Ijambo ry’Imana

Indwi ya 22 yo mu mwaka : ku wa gatandatu (Années impaires)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakolosi (1, 21-23)

Ncuti zanje, namwe nyene, kera mwari kure y’Imana, mwari abansi bayo mu vyiyumviro vyanyu kubera ibikorwa bibi mwakora: ubu ho Imana yariyuzurije namwe mu mubiri wa Kristu kubera urupfu yapfuye, ngo mushobore guseruka imbere yayo muri beranda, mutagira agatosi n’amahinyu, nimwaba mwigumya mu kwemera, mu Nkuru nziza mwumvise, ari yo Nkuru nziza yigishijwe ikiremwa cose kiri munsi y’ijuru kandi ari yo jewe Pawulo nashinzwe gukorera.

IZABURI 53 (54) 3-4, 5, 6.8

Icit.: Imana yaje kuntabara.

Mana, n’unkize kubera izina ryawe, n’uncire rwiza kubera ububasha bwawe. Mana, umvira igisabisho canje, utege amatwi ivyo nkubwira.

Kuko abishima banguyeko, ababisha bahigira amagara yanje: Imana yo ntibayinezwe.

Noneho Imana iraje kuntabara, Umukama ni we nshimikiyeko. Nzoguhereza ishikanwa rivuye ku mutima, nkengurukire izina ryawe kuko ari ryiza.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Ndangira inzira yawe, Mukama, undǒngōre mu nzira igororotse.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (6, 1-5)

Umusi umwe, hari kw’isabato, Yezu yaciye mu mirima y’ingano, abigishwa biwe na bo bafata imishishi barayivungura, maze barayihembuza. Bamwe mu Bafarizayo barababwira bati: «Ni kuki mukora ikizira ku musi w’isabato?» Na we Yezu arabishura ati: «Ntimwigeze musoma ivyo Dawudi yakoze igihe yari ashonje, we n’abo bari kumwe, ingene yinjiye mu ngoro y’Imana, akabira imikate y’imperezwa, yamara abaherezankuka ari bo basa bashobora kuyirya?» Araheza arababwira ati: «Umwana w’umuntu aragaba n’isabato nyene.»

Publié par Médard Nkunzimana

Heureusement je suis sauvé par le Christ Jésus.

Concevoir un site comme celui-ci avec WordPress.com
Commencer