Inyigisho

INYIGISHO Y’UMUSI NA Médard Nkunzimana, Umumenyeshamana.

UMUTWE W’ICIRWA: WARANTOYE, URANTUMA

IJAMBO RY’IMANA: Yeremiya 1,4-10

Itorwa rya Yeremiya
4 Ni uko rero Umukama anshikiriza ijambo avuga ati:
5 «Imbere y’uko ndakurema mu nda y’uwakwibarutse, nari ndakuzi.
Utaranavuka, narakwitoreye,
ndakugena ngo ube umuhanuzi w’amakungu.»
6 Ndaheza mvuga nti: «Ha! Mukama Mana! Ehe sinzi kuvuga, kuko ndacari muto.»
7 Umukama na we ambwira ati:
«Ntuvuge uti: “Ndacari muto”.
Kuko uzogenda ku bo nzogutumako bose,
kandi ivyo nzogutegeka vyose, uzobivuga.
8 Ntugire ubwoba imbere yabo,
ndi kumwe na we ngo ndakurokore.
Ni iriyazwe n’Umukama.»
9 Niho Umukama yazana ikiganza ciwe, akankora ku munwa.
Hanyuma Umukama ambwira ati:
«Ehe, nshize amajambo yanje mu kanwa kawe.
10 Ehe uyu musi ndaguhaye ububasha
ku makungu no ku bwami,
bw’ukurandura n’ugusitura,
ugutikiza n’ugusenyura,
ukwubaka n’uguteragira.»

1. INTANGAMARARA
“Utaranavuka, narakwitoreye, ndakugena ngo ube umuhanuzi w ‘amakungu” (Yeremiya 1, 5). Kugira ngo iyi nyigisho itugirire akamaro n’uko twozirikana kuco turi no kuwaduhamagaye.  Nitwabica irya n’ino muri izi ngingo zine (4) turaheza twigire inama n’ingingo zo kuja ku kivi c’Umukama, erega hari aho dusanga twarihaye akaruhuko naho nyene twinagure; tubizirikane muri aya majambo: Warandemye ungira umuntu, Warancunguye, Warantoye utako urangena kandi warantumye.

I. WARANDEMYE UNGIRA UMUNTU
1) Umugambi w’Imana ku muntu
Imana yarakunze umuntu kandi cane. Turasoma mu gitabu c’Amamuko 1, 26-27 ko Imana yaremye umuntu asa nayo, Imana ivuga iti: “Tugire umuntu tumwishuskanyeko, ase natwe, kandi agabe ifi zo mu kiyaga, inyoni zo mu kirere, ibitungwa, ibikoko vyo mw ‘ishamba be n’ubwoko bwose bw’ibinyogomba hasi. Imana irema umuntu iramwishushanya, irema uwufise agashusho k’Imana, ibarema ari umugabo n’umugore”. Uwo muntu Imana yaremanye agashusho kayo. Haruhande y’ako gashusho k’Imana, Imana yaciye iha umuntu ibintu bine bimutandukanya n’ibindi biremwa arivyo: ubwenge, agatima mpanuzi, ugushaka n’umwidegemvyo.
• Ubwenge: Imana yaremye umuntu afise agashusho kayo ica imuha ubwenge ngo ayimenye, ayikunde, ayigamburukire (ayikorere), akunde umuntu nkawe, aganze ivyo Imana yaremye.
• Agatimampanuzi: ni agasengero kari imbere mu muntu, aho umuntu yumvira ijwi ry’Imana rimubwira riti: “kora ineza ureke inabi. Hari agatimampanuzi keza n’agatimampanuzi kabi : agatimampanuzi keza kaguhanura gukora ikintu, kandi ugasanga wakoze ciza; agatimampanuzi kabi kaguhanura gukora ikintu kibi ukagikora wibaza ko uriko ukora ibintu vyiza, uhejeje ugasanga wakoze bibi. Umuntu wese ategerezwa kwitwararika kurera agatimampanuzi kiwe ngo kabe keza:
• Ugushaka:  ico umuntu ashatse aragikora. Ni vyiza ko umuntu yama ashaka yipfuza, vyiza kandi agakora vyiza,
• Umwidegemvyo: umuntu yidegemvya yo ari mu kuri, ukuri nakwo kuva ku Mana, rero umuntu yidegemvya iyo ariko akora ico Imana ishaka. Imana ni ukuri, n’Ijambo ryayo ni ukuri.
UMWIMENYEREZO : Vuga ibintu bibi umaze kubona mu bantu mbere n’abakristu barimwo, uce uvuga ico bakoresha nabi muri ibi bintu bine : ubwenge, agatimampanuzi, ugushaka n’umwidegemvyo.

2) Kuba umuntu
Umuntu amenya ico ari akibajije Imana yamuremye (arasoma akazirikana Bibliya nyeranda). Naho ari hejuru y’ibindi biremwa vyose. Ahantu hose ari, ategerejwe kuguma azirikana kuco ari. Kukaba nkako ibikorwa umuntu akora nivyo bimuranga (mbwira ico wakoze nanje nca ndakubwira ico uri) ivyo akora birongera bikamutandukanya n’ibindi biremwa.
Ingeso nziza ndanga muntu (les vertus cardinales)
➢ Ubukerebutsi/ukwiyubara (prudence): Imana iremye umuntu iramuha ubwenge ngo igihe cose abukoresheje yirinde ibintu vyose vyomutuma akora ibitajanye ni co ari (umuntu) be n’ico ahamagariwe kuba (gusa n’lmana=ressembler à Dieu). Umuntu rero ariyubara ntaje canke ngo yishire mu bintu bizomugora kuvamwo  bikamubuza gushikira ihangiro ry’ubuzima bwiwe.
➢ Ubutungane (la justice): guha umuntu wese ico ategerezwa guhabwa ata n’umwe ndenganije. Guha Imana ivyo ntegerezwa kuyiha ntayirenganije, no kwiha jewe nyene ivyo ntegerezwa kwiha ntirenganije. Ubutungane n’ukugira inyifato ijanye n’ihangiro nahaye ubuzima bwanje.
➢ Ubukomezi (la force): Imana iremye umuntu iramuha inkomezi zo kuba ico tegerezwa kuba no guhangana n’ibintu vyose vyomubuza kuba ico ari. lyo umuntu amaze guhitamwo neza mu guha intumbero nziza ubuzima bwiwe, arakenera inkomezi zo guhangana n’ivyo abandi bamuhitishamwo bitajanye n’intumbero yihaye canke ivyo abamunebagura bamuvugako ngo bamuce intege.
➢ Ukwigerera (la tempérence) : mu muntu hari ivyipfuzo vyinshi, ingeso y’ukwigerera ituma umuntu aha intumbero ivyipfuzo vyiwe akongera akabigenzura. Uturorero: Nipfuza kurya bakaba bataraduha uruhusha ndigumya.
UMWIMENYEREZO: turavye izi ngeso nziza ndanga muntu arizo Ubukerebutsi/ukwiyubara, Ubutungane, Ubukomezi n’Ukwigerera ubona nk’umuntu w’iteka zikuranga?

II. WARANCUNGUYE
1) Kuba umukristu
Imana ntiremera umuntu kuguma ari ikiremwa gusa, imuhamagarira kandi kuba umwana wayo. Wa muntu Imana yitondera mukumurema sekibi yahavuye imunyaga akanyamuneza aracumura. Niho yigira inama yo kumukiza imutegurira Umucunguzi (Gn3,15).  Amaze kuza yaritanze asesa amaraso yiwe turakira, ibatisimu nayo ituvukanisha nawe tukaba guryo abana b’Imana n’ab’Ekleziya. Uko kwemera Yakobo mweranda arasaba ko kujana n’ibikorwa biboneka ntiguherere mu majambo gusa. Yezu nawe ati: « Si umuntu wese ambwira ngo Mukama, Mukama, azokwinjira mu Bwami bw’ijuru, ariko ni uwukora ico Data ahangamye mw’ijuru ashaka (Mat 7,21), aha twumve twa twigoro umukristu wese ahamagariwe gukora, ibikorwa vy’ikigongwe.
2) Ibikorwa vy’urukundo n’ikigongwe: Matayo 25, 31-46
Ibikorwa vy’umubiri
1. Guha imfungurwa abashonje
2. Guha ico banywa abanyotewe
3. Kwambika abagenda gusa
4. Guha indaro ingenzi
5. Gufasha abarwaye
6. Kugendera abari mw’ibohero
7. Gufubana iteka abapfuye
Ibikorwa vy’umutima
1. Guhanura abijijanya imitima
2. Kwigisha abantu b’intamenya za cane
3. Kuburira no ukebura abacumuzi
4. Kuremesha abaruhijwe
5. Kurekurira abaducumuyeko (abatugiriye nabi)
6. Kwihanganira abatadushika ku mutima batugora
7. Gusabira ku Mana abazima n’abapfuye
3) Ibindi biranga abakristu
Ingeso nziza ndoramana (les vertus théologales)
1. Ukwemera (la foi)
2. Ukwizigira (l’espérance)
3. Urukundo (la charité): umuntu abaho ku bw’urukundo rw’lmana. Imana imuremera gukunda no gukundwa.
Amabwirizwa 10 y’Imana: Ihunguka 20
1. Usenge lmana yo nsa uyikunde kuruta vyose.
2. Usonere izina ry’Imana
3. Uhimbaze umunsi w’lmana
4. Usonere so na nyoko
5. Ntiwice
6. Ntusambane
7. Ntiwibe
8. Ntubeshe
9. Ntiwipfuze gusambana
10. Ntiwipfuze kwiba
Amabwirizwa y’Ekleziya
1. Uhimbaze umunsi w’lmana n’imisi mikuru itegerezwa
2. Uyihimbaze mu kuja mu misa, canke mu gusengera hamwe n’abandi kw’ishule
3. Uhabwe isakaramentu ry ‘ikigongwe rimwe mu mwaka, wongere usangire mu misi ya pasika
4. Wisonzeshe, wongere usibe inyama mu misi bitegerezwa (ku munsi w’iminyota no kuwa gatanu mweranda…)
5. Wunganire umuryango w’Ekleziya mu kuwuteza imbere no mu kuwuronderera ibiwutunga, mu gutanga imperezwa (icicumi) n’ibindi.

III. WARANTOYE UTAKO URANGENA NGO MBE UMUHANUZI
“Imbere y’uko ndakurema mu nda uwakwibarutse, nari ndakuzi. Utaranavuka, narakwitoreye, ndakugena ngo ube umuhanuzi w ‘amakungu” (Yeremiya 1,5).  Kuba umuntu n’umukristu ntibihagije kuko Imana iguma iha ingabirano abo yitoreye ngo ibakoreshe vyinshi. Imana niyo itora uwo ishatse ngo imushinge ubutumwa n’ibanga. Niyo itora abinjira mu muryango w’abakristu ngo basabikanye n’abandi ingabirano baronse.

IV. WARANTUMYE
Uwabatijwe wese ni umutumwa. Umukristu wese ni Umutumwa. Duca mu makanda y’abatumwa Petero na Paulo abatumwa babaye abahizi, mbere bagashika ku rugero rwo gupfira Umukama, n’akaryo ko kurimbura aho tugejeje ubutumwa twiyemeje. Ariko uwabatijwe nka Yeremiya wosanga tuvuga ngo:

1) Sinzi kuvuga
Kurako umunwa ushingire intahe Kristu kuko ntuzovuga ivyawe uzovuga ivyo azogutuma no kubo we nyene azogutumako. Emera kubera Yezu Kristu intumwa kuko yaragutoye mu bandi, arakugena ngo ube umuhanuzi w’amakungu. Mbere n’igihe wabatizwa amavuta wasizwe ya Krisma waronse iteka ryo kuba umusaserdoti, umuhanuzi n’umwami. Uca uronka za ngeso ndoramana 3 ukwemera, ukwizigira n’urukundo. Abagize indagano y’isakramentu rya Konfimasiyo nabo barashimangiye kumuvugira badatinya.

2) Ndacari muto
Ntuvuge ngo ndacari muto, ndaguhaye ububasha ku makungu no ku bwami bw’ukurandura no gusitura,ugutikiza no gusenyura impome za shetani, ukwubaka no guteragira ubwami bw’Imana (Yeremiya 1,10). Bigusaba kugira kwemera ukakira n’ubukomezi bwa Mutima Mweranda ntugire urwitwazo rw’ubuzima, emera ube igikoresho c’Umukama Yezu, ingabirano waronse zisangize abanda.

3) Uwa Kristu itara arishira ahabona
Umukristu nyawe kugira ngo abe uwumenyesha Inkuru Nziza ashira rya tara ryiwe ry’ibatisimu ahabona kandi hakirurutse akirinda n’ivyotuma abandi badashikirwa n’umuco. Akarorero n’uko umuntu ahimbarwa no gusuhuza abarwaye n’ibindi bikorwa vy’urukundo n’ikigongwe arava mu rwinshi akibonekeza ngo yame ivyamwa kandi bihoraho. Umukristu mwiza ni uyo muntu azi ico yaremewe, azi ko yacunguwe n’amaraso ya Yezu Kristu, azi ko yatowe, yatumwe n’Imana kandi azi ko ategerezwa kuyikorera mu gusabikanya n’abandi ingabirano yaronse. Yizigiye no kuzobana nayo mw’ijuru.
None igikorwa ukigejeje hehe ufatiye kubatanguye kuba abakristu gushika kuri wewe uyu musi? Dusabe Imana ituronse ingabirano zayo.

Ese Umugabekazi w’Abatumwa yodusabira natwe ngo tuzoberwe no gusangira ubuninahazwa na Kristu mw’ijuru. Amen.

Médard NKUNZIMANA, Umumenyeshamana.

Publié par Médard Nkunzimana

Heureusement je suis sauvé par le Christ Jésus.

Concevoir un site comme celui-ci avec WordPress.com
Commencer