Parole de Dieu

Indwi ya 12 yo mu mwaka : ku wa kabiri (Années impaires)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (13, 2.5-18)

Aburamu yari atunze cane, afise ubusho bwinshi, ifeza n’inzahabu. Loti na we, umwe yajanye na Aburamu, yari afise na we ubusho bw’inka n’ubusho bw’intama butari buke, be n’insago nyinshi. Ubwatsi bw’ukuragiramwo ntibwabakwira bompi; itunga ryabo, kuko ryari ryinshi cane, ryabatesha kubangikana. Haduka rero imitongano hagati y’abungere baragira amasho y’Aburamu n’abaragira aya Loti. Ni co gituma Aburamu yabariye Loti ati: «Ntaco dutongana, ntaco abungere bacu batongana na bo nyene, kuko tuvukana. Igihugu cose kiri imbere yawe noneho! Birutwa n’uko twotana; niwaja ibubamfu, ngume iburyo; niwaja iburyo, ngende ibubamfu.» Loti yunamura amaso, yitegereza ikiyaya cose co kuri Yorodani ingene bakigazuye hose, — Umukama ntiyari bwatikize Sodoma na Gomora; — ico kiyaga cari kimeze nk’itongo ry’Umukama canke nk’igihugu ca Misiri, gushika i Tsohari.  Loti rero yitorera ikiyaya cose cerekeye uruzi rwa Yorodani, agerera mu buseruko; uko ni ko batanye. Aburamu agerera mu gihugu ca Kanahani, Loti na we agerera mu bisagara vyo muri ca kiyaya, ashinga insago ziwe gushika i Sodoma. Abanyasodoma bari abantu babi cane, bama bacumura ku Mukama. Loti amaze gutana na Aburamu, Umukama abarira Aburamu ati: «Unamuka, utereze amaso, aho uhagaze, witegereze mu buraruko no mu bumanuko, mu buseruko no mu burengero. Iki gihugu ubona cose, nzokiguha wewe n’uruvyaro rwawe mu myaka yose. Nzogwiza uruvyaro rwawe, rungane n’umukungugu wo kw’isi; umusi bazoshobora guharura umukungugu wo kw’isi, ni ho bazoharura uruvyaro rwawe. Va hasi! Gendura igihugu cose hirya no hino, iyo kiva kikagera, kuko ari wewe nzogiha.» Aburamu yungururiza insago ziwe hafi y’igiti ca Mamure, kiri i Heburoni, ni ho yaciye yubakira uruhimbi Umukama.

IZABURI 14 (15) 1a.2, 3b-4b, 5

Icit. : Uzomusembereza mu ngoro yawe, Mukama.

Mbega, Mukama, ni nde azoshobora kwinjira mu ngoro yawe? Hazoshika umweranda yigenza neza: umwe akora ibitunganye, kandi avuga ukuri kuva ku mutima.

Urya atambika ibara abandi ngw’agunge abagenzi, ntarabane akagaye mugenziwe; inkozi y’ikibi yo ayirabisha agakengero, ariko yama asonera abubaha Umukama.

Niyaba agurana amahera, ntarondere inyungu, akanka kwakira impera yo kugura intungane. Uwugira gutyo ntazokwigera atirigana.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Ijambo ryawe, Mukama, ni ryo kuri muri uko kuri, n’utugire beranda.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (7, 6.12-14)

Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Ntimuhe imbwa ivyahezagiwe, kandi intabonwa zanyu ntimuziterere imbere y’ingurube ; ntizihave zizikandagira, naho zihindukiye ngo zibashishime. Ico mushaka rero ko abandi babagirira, kibagirire namwe: Iteka n’impanuro ni ivyo. Nimwinjirire mu muryango waga, kuko umuryango wagutse n’inzira y’ikirari bitwara mu kuzimu, kandi abisukayo ni benshi cane. Ariko, umuryango upfunganye n’inzira yaga vyegereza ubuzima, mugabo ababwubura ni bake.»

Publié par Médard Nkunzimana

Heureusement je suis sauvé par le Christ Jésus.

Concevoir un site comme celui-ci avec WordPress.com
Commencer