đšđš INKURU IBABAJE CANEđ„đ„
Umusore w’imyaka 20 yaciriwe igihano co gupfa kubera yafashwe yivye ibisharizo (bijoux ) mw’iduka abanje kwica umunyezamu w’aho,amukubise ikibando mu mutwe.
Hasigaye amasaha make kugira bamunyonge,uburongozi bw’ibohero bwamubajije ico ashaka gukora ubwa nyuma?
Nawe asaba ko bamuha urupapuro n’ikaramu yandike ubutumwa bwiwe bwa nyuma.
Ni urwandiko rwari rugenewe umuvyeyi wiwe(maman) rwagira ruti:
« Muvyeyi wanje,iyo hakora ukuri mu rubanza rwanje,na wewe tuba twicaranye ng’aha ,turindiriye kunyongerwa hamwe kuko kuba narabaye ikirara ni wewe wabiteye. »
« Uribuka nkiri umwana,narigeze kwiba inkoko y’ababanyi,ndayibaga,ndayirya.
Baje kutubaza ko twayibonye,warahakanye ko atayigeze ihatumbera,kandi ari wewe wamfashije guhamba amoya n’ivyo mu nda vyayo. »
« Umwana w’umubanyi naramwivye agakinisho bari bamuguriye,abavyeyi biwe baje kukubaza,warabarahiye ko ntigeze mva muhira umusi wose kandi ko ata ngeso nk’iyo mfise,ahubwo wagiriza umwana wabo ko amfitiye ishari kuko wanguriye impuzu nshasha. »
« Kw’ishure baragutumyeko bakuregera ko bamfashe nivye amafaranga y’umwigisha ndayakuye mu gasakoshi kiwe,hakumpana,waciye unsaba ngo twitahire nzokwiga n’ahandi. »
« Hirya n’ino bamaze kumpinyura ko ndi igisuma,barampariye ivomo,mbuze aho niba ntangura kwiba ivyo mu nzu iwacu. Uribuka igihe niba isaha ya papa nkayigurisha,waramurahiye ko atankorako. »
« Narasubiriye papa ndamwiba telephone yiwe nshasha,yagize ngo aravuga ,uca umubwira ko hako agukorera ku mwana yopfuma yomoka akagenda. Papa vyaramubabaje gushika aho aduta akagenda. »
« Wewe waguma ubona ko ari ubwana ,ko ninakura bizohera,wiyobagiza ko igiti kigororwa kikiri gito. »
« Papa yashaka kumpana kugira nzokure nzi ko hariho ibintu bizira gukora,kuko yari azi ko umuvyeyi guhana umwana yakosheje ariwo murimo w’umuvyeyi,nawe ukibwira ko ku nkingira ikibaba arirwo rukundo. »
« Nakuze numva ko ico nshaka cose nshobora kugitora ahariho hose,kuko atawonkorako wewe uhari,kubera wamye unkingira ikibaba. »
« None raba ya ngeso yaranse kumvamwo ,kugera aho nisanga nishe n’umuntu kubera inyota yo gushaka ivyo ntafitiye ubushobozi kuko nakuze ntazi kwigumya imbere y’ibitari rwanje. »
« Uwu musi,ndi mu maboko y’abantu bakomeye,ubu ntiwoba ukintabara kumwe wari waramenyereje,ndabibonye ntevye ko birya wakora utariko urandera kandi rutari urukundo ,ahubwo wariko urandoga. None raba aho ubwo burozi bwawe bunshikanye,ngiye gupfa nk’umunyavyaha rutura bitewe n’indero mbi wampaye. »
« Iyo amategeko aba akora neza,bari gutahura ko ari wewe wanyononye mba ico ndi uwu musi,ntiwabaye umuvyeyi nyawe,nawe wari ukwiye kubihanirwa kuba wararerekeye umwana wawe akaba inkozi y’ikibi urorera. »
« Ndapfuye,ariko uzokwame wibuka ko amaraso yanje ari ku biganza vyawe. »
Amaze guheza urwo rwandiko baramunyonga.
ICIGWA đđ: Hariho abavyeyi batwarwa n’amarangamutima hamwe n’ibishobisho ,hakurera abana uko bikwiye harimwo n’ukubahana iyo bakosheje,bakabarera « Tambukuzino »,ugasanga abana bamaze gukura aho baba batakirikumwe n’abavyeyi babo ,ubuzima burabagoye cane,bamwe bakononekara,bakaba ibicibwa mu bantu,vyatewe n’abavyeyi batatahuye ico arico ibanga ryo kurera.
đ„đ„ Rero muvyeyi wese uri hano,menya ko ubuzima bw’abana bawe buri mu maboko yawe,ni utabaha intumbero nziza bizobagora bamaze gukura nawe ataco ugikiza.