Ku wa 24 Myandagaro : Barutolomeyo mweranda, UmutumwaUmusi mukuru
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Yohani (21, 9b-14)
Jewe Yohani, mbona umumarayika ambwira ati: «Ngw’ino nkwereke Umugeni, ari we mugeni w’Umwagazi.» Araheza aranjana, mu vyiyumviro, ku musozi munini kandi muremure, anyereka igisagara ceranda Yeruzalemu kimanuka kiva mw’ijuru ku Mana, kirimwo ubuninahazwa bw’Imana. Ubusayangane bwaco bwasa n’ubw’ibuye ry’akabuyenge ry’igiciro ntangere.nk’akabuyenge gaca ibibatsi kitwa iyasipi. Cari gifise urugo runini kandi rurerure, inzugi icumi na zibiri n’iruhande y’izo nzugi hakaba Abamarayika icumi na babiri, n’amazina yanditsweko ari yo mazina y’imiryango icumi n’ibiri y’Abanyisrayeli: mu buseruko inzugi zitatu, mu buraruko inzugi zitatu, mu bumanuko inzugi zitatu no mu burengero inzugi zitatu nyene. Urugo rw’igisagara rwari rufise amashimikiro icumi n’abiri, kuri yo handitswe amazina icumi n’abiri y’abatumwa b’Umwagazi.
IZABURI 144 (145) 10-11, 12-13ab, 17-18
Icit.: Abakunzi bawe nibaririmbire ubuninahazwa bw’ubwami bwawe.
Ivyo waremye, Mukama, nibigushemeze, abakunzi bawe nibaguhezagire! Nibayage ubuninahazwa bw’ubwami bwawe, nibigane hose ubutwari bwawe!
Kugira ngo bamenyeshe abantu ibitangaza wakoze n’ubuninahazwa buhimbaye bw’ubwami bwawe, ubwami bwawe ni ubwami bw’intahava, ingoma yawe izohangama imyaka n’imayaka!
Umukama aratunganye mu vyiyumviro vyiwe vyose, ni urukundo mu bikorwa vyiwe vyose, ntiyikumira abamwitura, yama hafi y’abamusaba mu kuri.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Rabbi, uri Umwana w’Imana, uri Umwami w’Israyeli!
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (1, 43-51)
Muri irya misi, Yezu yashatse kuja mu Bugalile; ahura na Filipo, amubwira ati: «Nkurikira!» Filipo yaturuka i Betsayida, igisagara ca Petero na Andreya. Filipo ahura na Natanayeli, amubwira ati: «Umwe Musa yanditse mu mategeko kandi yanditswe n’abahanuzi, twamubonye! Ni Yezu, mwene Yozefu, w’i Nazareti.» Natanaeli na we aramwishura ati: «Hari iciza cova i Nazareti?» Filipo aramwishura ati: «Ingo, wirabire!» Yezu abona Natanayeli aje amugana, amubwira ati: «Ng’uyu umunyisrayeli w’ukuri, azira ikinyoma.» Natanayeli aramubwira ati: «Wamenyeye hehe?» Yezu aramubwira ati: «Hamwe Filipo atari bwaguhamagare, aho wari munsi y’umutenahi, nakubona.» Natanayeli aramwishura ati: «Mwigisha, uri Umwana w’Imana, uri Umwami w’Israyeli!» Yezu aramwishura ati: «Wemejwe n’uko nkubwiye nti: Nakubonye munsi y’umutenahi! Hinge, uzobona ibiruta ivyo.» Arongera amubwira ati: «Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: muzobona ijuru ryuguruye n’abamarayika b’Imana burira bongera bamanuka aho Umwana w’umuntu ari.»