Parole de Dieu

Indwi ya 6 ya Pasika : ku wa mbere

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (16, 11-15)

Ubwato twarimwo buduhanura i Torowasi tugana Samotarasi, bukeye budushitsa i Neyapolisi, bwongera budukura hano gushika no mu gisagara ca Filipo ari co gihambaye mu bindi vyose. Tuhamara imisi itari mike. Ku musi w’isabato, turarenga irembo ry’igisagara tuja ku nkombe z’uruzi, aho bahora basengera. Turicara, turaganira n’abakenyezi bari bakoraniyeho. Umukenyezi umwe muri bo yitwa Lidiya yadandaza irangi ritukura kandi yakunda Imana, arahimbarwa mu kwumva Pawulo avuga ijambo ry’Imana. Amaze kubatizwa we n’abiwe, aradusaba ati: «Ko mwamaze kubona ko nemera Umukama, nimuze mube muragumye iwanje.» Arabidutsindikirako.
IZABURI 149 (150) 1-2, 3-4, 5-6.9

Icit.: Imana irahimbarwa n’abantu bayo! Canke: Aleluya.

Nimuvyinire Umukama akavyino gashasha, nimumuvyinire mu kagari k’abamwemera; abana b’Israyeli nibigine Imana yabaremye, nayo abana ba Siyoni bahimbarwe n’Umwami wabo.

Nimumushemeze mu muhamirizo, mumukeze mu murisho w’ingoma no mu murya w’inanga. Nkako, Umukama arakunda abantu biwe, aratonesha abifata rworo, akabarokora.

Abantu biwe nibigine iteka, nibatambane urweze batarike, ishimagizwa ry’Imana ribuzure akanwa, kugira ngo abakunzi bayo bose banezerwe.

INKURU NZIZA

Aleluya.

Kristu yavuye mu cobo, We bari babamvye ku musaraba.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu k’uko yashikirijwe na Yohani (15, 26-16, 4a)

Muri irya misi, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Aho wa Mutabazi nzobarungikira ava kwa Data azozira, Mutima w’ukuri yamuka kuri Data azonshingira intahe. Na mwebwe nyene muzoyinshingira kuko twamanye kuva ngitangura. Ivyo rero ndabibabwiye ngo ntimuzotirimuke. Bazobaca babakure mu masinagoga. Mbere, haza kuza igihe uwuzobica wese azogira ngo akorera Imana. Ivyo rero bazobibagirira kuko batazi Data, na Jewe nyene ntibamenye. Ariko ndabibabariye ngo ca gihe nicashika, muze mwibuke ko nari narabibabwiye.»

Publié par Médard Nkunzimana

Heureusement je suis sauvé par le Christ Jésus.

Concevoir un site comme celui-ci avec WordPress.com
Commencer