✝️ *UMWERANDA TWIBUKA*
🗓️ *_Igenekerezo rya 27 myandagaro_*
*MONIKA (332-387), Umupfakazi*
📖 _Nka kurya kw’izuba riserukiye ku musozi w’Umukama, niko ubutore bw’umupfasoni mwiza buserukira ku rugo rwubatswe neza (Siraki 26, 16)._
Monika yavukiye muri Afrika yo mu buraruko (mu gihugu ca Algeria c’ubu). Amaze kwabirwa n’umushingantahe yitwa Patrisi, avyara abana batatu: Abahungu babiri, Ogustino na Navigisiyo, n’umukobwa umwe. Monika yarabatijwe, ariko umugabo wiwe yari akiri umupagani. Ibishabisho n’intabaro vya Monika vyaramushavuje, be na inabukwe nkuko Tertuliyano yabivuze ngo : “ Umugore abatijwe ashobora ate gukorera Imana bari kumwe n’umugabo atarasenga ? ” Mugabo ubwitonzi n’ubutekereji vya Monika bwarahinduye imigenzo ya Patrisi, aca asaba ibatisimu.
Ivyababaje Monika kuruta, n’ubugaba bw’imfura yiwe Ogustino, yama yitwararika ibinezereza vy’isi gusa : ubwishime, ubukunzi bw’inda, n’ibindi ben’ivyo. Monika yama amusabira imisi yose ; umusi Ogustino yagenda kwigisha mu gisagara ca Milano mu Butaliyano, aramuherekeza. Baramenyana n’umwepiskopi Ambrozi mweranda, na we yemerera Monika ko azomufasha guhindura umutima w’umwana wiwe. Ogustino amaze kwiyubura, akanyamuneza kaciye gasya Monika kuruta ivyo abantu bayaze.
Hanyuma lero bagomba kugaruka muri Afrika, mugabo Monika yacikaniye mu nzira. Ogustino yadusiguriye ingene vyabaye, yanditse ati : « Twaratanguye kuganira ivyerekeye ijuru, twibaza urweze rw’aberanda ico ari co kuko urwo rweze rutabonwa kw’isi, hanyuma twarakumbuye rwose rya soko ridakama ry’ubuzima. Hanyuma lero mawe yafashwe n’inyonko, yumva ko ari mu gupfa, adashobora gushika muri Afrika. Mu gihe c’ugucikana Monika yabwiye abahungu biwe Ogustino na Navigiyusi ati: “ Muzohamba umubiri wanje aho mushaka, ntaco bitwaye ; nsavye kimwe gusa, ntimuzonyibagire kw’altari imbere y’ Imana ”.
🙏🏾 *DUSABE :* _Mukama, warakirije yompi amarira ya Monika mweranda yaririra umugabo wiwe n’umuhungu wiwe Ogustino ; nutwunganire na twe, turirire ibicumuro twakoze n’ivy’abandi tuzi. Amen._