeil) ari igicumuro gito kandi ubusuma bwose uko buba bwagizwe kose buba bungana, bomenya ko ari igicumuro gikomeye co kimwe n’uwakoresheje imbago, uwivye akoresheje ikaye, uwavyiyanditseko, uwereka uwo bicaranye canke uwumwegereye, uwahawe ikibazo n’umwigisha.
    Ibicumuro biraduteranya n’Imana bigatuma dusogota inkota umuvyeyi BIkira Mariya tukongera tukababaza Yezu umwana wiwe. Tubahoze mu guhinduka no kurwanya ibicumuro.
    Ababishoboye bakunde kuvuga:
  • Irozari
  • Ishapule y’amagorwa indwi
  • Inzira y’umusalaba
  • Ishapule y’ikigongwe c’Imana
  • Agashapule k’Inguma za Yezu
  • Gukora ibikorwa bishimisha Imana.
    -Guhurumbira isakramentu ry’ikigongwe n’iry’ukalistiya
    Se: KANYONI SIMON

Publié par Médard Nkunzimana

Heureusement je suis sauvé par le Christ Jésus.

Concevoir un site comme celui-ci avec WordPress.com
Commencer