Ijambo ry’Imana

Indwi ya 12 yo mu mwaka : ku wa gatatu (Années paires)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Abami (22, 8-13 ; 23, 1-3)

Muri irya misi, umuherezankuka mukuru Hilikiya yabariye umwanditsi yitwa Shafani ati: «Natoye igitabu c’amabwirizwa mu ngoro y’Umukama.» Hilikiya aramuhereza ico gitabu, na we Shafani aragisoma. Maze, uwo mwanditsi Shafani aragenda ibwami, abwira umwami ingene vyabaye ati: «Abasuku bawe bakiriye ya mafaranga yari mu ngoro y’Umukama kandi bayashiriye abafundi bakora mu ngoro y’Umukama nyene.» Hanyuma, uwo mwanditsi Shafani yongera kubarira umwami ati: «Umuherezankuka Hilikiya yandungikanye ico gitabu»; araheza agisomera imbere y’umwami. Ngo yumve ayo majambo yanditswe mu gitabu c’amabwirizwa, umwami aca yitaburirako ivyambarwa vyiwe. Araheza atuma umuherezankuka Hilikiya, umwanditsi Shafani n’umubwiriza wiwe Hasaya ati: «Nimugende munsigurize Umukama, twe n’ishengero ryose, ivyo amajambo y’ico gitabu avuga ngo bakore vyose.» Umwami rero arahamagaza abakuru bose b’intara y’Ubuyuda n’ab’i Yeruzalemu ngo barenguke iwe; araheza umwami aduga ku ngoro y’Umukama ari kumwe n’abantu b’intara y’Ubuyuda bose, n’ababa i Yeruzalemu bose, n’abaherezankuka, n’abahanuzi n’ishengero ryose ry’abantu kuva ku muto gushika ku mukuru. Arasoma imbere yabo ivyanditswe vyose muri ico gitabu c’Isezerano bari batoye mu ngoro y’Umukama. Umwami yari ahagaze hafi y’inkingi, asezeranira imbere y’Umukama yuko azomukurikira kandi yuko azozigama amabwirizwa yiwe, inyigisho ziwe n’amateka yiwe, abishizemwo umutima wiwe wose n’umushaha wiwe wose, kugira ngo amasezerano yanditswe muri iki gitabu yose aranguke. Maze, abantu bose na bo baravyisezeranira.

IZABURI 118 (119) 33-34, 35-36, 37.40

Icit.: Nyereka, Mukama, inzira y’amabwirizwa yawe.

Nyereka inzira y’amabwirizwa yawe:
ni yo nshaka kugenderamwo imisi yose.
Nyumvisha ibwirizwa ryawe, maze ndarizigame,
ndarirangure n’umushaha wanje wose.

Uranyobora mu nzira y’amabwirizwa yawe,
kuko ari ho nkura akanyamuneza.
Urahengekera umushaha wanje kw’ijambo ryawe,
ntuwuhengekere ku maronko.

Amaso yanje urayakingira ibintazi bitaja ntibize,
Ijambo ryawe ribe ari ryo rimbeshaho.
Urabona ko nahurumbiye amabwirizwa yawe,
urantungisha ubutungane bwawe.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Nimwakirize yompi ijambo ry Imana
ntimuryakire nk’ijambo ry’abantu,
kuko ari Imana yonyene ibayagira.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo Mweranda(7, 15-20)

Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Mwirinde abahanuzi b’ibinyoma: babegera ku rukoba basa n’intama, ariko imbere ari imfyisi zisahura. Muzobamenyeshwa n’ivyo bakora. Mbega, hari uwamura imizabibu ku mahwa, canke amafigiye ku bitovu? Ni ko kw’uko, igiti ciza cama ivyamwa vyiza, igiti kibi na co kikama ivyamwa bibi. Igiti ciza ntigishobora kwama ivyamwa bibi, igiti kibi na co ntigishobora kwama ivyamwa vyiza. Igiti cose kitama ivyamwa vyiza kizocibwa, giheze gicanwe. Muzobamenyeshwa rero n’ivyo bakora.»

Ijambo ry’Imana

Indwi ya 12 yo mu mwaka : ku wa mbere (Années paires)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Abami (17, 5-8.13-15a. 18)

Muri irya misi, Umwami wa Ashuri atera igihugu cose, aza n’ugukikiza igisagara ca Samariya imyaka itatu yose. Mu mwaka ugira icenda kuva aho umwami w’Israyeli yitwa Ozeya yimikiwe, ni ho umwami wa Ashuri yafata igisagara ca Samariya, akajana Abanyisrayeli muri Ashuri kubagira imbohe. Ivyo vyose vyabaye, kuko Abanyisrayeli bari bacumuye ku Mana yabo yari yabakuye mu gihugu ca Misiri, ikabakiza ukuboko kwa Farawoni, umwami wa Misiri. Barahejeje barasenga izindi mana, bakurikiza imigenzo y’ibindi bihugu Imana yari yabakijije.
Nka ko na none, Umukama yama ahanura Israyeli n’intara ya Yuda mu kanwa k’abahanuzi bose no mu kanwa ka ba Rumenyi bose ati: «Nimwigarure, muhebe imigenzo yanyu mibi; muzigame amabwirizwa yanje n’amateka yanje nk’uko nabitegereje ba sokuru banyu kandi nk’uko nabibashikirije mbicishije ku basavyi banje bahora babahanura kw’izina ryanje.» Ariko, bari banse kuganduka kandi bari barigize intagondwa, babirusha ba sokuru babo batemeye Umukama Imana yabo. Barakengereye amateka yiwe na rya sezerano yari yasezeraniye ba sekuru babo, be na ya mategeko yose yari yabahaye. Ni ho rero Umukama yahava akagira ishavu kubera Israyeli, akayirukana ngo ive imbere yiwe, hasigare umuryango wa Yuda gusa.

IZABULI 59 (60) 3-4, 5-6, 13-14

Icit.: Kugira ngo ububasha bwawe butsinde, n’utwishure, Mukama!

Ewe Mukama, wadutaye twasanzaye,
wari wadushavuriye, tugarukire.
Warahindishije isi umushitsi, urayasamika;
yikize imigaga, kuko iri hafi y’ugusanzara.

Intara yawe warayirungikiye amakuba,
waduhaye inyobwa ituborera.
Abakwubaha na bo warabahaye ikimenyetso,
kugira ngo bahunge umuheto.

N’udutabare, dutsinde umwansi,
ukuzera gutabaruka ku bantu ni ubusa!
Duhagarikiwe n’Imana, tuzokora ibitanganza,
ni yo izohonyora abaduhonyoye.

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya.

Nyigisha, Mukama, inzira yawe;
undongōre mu kuri kwawe.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (7, 1-5)

Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Ntimucire abandi rubi, kugira ngo namwe ntimuze murucirwe. Kuko urubanza muca ari rwo ruzobatsinda, ingero mugeresha ni yo namwe muzogererwako.» Ni kuki ubona akatsi kari mu jisho rya mwenewanyu, ntubone urugiga ruri mu ryawe? Kibure, bishoboka bite ko ubwira mwenewanyu uti: Hinge ngukure icatsi mu jisho, naho mu ryawe harimwo urugiga? Wa ndyadya we, banza ukure urugiga ruri mu jisho ryawe, ni ho uzobona neza, ugashobora gukura icatsi kiri mu rya mwenewanyu.»

Solennité du Saint Sacrement à Kinama, Archidiocèse de Bujumbura

https://fb.watch/dL55Oerpyh/

Ijambo ry’Imana

Umusi mukuru w’Isakramentu Ryeranda mu mwaka C

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (14, 18-20)

Melkisedeki yashikaniye Imana umukate n’umuvinyu.

Mu gihe Ibrahimu yava kurwanya ba bami bane, Melkisedeki, umwami wa Shalemi, yazanye umukate n’umuvinyu, abishikanira Imana, kuko yari umusaserdoti w’Imana idasumbwa. Mu gukeza Ibrahimu, Melkisedekki yavuze ati : “Abrami, uragahezagirwa n’Imana idasumbwa, yo yaremye ijuru n’isi. Imana yaguhaye gutsinda abansi na yo nyene iragahezagirwa.” Niho rero Ibrahimu yaca aha Melkisedeki imperezwa mu vyo yatabarukanye.

IZABURI 109 (110), 1.2.3.4

Icit: Uzokwama uri umusaserdoti w’intahava, nk’umwami Melkisedeki.

Umukama yabariye Umukama wanje, ati : “Niwicare iburyo bwanje, gushika aho nzogira abansi bawe irambirizo.”

Uwuhangamye muri Siyoni azokwiza ubwami bwawe : ganza no ku bansi bawe.

Wavukanye ingoma ku misozi myeranda, umutwenzi utarakika narakwibarutse. Umukama yarabiraganye kandi ntazokwisubirako, ati : “Uzokwama uri Umusaserdoti w’intanyiganyiga, nk’umwami Melkisedeki.”

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti (11, 23-26)

Igihe cose uzofungura uwo mukate mukanywa ico gikombe, muzomenyesha urupfu rw’Umukama.

Ncuti zanje, jewe Paulo narashikirijwe n’Umukama ico nabashikirije namwe: Umukama wacu, muri rya joro yafatwa, yakiriye umukate, amaze gukenguruka, arawumanyura, yongera avuga ati : « Iki ni umubiri wanje uza gutangwa kubwanyu. Ivyo murabigire munyibuka. » Bamaze gufungura, afata igikombe, avuga ati : « Iki gikombe ni Isezerano rishasha ry’amaraso yanje. Igihe cose muzokinywa, murabigire munyibuka. » Koko ni ivy’ukuri, igihe cose muba muriko murafungura uwo mukate, mukanywa ico gikombe, muba muriko muramenyesha urupfu rw’Umukama gushika aho azogarukira.

URURIRIMBO RUKURIKIRA

Bakoresha urwo ruririmbo babonye bibereye, bakarukoresha rwose canke bagatangurira kuri aya majambo : « Ng’uwo umukate w’abamarayika ».

  1. Siyoni we, shimagiza Umukiza wawe,
    Shimagiza Umuyobozi n’Umwungere wawe,
    Umuririmbire, umuvyinire.
  2. Icatuzindukanye uyu musi
    Uwo dushaka kuririmbira,
    Ni wa mukate muzima kandi utanga ubuzima.
  3. Aho rero, impundu n’isamirane,
    inzamba nizasirane,
    twuzure agahimbare.
  4. Kuri ayo meza y’Umwami mushasha,
    ni ho Pasika y’Isezerano rishasha
    yasubirira iya kera.
  5. Ivyo Kristu yagize kuwa kane mweranda,
    yabwirije abiwe kuzokwama babigira
    bamwibuka.
  6. Ico abakristu bemera,
    ni uko umukate uhinduka Umubiri w’Umukama,
    umuvinyu na wo ugahinduka Amaraso yiwe.
  7. Muri ivyo bishusho bidasa,
    ari ibimenyetso gusa atari ivyo bimenyesha,
    hihishijemwo amabanga y’agatangaza y’Umukama.
  8. Mu kumwakira, ntibamumanyura,
    ntibamuvungura, ntibamugabura;
    bamwakira wese uko ari.
  9. Abeza baramuronka, ababi bakamuronka :
    ariko ivyo bahakura ntibisa,
    ni ubuzima canke urupfu.
  10. Iyo Ihostiya imanyuwe,
    ntugire ukwemera guke,
    aba wese mu kimanyu
    nko muri Hostiya yose.

(Igisomwa kigufi gitangurira aha)

  1. Ng’uwo umukate w’abamalayika,
    Wabaye imfungurwa y’abakiri ku rugendo;
    Ni ukuri, ni umukate ubereye abana,
    Atari uwo guterera intozo.
  2. Mwungere mwiza, mukate w’ukuri,
    Wewe Yezu, tugirire ikigongwe;
    n’uduhembure, n’uduhangaze,
    maze uduhe kubona ivyiza
    mu ntara y’abazima 2. Nk’uko ubishobora, n’abe ariko ubigerageza :
    Kuko arengeye amashemezo yose,
    Ntuzokwigera ushobora kumushemeza uko bikwiye.
  3. Ni wo nyene benewabo cumi na babiri bihereje
    Hamwe bazimanwa inzimano nyeranda,
    nk’uko dusanzwe tubizi.
  4. Kuko turamutse twibuka uyu musi w’akaroruhore,
    aho izo mfingurwa twihereza
    zarenguka ubwa mbere
  5. Ivya kera birabishije bishasha,
    icijiji kibisa ikiri ukuri,
    ahari ijoro hasubiye umurango.
  6. Nk’uko twavyigishijwe n’iryo tegeko ryeranda,
    duhora duhindura umukate n’umuvinyu
    mu nkuka y’ubukiriro.
  7. Ico ubwenge budashobora gutegera n’amaso ntakibone, ukwemera kuragishingira intahe,
    n’aho bidahwanye n’uko ibintu vyari bisanzwe.
  8. Umubiri wiwe ni imfungurwa, amaraso yiwe ni inyobwa, ariko ntikibuza Kristu kuba wese
    mu bishusho vyompi.
  9. Umwe amuronka uko ashaka,
    igihumbi ni kwa kundi,
    yamara ntibamumara
  10. Bibera urupfu ababi, bikabera ubuzima abeza;
    raba nawe ingene mz’isangira rimwe
    havuyemwo amaherezo atandukanye.
  11. Ntibamumanyura namba,
    hamanyuka ibishusho gusa;
    na we akaguma kwa kundi,
    uko angina n’uko asa.
  12. Ng’ibi ivyamuranze kera :
    ugutangako inkuka Izahaki,
    Umwagazi wa Pasika,
    na mana y’abasokuru.
  13. Wewe uzi vyose ugashobora vyose
    wewe uhembura abaraririye gupfa,
    n’uduhe kuba abanywanyi bawe mw’ijuru,
    ba samuragwa n’ababanyi
    bazokwamana n’aberanda bawe.

Amen. Alleluya.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya

Umukama yavuze ati : “Jewe ndi wa mukate muzima wavuye mw’ijuru. Uwuriye uwo mukate azokwamaho imyaka yose.”

Alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Luka (9, 11b-17)

Umukama agaburira ishengero ryiwe.

Umusi umwe, Yezu yariko araganirira ishengero ivy’Ubwami bw’Imana, abarwaye barimwo akabakiza. Ngo buze gutangura kugoroba, bamwe cumi na babiri baramwegera, bati : “Erega, gira ubarungike bisuhure, baje gusaba indaro baje n’ukurondera ico bararira mu mihana no mu bigwati vya hafi ; urabona aha turi mu gahinga.” Yezu na we arababarira ati : “Nimubagaburire namwe!” Na bo bati : “Imikate dufise ntirenga itanu n’ifi zibiri… Ubona twebwe twoja gusumira iryo shengero ryose?” Na bo abari aho bari abagabo nk’ibihumbi bitanu. Yezu abwira abigishwa biwe ati : “Bicarike ku migwi ya mirongo itan’itanu.” Ivyo batumwe barabigira, bose baricara. Hanyuma Yezu yakira ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamira mw’ijuru, arabihezagira, arabimanyura abihereza abigishwa biwe ngo babigaburire ishengero. Bararya barahaga; imisigazwa na yo barayitororokanya : buzuza ibikemanyi cumi na bibiri.

INTWARO

Uburundi bugiye kugira intara 5 n’amakomine 42. Bipanze uku gukurikira :

1️⃣ Intara ya Burunga igizwe n’amakomine akurikira :

-Bururi
-Matana
-Makamba
-Mpinga-Kayove
-Mabanda
-Rumonge
-Rutana

👉🏾 Umurwa mukuru w’intara ni Makamba

2️⃣ Intara ya Butanyerera igizwe n’amakomine akurikira :

-Busoni
-Matongo
-Kayanza
-Kiremba
-Kirundo
-Muhanga
-Mwumba
-Tangara

👉🏾 Umurwa mukuru w’intara ni Ngozi

3️⃣ Intara ya Buhumuza igizwe n’amakomine akurikira :

-Butaganzwa
-Butihinda
-Cankuzo
-Gisagara
-Gisuri
-Muyinga
-Ruyigi

👉🏾 Umurwa mukuru w’intara ni Cankuzo

4️⃣ Intara ya Bujumbura igizwe n’amakomine akurikira :

-Bubanza
-Bukinanyana
-Cibitoke
-Mpanda
-Mubimbi
-Muha
-Muhuta
-Mukaza
-Mugina
-Mugongo-manga
-Ntahangwa

👉🏾 Umurwa mukuru w’intara ni Bujumbura

5️⃣ Intara ya Gitega igizwe n’amakomine akurikira :

-Bugendana
-Gishubi
-Gitega
-Karusi
-Kiganda
-Muramvya
-Mwaro
-Nyabihanga
-Shombo

👉🏾 Umurwa mukuru w’intara ni Gitega

Musomyi, aho wahora uba/uvuka, ni ho ukiri?

intwaro

Le beau pays : le Burundi

Ijambo ry’Imana

Indwi ya 11 yo mu mwaka : ku wa gatandatu (Années paires)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Ivyabaye (24, 17-25)

Umuherezankuka Yehoyada amaze gupfa, abatware bo mu Buyuda baraza gukubita ibipfukamiro imbere y’umwami Yowashi, umwami nyene akumviriza ayo bashaka kumubwira. Abayuda baraheza baraheba ingoro y’Umukama, Imana ya ba sokuru babo, ngo bagende gusenga ibitabo n’ibigirwamana. Iryo bara bakoze rituma ishavu ry’Imana ribagwako, mu ntara ya Yuda na Yeruzalemu. Imana irabarungikira abahanuzi ngo babagarurire kuri yo, ba bahanuzi babashikirije ijambo ry’Imana, ntibumve.
Hanyuma na ho, Umukama aratuma umutima wiwe kuri Zakariya, mwene Yehoyada umuherezankuka. Na we Zakariya araseruka imbere y’ishengero, ababwira ati: «Ng’iri iriyazwe n’Imana: igituma murenga amabwirizwa y’Umukama ngo mutakare, ni iki? Kuko mwahevye Umukama, Umukama na we azobaheba.» Baca bagira inama y’ukumwica, no kw’ijambo ry’umwami baramwicisha amabuye ku kibuga c’ingoro y’Umukama. Umwami Yowashi yari yibagiye ivyiza Yehoyada yamugiriye, amwicira umwana wiwe Zakariya. Mu gihe c’ugupfa, Zakariya arasemerera ati: «Umukama arabibona kandi azogera ingere ku yindi!»
Umwaka utashe, ingabo za Aramu ziduga kurwanya umwami Yowashi. Barashika mu Buyuda no muri Yeruzalemu, baramara intwazangabo zose, baraheza barungikira umwami w’i Damasi ibinyagano banyaze vyose. Erega, za ngabo za Aramu zari zaje ziri ku rushi, ariko Umukama yazihebeye ingabo n’aho zari indiri, kuko Abayuda bari bahevye Umukama, Imana ya ba sokuru babo. Uko ni ko ingabo za Aramu zaruciriye Yowashi. Baraheza rero bamusiga arwaye cane, asinzikaye. Abasuku biwe baraheza baramugarariza ngo bahore amaraso y’umwana w’umuherezankuka Yehoyada. Baramutemagurira ku kirwa ciwe, arapfa. Baraheza bamuhamba mu gisagara ca Dawudi, atari mu mva y’abandi bami.

IZABURI 88 (89) 4-5, 29-30, 31-32, 33-34

Icit.: Urukundo Umukama afitiye Uwo yitoreye ruzokwamaho imyaka n’imyaka.

Twagize ubumwe twe n’Uwo nitoreye,
narahiye umusavyi wanje Dawudi nti:
«Narashinze umuryango wawe ubutakihava,
ndagushigikirira ingoma izokwamaho.

Nzokwama ndamukunda imyaka yose,
ubumwe bwanje sinzokwigera ndabumukurako:
umuryango wiwe nawugeneye kubaho imyaka yose,
na yo ingoma yiwe nayishinze ngo yameho nk’ijuru.

Abahungu biwe nibaheba itegeko ryanje,
ntibabe bagikurikiza amategeko yanje,
bagahumanya amateka yanje,
kandi ntibazigame amabwirizwa yanje.

Ibicumuro vyabo nzobicishako abana b’intoke,
ibibi vyabo ndabihanishe amahiri,
ariko sinzomukurako umutima,
kandi sinzomuhemukira.»

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya.

Umuntu ntatungwa n’indya gusa,
ariko atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa
k’Imana.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (6, 24-34)

Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Nta woshobora gukorera ba shebuja babiri, kuko yokwanka umwe agakunda uwundi, canke yokwishimira umwe, uwundi na we akamunebagura. Niho rero mutoshobora gukorera Imana n’ifaranga.
Ni co gituma ndababwiye nti: “Nimureke guhagarikwa umutima n’indya zo kubatunga n’impuzu z’ukwambika umubiri wanyu. None amagara ntasumba imfungurwa, umubiri na wo ugasumba ivyambarwa? Raba inyoni zo mu kirere! Ntizibiba, ntizimbura, ntizica ibigega, ariko So wanyu wo mw’ijuru arazigaburira! None ntimuziruta na kure Aho nyene, ni nde muri mwebwe yoshobora kwiyongerereza akanya na gatoyi k’ukuramba ngo n’uko bimuhagaritse umutima? Na vyo ivy’impuzu, bibahagarikira umutima iki? Itegereze ukuntu amashurwe yo mw’ishamba akura! Ntiyirirwa ariruhisha kandi nta mpuzu ajisha, ariko ndababwiye ko na Salomo, mu gihe cose yari mu gahimbare ka cane, atigeze yambara nka rimwe muri ayo mashurwe. Ko Imana irinda yambika ivyo vyatsi vyo mw’ishamba vyirirwa uyu musi ejo bigacanwa, yobura kubagirira ibisumba, mwebwe? Emwe mwa bantu, mwemera buhoro! Nimureke rero gusimbwa n’umutima mugira ngo: “Mbega tuza kurya iki?”canke muti: “Tuza kunywa iki?” canke muti: “Tuza kwambara iki?” Abapagani ni bo bakurikirana ivyo bintu vyose. Nimutangure rero kurondera Ubwami bw’Imana n’ubutungane bwayo, na vyo ibindi izobibagerekerako. Ntimwitwararike ivy’ejo, ejo hazokwimenya. Umusi wose ugorwa n’ivyawo.»

Ijambo ry’Imana

Indwi ya 11 yo mu mwaka : ku wa gatanu (Années paires)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Abami (11, 1-4.9-18, 20a)

Muri irya misi, Hataliya, nyina wa Akaziya, abonye ko umwana wiwe yapfuye, aca atikiza abo mu nda y’ingoma bose. Ariko, Yehoshebahi, ari we mukobwa w’umwami Yehoramu na mushiki wa Akaziya, aca afata Yowashi mwene Akaziya, amukura mu bandi bana b’umwami bariko baratemagurwa. Amujana n’umurezi wiwe mu cumba babikamwo uburiri. Uko ni ko bamunyegeje ngo Hataliya ntamwice. Amarana na Yehoshebahi imyaka itandatu, anyegejwe mu ngoro y’Umukama, Hataliya na we akaba ari we agaba igihugu. Mu mwaka ugira indwi, umuherezankuka Yehoyada atuma ku basirikare mu Bakari no ku barinzi abahamagarira iyo ari mu ngoro y’Umukama. Bashitseyo, agiranira na bo isezerano, bararirahira mu ngoro y’Umukama nyene; hanyuma naho, abereka umwana w’umwami. Abo basirikare barakurikiza muri vyose ya mategeko y’umuherezankuka Yehoyada: umwe wese ajana abaje ku rubu rwabo kw’isabato n’abari barurangije kuri iyo sabato nyene. Yehoyada arabaha amacumu n’inkinzo y’umwami Dawudi bari babitse mu ngoro y’Umukama. Abarinzi baratonda umurongo kuva mu bumanuko gushika mu buraruko ngo bakikuze uruhimbi n’ingoro, kandi bari bafïse ibirwanisho vyabo mu minwe. Yehoyada araheza asohokana umwana w’umwami, amwambika urugori rw’ubwami, amuha intahe y’umwami nyene. Baramwimika, bamusiga amavuta. Ivyo biheze, barakoma amashi, bamuvugiriza impundu ngo: «Ganza, sabwa!» Hataliya ngo yumve urwo rwamo rw’ishengero, araza kuraba mu ngoro y’Umukama. Aravyitegereza, abona umwami ahagaze hafi y’inkingi nk’uko vyahora, be n’abashingantahe n’abavuza inzamba bamukikiza n’abantu bose bigina kubera akanyanuneza mu kwumva inzamba. Araheza atabura impuzu  ziwe, avuza induru ati: «Ni umugararizo! Ni umugararizo!» Ariko rero, umuherezankuka Yehoyada ategeka intwazangabo z’abasirikare, avuga ati: «Nimumusohore ave ku bibuga vy’ingoro y’Umukama; uwumukurikira wese, mumwicishe inkota.» Nka ko nyene, uwo muherezankuka yari yababujije kumwicira mu ngoro y’Umukama. Baramufata rero, kandi amaze guca kw’irembo ry’amafarasi n’ugushika mu ngoro y’umwami, baca baramwica. Ivyo biheze, Yehoyada arashinga isezerano ry’Umukama n’umwami be n’ishengero ry’abantu, kugira ngo igihugu kibe gihugu c’Umukama. Abantu bose baca bagenda ku ngoro ya Bahali, barayisenyura; baramenagura impimbi n’ibishusho vyazo, baricira imbere y’uruhimbi Matani umuherezankuka Bahali. Umuherezankuka Yehoyada araheza ashinga abarinzi ngo bateramire mu ngoro y’Umukama. Abantu bose baranezerwa kandi igisagara gisubira gutekana.

IZABURI 131 (132) 11, 12, 13-14, 17-18

Icit.: Umukama ni we yitoreye Siyoni, ngo bahamwubakire ingoro.

Umukama yararahiye Dawudi indahiro y’ukuri, kandi ntazokwirahuruza, Ati: «Uwuzokwamuka mu bura bwawe, ni we nzoshira ku ngoma yawe.

Abana bawe nibagumya ivyo twasezeranye, nibakora amategeko nabahaye, abana babo na bo nyene bazoja ku ngoma yawe, imyaka n’imyaka.»

Erega, Umukama ni we yitoreye Siyoni, ni ho yagomba ngo bahamwubakire ingoro: aho ni ho ngiye kuvyagira imyaka yose, ni ho nzoba kuko nahagomwe.

Ni ho nzobakomereza ubutwari bwa  Dawudi, ni ho nzotegurira urumuri Uwo nitoreye; nzomaramaza abansi biwe, ugori rw’ubwami na rwo rusayangane ku ruhanga rwiwe.»

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya.

Mukama Mana, tworohereze umutima, kugira ngo turonderane urukundo amajambo y’Umwana wawe.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (6, 19-23)

Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Ntimurunde amatungo yo hasi aribwa n’ingese n’umuswa, ibisuma bikimba inzu bikayasahura. Nimukurikirane itunga ryo mw’ijuru, ho ingese n’umuswa bitagera, ho ibisuma bitamena ngo vyibe. Kuko aho itunga ryawe riri, ari ho agatima kawe kazoba. Itara ry’umubiri ni ijisho. Ijisho ryawe ari rizima, umubiri wawe wose uzoba mu muco; ariko ijisho ryawe rirwaye, umubiri wawe wose uzoba mu mu muzimagiza. Nicaba rero icokuboneshereje ari co mwijima, uyo mwijima ni umuzimagiza!»

Ijambo ry’Imana

Indwi ya 11 yo mu mwaka : ku wa kane (Années paires)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Mwene Siraki (48, 1-14)

Umuhanuzi Eliya yarengutse ameze nk’umuriro,
ijambo ryiwe ryaka nk’urumuri.
Ni we yateye amapfa mu gihugu c’Israyeli,
ubwira afitiye Imana bwamutumye amara benshi.
Kw’ijambo ry’Umukama, ni we yugaye ijuru,
aba ari we amanura umuriro gatatu kose.
Ukuntu uninahaye, Eliya, kubera ibitangaro wagize!
Uwokwirata ngo angana nawe yova hehe?
Waravyuye umuntu umwe umukura mu rupfu
no mu kuzimu nyene, kw’ijambo ry’Umukama.
Waratumye abami bashiburirwa hanze baratakara,
utembagariza hasi abantu baninibanini.
Warumvise ku gasozi ka Sinayi impanuro z’Umukama,
wumva ku gasozi ka Horebi amajambo yiwe y’ukwihora.
Warimitse abami ngo bashinge ingingo z’ubutungane,
watira abahanuzi ngo basubire mu birenge vyawe.
Warajanywe n’igihuhusi c’umuyaga w’umuriro,
utwarwa n’urureruzo rukwegwa n’amafarasi y’umuriro.
Ni wewe wavuzwe muri za mpanuro zagenewe igihe c’imperuka,
ngo utururuze ishavu ryimirije kuza,
ngo ugarurire imishaha y’abavyeyi ku bana babo,
ngo utabarize imiryango ya Yakobo.
Hahiriwe abazoterwa iteka ryo kukubona,
be n’abazopfana urukundo rw’Imana,
kuko na twebwe nyene, tuzoshikira ubuzima bwuzuye.

Igihe Eliya yatwarwa n’igihuhusi c’umuyaga,
ni ho Elize yaragwa ubuhanuzi bwiwe bwose.
Akiri hano kw’isi, nta mukuru n’umwe yashoboye kumutirimutsa,
nta n’umwe yashoboye kumuganza.
Nta jambo na rimwe ryashoboye kumugonda,
no mu rupfu nyene yagumye ahanura.
Mu buzima bwiwe yahora akora ibitangaro,
amaze gupfa naho yarakoze ibitangaza.

IZABURI 96 (97) 1-2, 3-4, 5-6, 7

Icit. : Mwa beranda, nimuhimbarwe mu Mukama.

Umukama ari ku ngoma! Isi n’itarîke!
Amazinga menshi n’atarîke!
Ibicu n’umwiza biramukikije,
ingoma yiwe ihagaze ku butungane no ku ngingo.

Umuriro umwitangira imbere,
utema utongora abamusharika;
igihe imiravyo yiwe yabonesha kw’isi,
ibihugu vyaciye bibona, bihinda agashitsi.

Imisozi na yo ngo ibone umwami w’isi yose,
ica ishonga nk’ibishashara;
ijuru rihaya ubutungane bwiwe,
intara zose zigaca zibona ubuninahazwa bwiwe.

Abishinga ibigereranyo nibamaramare,
bo bishimiriza imburakimazi!
Mbere ibigirwamana vyose
nibipfukamire Imana!

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya.

Umukama yavuze ati: «Kuva ubu, nzobita abakunzi banje; ivyo nahawe na Data vyose narabibamenyesheje.»

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (6, 7-15)

Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Mu gusenga, ntimuvuge menshi nk’abapagani, bibwira ko bumvirwa iyo bagwije amajambo. Ntimugire nka bo, kuko So wanyu azi ivyo mukeneye mutarigera mubimusaba.
Mweho, murasaba mutya: Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe rininahazwe, ubwami bwawe nibuze, ivyo ushaka bigirwe kw’isi nko mw’ijuru. N’uduhe ivyokurya bidukwiye uyu musi; uturekurire ibicumuro vyacu, nk’uko natwe tubirekurira ababitugiriye; ntudutererane ibitwosha nabi; yamara udukize akabi.
Nka ko, niwagirira ikigongwe abandi, So wawe wo mw’ijuru azokikugirira; ariko, n’utakibagirira, na So wawe ntazokurekurira ibicumuro wawe.»

Ijambo ry’Imana

Indwi ya 11 yo mu mwaka : ku wa gatatu (Années paires)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Abami  (2, 1.6-14)

Ng’ibi ivyabaye mu gihe Umukama yajana Eliya mw’ijuru, mu gihuhusi c’umuyaga. Eliya na Elize bari mu nzira bavuye i Giligali. Araheza Eliya abarira Elize ati: «Guma ngaha, kuko Umukama antumye ku ruzi rwa Yorodani gusa.» Ariko Elize aramwishura ati: «Ndarahiye Umukama muzima, na wewe ndakurahiye yuko tutavana.» Baraheza baragenda bompi uko ari babiri. Bashitseyo, abahanuzi mirongo itanu bahora bagendana baraza kubasanganira, bigumira kure mu gihe bari bahagaze bompi ku nkombe ya Yorodani. Maze, Eliya afata umutamana wiwe, arawuzingazinga, awukubitisha amazi; nya mazi acikamwo kubiri, baca mu nzira yumye. Bamaze kujabuka, Eliya abarira Elize ati: «Pfa kunsaba ico ushaka: Mbega, tutaravana noshobora kukugirira ibiki?» Elize aramwishura ati: «Ntabara, undage ibigabane bibiri vy’ubuhanuzi bwawe!» Eliya aramwishura ati: « Unsavye ikigoye: mugabo niwambona mu gihe nzotwarwa ngatandukanywa nawe, ivyo uzobironka; ahandiho, ntibizoba.» Bariko baragenda bayaga, haza urureruzo rw’umuriro rukwegwa n’amafarasi y’umuriro, birabatandukanya; Eliya ajanwa mw’ijuru mu gihuhusi c’umuyaga. Elize abibonye, arasemerera ati: «Yewe ga dawe we, yewe ga dawe we! Wewe ureruzo rw’Israyeli n’amafarasi yayo!» Ntiyaba agisubira kumubona. Ni ko gutabura impuzu ziwe, akazigiramwo ibitabu bibiri. Araheza atora umutamana wa Eliya wakorokeye hasi, agaruka ku nkombe ya Yorodani. Arafata rero wa mutamana wa Eliya, awukubitisha amazi; nya mazi acikamwo kubiri, araheza arajabuka.

IZABURI 30 (31) 20, 21, 24

Icit.: Mwese abizigiye Umukama, humure, subize umutima mu nda.

Erega, Mukama, ubuntu bwawe ni bwinshi cane, ubwo wereka abakwubaha; ubwo ugirira abaguhungirako mu maso y’abana b’abantu.

Abo ukiza ubahozako ijisho, ukabashira kure y’akagunge k’abantu, ukabahisha mw’ihema, kure y’uruvugo rw’abantu.

Nimukunde Umukama, mwa bakunzi biwe mwese: Umukama arabungabunga abatamuhemukira, ariko akagerera ku rushi abishima.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Nyigisha, Mukama, inzira yawe; undǒngōre mu kuri kwawe.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (6, 1-6.16-18)

Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe n’ishengero ry’abantu ati: «Nimureke kwerekana ubwiza bwanyu mu maso y’abantu, kugira ngo babashime; ahandi ho, So wanyu wo mw’ijuru nta mpera azobaha. Niwagira ico uhaye umurushwa ntukigire ururirimbo, kumwe abibara uko batari bagira mu masinagoga be no mu mayira, ngo abantu babaninahaze; ni ukuri ndabibabwiye, impera yabo baramaze kuyironka. Weho rero, niwagira ico upfumbatishije umworo, ukubamfu kwawe ntikuze kumenye ico ukuryo kugize, kugira ngo ico utanze kigume mu mabanga; So wawe abona ikimizwe n’ingoma izokigusubiza. Nimwasenga, ntimugire nk’abanyabwishime bakunda gusengera ahabona, mu masinagoga no mu mu mayirabiri ngo ibantu bababone. Ni ukuri ndabibabwiye, impera yabo baramaze kuyironka. Weho rero, niwashaka gusenga, injira haruguru hiherereye, wugare urugi, uheze usenge So wawe ari ahiherereye; So wawe abona ikitaboneka azobikwishura. Nimwisonzesha, ntimwijirwe nk’uko abanyabwishime bagira, bakinyankabiranya mu maso, kugira ngo abantu babone ko bisonzesheje; ni ukuri ndabibabwiye, impera yabo baramaze kuyishikira. Weho rero, niwisonzesha, inogereze mu mutwe, wiyoge no mu maso, abantu ntibamenye ko wisonzesheje, ariko bimenywe gusa na So wawe ata kimusoba; So wawe abona ibiri mu mpisho azobiguherako impera.»

Ijambo ry’Imana

Indwi ya 11 yo mu mwaka : ku wa kabiri (Années paires)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami (21, 17-29)

Bamaze kwica Naboti, Umukama abarira umuhanuzi Eliya ati: «Va hasi, umanuke, muhure na Akabu,Umwami w’Israyeli aba i Samariya. Uramusanga muri wa murima w’imizabibu wa Naboti, ni ho yamanutse ngo awushikire. Umubarire uti: Ng’iri iriyazwe n’Umukama, ngo: Urishe, none uriko uratwara intoranwa y’uwundi! Ni co gituma Umukama avuze ati: Harya nyene imbwa zarigatiye amaraso ya Naboti ni ho zizorigatira n’ayawe.» Akabu abarira Eliya ati: «Wagarutse kunkurikirana, wa mwansi wanje!» Eliya na we ati: «Egome, nagarutse koko. Kuko wihevye ngo ukore ico Umukama yanka, ndi mu kugutera amagorwa; nzokuraho uruvyaro rwawe, mare abahungu bose bo mu muryango wa Akabu, kuko wanteye ishavu ugacumuza Israyeli. Bisubiye kandi, no kuri Yezabeli nyene, Umukama yavuze iri jambo ngo: Imbwa zizomurira muri wa murima w’i Yezereheli. Kandi mu bari mu muryango wa Akabu, uwuzogwa mu gisagara wese azoribwa n’imbwa, na we uwuzogwa mu gahinga wese azoribwa n’ibisiga.» Ni ivy’ukuri, nta n’urnwe yigeze gukora nabi nka Akabu, we yihebeye ububeshi agakora ico Umukama yanka kubera amohe y’umugore wiwe Yezabeli. Koko, yama yigenza nk’umumenja mu kwihambirira ku bigirwamana, agakurikiza imigenzo y’Abemori Umukama yari yirukanye imbere y’Abanyisrayeli. Amaze kwumva ayo majambo ya Eliya, Akabu yaciye atabura ivyambarwa  vyiwe, yambara amagunira, arisonzesha, aryamana ayo magunira nyene yongera agenda yipfumbereje. Umukama arahava abwira Eliya ati: «Mbega, wabonye ingene Akabu yicishije bugufi imbere yanje? Kuko yicishije bugufi imbere yanje, sinzomutera akiri ku ngoma; ariko ku ngoma y’umuhungu wiwe ni ho nzotera umuryango wiwe.»

IZABURI 50 (51) 3-4, 5-6b, 11.16

Icit. : Tugirire ikigongwe, Mukama, kuko twacumuye.

Ngirira ikigongwe, se Mana yanje, kubera ubuntu bwawe, ku bw’ikigongwe cawe kidakama nzimanganiriza akabi nakoze. Nyuhagira umwanda wose mfise, uheze uhanagure ibicumuro vyanje vyose.

Ego cane ikibi nakoze ndakizi, icaha nakoze kindaza ishinga. Ni Wewe musa nacumuyeko, akabi wanka ni ko nakoze.

Ibicumuro vyanje vyose, vyikure mu maso, n’ibibi vyanje vyose ubinzimanganirize. Mana, Bukiriro bwanje, nkurako uruvuto rw’amaraso, ururimi rwanje ruzoshemeza imbabazi zawe!

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya.

Uwuzigama ijambo rya Kristu, muri we ni ho urukundo rw’Imana ruba rusasagaye.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (5, 43-48)

Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe n’ishengero ry’abantu ati: «Mwarumvise iryavuzwe ngo: “Uzokunda umugenzi wawe”, wanke umwansi wawe. Jeho rero ndababwiye nti: “Kunde abansi banyu, kandi musabire ababahama, ngo mwerekane ko muri abana ba So wanyu wo mw’ijuru aha izuba ababi n’abeza, agaha imvura intungane n’indyarya”. Kuko mukunze ababakunda gusa, impera yanyu izoba iyihe? Abatozakori bo ntibabigira? Kandi muramukanije na benewanyu gusa mwoba mugize iki c’akatabonetse? Abapagani bo ntibabigira? Mweho rero nimube beranda nk’uko So wanyu wo mw’ijuru ari mweranda.»

Ijambo ry’Imana

Indwi ya 11 yo mu mwaka : ku wa mbere (Années paires)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami (21, 1-16)

Muri irya misi, hari umuntu w’i Yezereheli yitwa Naboti, yari ifise umurima w’imizabibu hafi y’ingoro ya Akabu, umwami  wa Samariya. Akabu rero abarira Naboti ati: «Mpa tugurane uwo murima wawe w’imizabibu kugira ngo umbere umurima w’imboga, kuko uwo murima uri hafi y’urugo rwanje; nanje ndaguhe uwundi murima uruta uwawe, canke, ubishatse, ndaguha ibiwuciye.» Naboti arishura Akabu, ati: «Umukama rakantesha kuguhebera iragi ry’abasokuru banje!» Akabu arataha yijiriwe kandi ashavuye kubera iryo jambo Naboti w’i Yezereheli yari yamubwiye ngo: «Ntaho nzoguhebera iragi ry’abasokuru banje.» Aragenda kuryama ku kirwa, aroresha amaso hirya ku rusika, yanka gufungura. Umugore wiwe Yezabeli ngo aze, amubarira ati: «Igituma wijiriwe ukanka kurya ni iki?» Na we aramwishura ati: «Ikimbabaje ni uko nabariye Naboti w’i Yezereheli nti: Mpa tugurane umurima wawe w’imizabibu, nguhe ibiwuciye canke, nicaba ari co ushaka, uwundi murima uruta uwawe. Ariko yanyishuye ati: Ntaho nzoguhebera umurima wanje.» Umugore wiwe Yezabeli amubarira ati: «None, uko ni ko ukoresha ubukuru bwawe bw’umwami muri Israyeli! Vyuka rero, ufungure, reka kwigorera ubusa; uwo murima wa Naboti w’i Yezereheli, nzowuguha!» Arandika rero kw’izina rya Akabu amakete adomweko ikimenyetso c’umwami, ayarungikira abakurambere n’abashingantahe babana na Naboti. Yari yanditse muri ya makete, ati: «Nimushinge umusi w’ukwisonzesha kandi nimushire Naboti imbere y’abagabo. Nimuzane abantu babiri b’inshirukanya, baje imbere yiwe bamwagirize, bati: Twumvise Naboti ariko aratuka Imana n’umwami. Nimumujane inyuma y’igisagara, mumwicishe amabuye, aragapfa!» Abagabo bo muri ca gisagara ca Naboti, abakurambere n’abashingantahe bo muri ico gisagara nyene baraheza bagira nk’uko Yezabeli yari yababwiye, nk’uko vyari vyanditswe muri ya makete yabarungikiye. Barashinga umusi w’ukwisonzesha kandi barashira Naboti imbere y’ishengero. Hanyuma, haza ba bantu b’inshirukanya imbere yiwe, bamwagiriza bati: «Naboti yaratutse Imana n’umwami.» Baraheza bamujana inyuma y’igisagara, baramutera amabuye, arapfa. Ngo yumve yuko Naboti yapfuye yicishijwe amabuye, Yezabeli arabwira Akabu ati: «Vyuka, genda utware wa murima w’imizabibu wa Naboti w’i Yezereheli, wa murima yanse ko mugura; kuko Naboti atakiriho, yapfuye.» Akabu yumvise ko Naboti yapfuye, arahaguruka ngo amanuke kuri nya murima wa Naboti, awutware.

IZABURI 5, 2-3b, 5-6b, 6c-7

Icit.: Umviriza amaganya yanje, Mukama!

Zirikana igisabisho canje, umviriza amaganya yanje; ninakwakura urantega ugutwi, Mwami wanje, Mana mfise.

Nturi Imana inezerwa n’ibibi, umubisha ntâwé iwawe; abishima ntibaragama mbere y’inyonga zawe.

Uranka inkozi z’ikibi, ugatikiza abanyakinyoma; umwicanyi n’umuntu w’ubugunge, Umukama aramwanka rwose.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Mbeshaho, Mukama, kubera urukundo rwawe, niho nzozigama iryo unyagiye wewe nyene.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (5, 38-42)

Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe n’ishengero ry’abantu ati: «Mwarumvise iryavuzwe ngo: Ijisho ku rindi, iryinyo ku rindi. Eka jeho mbabwiye kudahangana n’umuhambazi; nihagira uwugukubita kw’itama ry’iburyo, muhereze n’irindi. Uwuzoshaka kukwitwarira ngo agutware ikanzu, muhebane n’igikwemu. Umuntu niyakubwira ko muca intaho y’intambwe igihumbi, mukurikire mugire ibihumbi bibiri. Uwugusavye n’umuhe uwukuguranye ntumwinyungushure.»

https://www.facebook.com/groups/577139385751732/permalink/2350430035089316/?sfnsn=mo

https://www.facebook.com/groups/577139385751732/permalink/2242107432588244/?sfnsn=mo

Veillée de Noël à Kinama

https://www.facebook.com/groups/577139385751732/permalink/2215291618603159/?sfnsn=mo

Idominika ya mbere y’ubushikiro B

Idominika ya 1 y’Ubushikiro mu mwaka B

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (63, 16b-17. 19b ; 64, 2b-7)

Hamagara Umukama amanuke aze kudukiza

Mukama, ni Wewe uri Dawe,
umucunguzi wacu, ni ryo zina ryawe kuva na kera hose.

Ewe Mukama, ni iki kigutuma uduhisha inzira zawe,
ugakomantaza imitima yacu ntitukwubahe?
Garukira abasavyi bawe
n’imiryango y’iragi ryawe.
Icompa ugasatura ijuru ukamanuka,
imisozi igahinda agashitsi imbere yawe!

Waramanutse,
imisozi na yo igahinda agashitsi imbere yawe.
Kuva kera hose ntaho abantu bigeze bumva,
ntaho amatwi yigeze yumva,
ntaho amaso yigeze abona
iyindi mana igira ico imariye abayizeye
atari Wewe.

Uhora usanganira abakorana akanyamuneza ivy’ubutungane,
n’abagendera mu nzira zawe bakwibuka.
Ariko waragize ishavu kuko twacumuye,
tukaguhemukira kuva kera.
Mugabo rero, tuzobona gukira.
Twese twarabaye nk’abahumanye,
ubutungane bwacu bwose bukamera nk’impuzu yatyoye;
twese twarakambiranye nk’ikibabi,
ibicumuro vyacu bikadutwara nk’umuyaga.

Nta n’umwe yambaza izina ryawe,
nta waruka akwihekako;
kuko waduhishije inyonga zawe,
ukadutana ibicumuro vyacu.
Ariko noneho, Mukama, uri Dawe;
turi ibumba, nawe uri umubumvyi;
twese turi igikorwa iminwe yawe yikoreye.

IZABURI 79 (80) 2ac. 3b, 15-16, 18-19

Icit.: Tugarure, Mukama, tugaranzurireko inyonga zawe, tuzoca turokoka.

Wewe Mwungere w’Israyeli, ntega ugutwi,
wewe Mwungere utuyobora, niwimenyeshe;
vyura ubugabo bwawe,
uze kuturokora.

Mukama, Mana y’ijuru n’isi, n’ugaruke:
n’urabire mw’ijuru, wihweze:
n’ugarukire uwo muzabibu
wabaditse n’ukuryo kwawe guhambaye.

Tunga umuntu wishiriye iburyo,
umwana w’umuntu agukeshako ubukomezi bwiwe;
ntaho tuzosubira kukuvirira:
dusubize amagara, tubone kwambaza izina ryawe!

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (1, 3-9)

Turiteze ukumenyekana kw’Umukama wacu Yezu Kristu

Ncuti zanje,
Turabipfurije inema n’amahoro akomoka ku Mana, Dawe wa twese, no ku Mukama wacu Yezu Kristu. Simpengeshanya gukengurukira Imana ku bwanyu kubera inema y’Imana mwagabiwe muri Kristu Yezu, kuko muri We mwabaye abatunzi muri vyose, mu matungo yose y’ijambo n’ay’ubumenyi, ku ngero intahe mushingira Kristu ishemeye muri mwebwe.
Ni co gituma ata ngabirano n’imwe mubuze, mu gihe mwiteze ukumenyekana kw’Umukama wacu Yezu Kristu. Ni We kandi azoguma abakomeza gushika ku mpera, kugira ngo ntihagire ico bazobagiriza ku musi w’Umukama wacu Yezu Kristu.
Imana ni Rudatanamundagano, Yo yabahamagariye kwunga ubumwe n’Umwana wayo Yezu Kristu, Umukama wacu.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Twereke, Mukama, ikigongwe cawe, uheze udutabaze urukiza rwawe.

Aleluya.

*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko Mweranda(13, 33-37)

Murabe maso kuko mutazi aho nyenurugo azotahukira

Muri irya misi, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Nimugabe, mube maso, kuko mutazi aho uwo musi uzoshikira. Ni nk’umuntu yamaze urubanza: mu kuva i muhira, agashikiriza vyose abantu biwe, agasiga ashinze umwe umwe igikorwa ciwe, uwugarira na we akamwihanikiriza ashimitse ngo abe maso. Murabe maso rero kuko mutazi aho nyenurugo azotahukira, ko ari ku mugoroba canke mu gicugu canke mu nkokó canke mu gitondo. Yohava abashikira giturumbuka agasanga musinziriye. Ivyo ndababariye, ndabibwiye bose: Murabe maso!»

LISTE DES PAPES

La messe en direct de la Toussaint . Paroisse Kinama

https://www.facebook.com/groups/577139385751732/permalink/2164428013689520/?sfnsn=mo

https://www.facebook.com/groups/577139385751732/permalink/2157084164423905/?sfnsn=mo

Pyramide de Ponzi et Madoff

QU’EST-CE QUE LA « PYRAMIDE DE PONZI » ?

Ecrit par Naqi Hamza5 avril 2020

En Bourse, tout le monde est à la recherche de la poule aux œufs d’or, ce placement qui rapportera énormément d’intérêts tout en prenant un minimum de risque.

C’est cet appât du gain facile qui a poussé certaines personnes à élaborer un système frauduleux, promettant des retours sur investissement disproportionnés par rapport à ce qu’offre le marché.

Parmi ces arnaqueurs, on y retrouve Charles Ponzi, qui donnera son nom au système, et Bernard Madoff, qui créera la pyramide la plus grande et la plus complexe connue à ce jour.

Mais comment ce système fonctionne-t-il ?

👉 Le système de Ponzi est plus simple à comprendre lorsque nous le comparons à une pyramide.

Le fraudeur, au sommet de la pyramide, sollicite un premier investisseur pour une affaire. Pour éveiller sa curiosité, il lui promet un rendement important en peu de temps (ex. doubler la mise). L’investisseur décide alors de verser 1000 $, en espérant recevoir 2000 $ dans un an. Le fraudeur, s’il veut respecter son engagement, doit trouver 1000 $ d’ici un an. Puisqu’il ne les investit pas (ou très peu) en bourse, il incite d’autres personnes à rejoindre sa pyramide.

L’argent récolté par les derniers sert à rembourser les intérêts des premiers. Et ainsi de suite. Dès lors, on se retrouve dans un système où la croissance est exponentielle, ce qui sera l’une des causes de son effondrement.

Ce système ne s’arrête que lorsqu’un grand nombre de personnes souhaite, en même temps, sortir du fonds. Les premiers chanceux seront remboursés et les derniers constateront qu’il ne leur reste plus rien. Un autre motif peut être le manque de personnes à recruter. Puisque de nouvelles arrivées sont nécessaires pour maintenir la pyramide en place, il arrive un moment où le nombre requis dépasse la totalité des habitants sur notre planète.

  • Charles Ponzi commença son arnaque à Boston, dans les années 1920. Sa proposition était simple : profiter des différences de taux de change entre pays pour acheter des timbres internationaux en Italie (sa terre natale) et les revendre quatre fois plus cher aux États-Unis.

Pourquoi cette idée s’est-elle démarquée des autres ? Ponzi promettait à ses investisseurs un intérêt de 50% en l’espace de trois mois seulement. Verser 1000 $ chez Ponzi devait vous rapporter 5000 $ en un an.

Son arnaque n’a duré que 6 mois, car il y avait plusieurs incohérences. Tout d’abord, la Poste italienne affirma qu’elle n’avait jamais reçu une forte demande de timbres. Ensuite, le rendement de 50% 90 jours proposé par Ponzi était gigantesque par rapport à tout autre type de placement. Enfin, le passé criminel de Ponzi le rattrapa et mit fin à l’aventure d’un homme qui devint millionnaire en l’espace de quelques mois.

👉 L’autre nom associé à la pyramide de Ponzi est Bernard Madoff. Considéré comme un génie de la Finance, pour son apport dans l’informatisation des échanges en Bourse, cet ancien maître nageur devint même président du Nasdaq en 1990.

Son fonds récolta près 50 milliards de dollars (avec un ticket d’entrée de minimum 1 million $) et ne visait que les personnes très fortunées. La promesse de rendement plus modeste, 10% fixe par an, et la falsification des documents envoyés aux clients permirent à la pyramide de tenir quatre décennies.

Ni ses détracteurs ni les enquêtes menées par le gendarme de la Bourse n’ont réussi à démasquer l’immense arnaque d’un homme qui devenait de plus en plus intouchable. C’est la crise de 2008 qui permit cela, quand de plus en plus d’investisseurs réclamèrent leur argent. Madoff purge actuellement une peine de 150 ans de prison et endosse, seul, la responsabilité de cette affaire.

👉 Comment peut-on repérer une telle pyramide ? Plusieurs indices peuvent vous mettre la puce à l’oreille tel que:

  • Une promesse de rendement en décalage avec ce qui est proposé sur les marchés.
  • L’initiateur du projet n’investit pas son propre argent dans l’affaire
  • Il est nécessaire de recruter d’autres personnes pour atteindre l’objectif
  • Vous ne trouvez aucune documentation ou preuve de l’investissement
  • Vous avez du mal à récupérer votre argent en temps voulus.

Avec du recul, cela peut vous paraître évident que ces investissements étaient mensongers, tant les signes étaient nombreux. Cependant, c’est l’art de convaincre (ou de tromper ?) son prochain qui permet à de telles fraudes d’exister.

De nos jours, ces arnaques sévissent toujours, mais les avancées technologiques réduisent considérablement leur durée de vie et leur champ d’application. Ces exemples nous montrent qu’en Finance, il faut parfois revenir à un des fondamentaux des sceptiques qui dit « c’est bien trop beau pour être vrai ».

Par Timur KazkonduBOURSEBUSINESSDOLLARSECONOMIEESCROQUERIEINVESTISSEMENTTRADING0 commentaire

Ijambo ry’Imana

IDOMINIKA YA 26 YO MU MWAKA (Umwâka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (18, 25-28)

Imana iratwakura ngo idukebure

Ng’iri iriyazwe n’Umukama: Mwebwe muhora muvuga muti: «Umukama agira ibitumvikana.» Tega amatwi, muryango w’Israyeli: Mbe ingiro yanje ni yo igoramye? Ubwo si mwe mwigenza ukutari ko? Iyo intungane ihevye ubutungane igakora nabi, hanyuma igapfa kubera ico, iba ipfuye izira iyo nabi. Umuyobe na we, iyo ahevye ibicumuro vyiwe, agakurirkiza ukuri n’ubutungane, akwiye kubaho. Nkako, kubera ko yemeye guheba ibicumuro vyiwe vyose yakoze, akwiye kubaho, ntazopfa.

IZABURI 24 (25) 4-5b, 6-7, 8-9

Icit.: Ibuka, Mukama, urukundo rwawe.

Ntabara, Mukama, undangire inzira y’iwawe,
uranyigisha inzira zawe. Urantumbereza ukuri,
uranyigisha, ni Wewe Mana izonkiza.

Gira wibuke imbabazi zawe, Mukama,
wibuke n’urukundo rwawe, kuko ari ivya misi yose.
Ntiwibuke ubugaba bwo mu buto bwanje,
uranyibuka jewe nyabuna kubera urukundo rwawe.

Ese ubutungane n’urukundo vy’Umukama!
Umukama yama agarura abazimiye.
Abatobato akabatumbereza mu butungane,
abicisha bugufi akabigisha inzira yiwe.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyafilipi (2, 1-11)

Igisomwa kigufi : 2, 1-5

Muramane wa mutima Kristu yari afise

Ncuti zanje, ndabasavye nshimitse kw’izina ry’ijambo ry’akamarampaka mwashikirijwe muri Kristu, kw’izina ry’urukundo rumara amazinda, kw’izina ry’ubumwe twunze muri Mutima no kw’izina ry’igishika cuzuye impuhwe ndabafitiye, ndabasavye munyuzuze akanyamuneza mu kwamana umutima umwe: sangire urukundo, muhuze imitima, muname rimwe, mwigizeyo icobakwegera mu macakubiri, mureke kwishima; nimwicishe bugufi, umwe wese abone ko abandi bari n’ico bamurusha; ntihagire uwurazwa itiro n’ibimuteza imbere wenyene, niyiyumvire igiteza imbere abandi. Igihe cose muri hamwe, muramane wa mutima Kristu yari afise:

Igisomwa kigufi giherera aha.

N’aho yamanye akamere k’Imana, ntiyigeze yishira hejuru ngo n’uko angana n’Imana; ariko yigize ubusa mu gusangira akamere k’abasuku, mu kwigira umuntu asa n’abandi; yigenjeje nk’umuntu asanzwe, arushirizaho mbere kwicisha bugufi, aragamburuka gushika yemere urupfu, kandi urupfu rwo ku musaraba. Ni co catumye Imana imushira hejuru ya vyose, ikamugabira Izina rirengeye amazina yose, kugira ngo kw’izina rya Yezu, bose bakubite ibipfukamiro mw’ijuru, kw’isi no mu kuzimu kw’inyenga, kandi ururimi rwose ruyage ko Yezu Kristu ari Umukama, ngo Imana Se ininahazwe.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Intama zanje zirumviriza ijwi ryanje,
kandi ndazizi, vyongeye zirankurikira.»
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (21, 28-32)

Arigaya, aragenda. Abatozakori n’abanyakabi bazobatanga mu Bwami bw’Imana

Muri irya misi,Yezu yabariye abaherezankuka bakuru n’abakurambere b’igihugu ati: «Mbega uru rubanza mworuca mute? Hari umugabo yari afise abahungu babiri. Yegera uwa mbere amubwira ati: “Mwananje, genda uyu musi gukora mu mizabibu yanje.” Na we ati: “Ntaho nja.” Ngo amare akanya, arigaya, aragenda. Nya mugabo yegera uwa kabiri, amubwira kwa kundi. Uwo arishura ati: “Ndagiye.” Ariko ntiyagenda. Muri abo babiri, ni uwuhe yakoze ico se wiwe ashaka?» Bishura bati: «Uwa mbere.» Yezu asubizayo ati: «Ni ukuri ndababariye: abatozakori n’abanyakabi barabatanze mu Bwami bw’Imana. Kuko Yohani yazanaye inzira y’ubutungane, muraheza ntimwamwemera, ariko abatozakori n’abakora ibiterasoni bo baramwemeye, namwe ngo mubibone, murabura n’agatima ko kwigaya kobatuma mumwemera.»

Nous croyons en l’univers visible et invisible

https://www.facebook.com/groups/2153032381421658/permalink/3606662659391949/?app=fbl

Lecture : Les 21 lois irréfutables du leadership

Lecture : Les 21 lois irréfutables du leadership

15 février 2010, par Alain Beaudoin

Pour John C. Maxwell, qu’il s’agisse de réussite ou d’échec, tout dépend du leadership. Pendant que vous travaillez à bâtir votre organisation, souvenez-vous que…

  • Le personnel détermine le potentiel de l’organisation.
  • Les relations déterminent le moral des membres de l’organisation.
  • La structure détermine la taille de l’organisation.
  • La vision détermine l’orientation de l’organisation.
  • Le leadership détermine le succès de l’organisation.

Pour développer votre leadership, John C. Maxwell a écrit ces 21 lois. Ce résumé saura, je l’espère, vous inciter à lire le livre au complet…

1. La loi du couvercle

  • Tout ce que vous cherchez à accomplir sera limité par votre aptitude à être un meneur d’hommes.
  • Le talent de l’équipe est rarement un problème… le leader et les joueurs clés font la différence.
  • Plus le leadership est élevé, plus l’efficacité est grande.
  • Plus l’impact que vous voulez créer est grand, plus votre influence doit être grande.
  • Reconnaissez vos talents et vos limites.

2. La loi de l’influence

  • Être un leader, c’est exercer de l’influence, rien de plus, rien de moins.
  • L’influence est reliée à un seul objectif clair, limpide et mobilisateur.
  • L’influence est centrée sur l’action et la capacité à faire que les choses se réalisent.
  • L’influence permet de mettre à l’ordre du jour les choses importantes pour les bonnes raisons.
  • L’influence n’est pas reliée à votre titre, elle se gagne dans l’action et il faut travailler fort pour y arriver.

3. La loi du processus

  • Le leader développe ses talents jour après jour. Il distingue les leaders du commun des mortels.
  • Le leader a une vision à long terme pour faire fructifier ses avoirs.
  • Le leader développe sa conscience et son efficacité.
  • Être un leader de demain c’est apprendre aujourd’hui.

4. La loi de la navigation

  • N’importe qui peut barrer un navire mais pour tracer le cap il faut un leader.
  • Le navigateur a une vision de sa destination, il comprend ce que cela exigera et il sait de qui il a besoin pour y arriver.
  • Le navigateur sait que d’autres personnes dépendent de lui et de sa capacité à tracer un chemin.
  • Le navigateur écoute ce que les autres ont à lui dire.
  • Ce n’est pas la dimension du projet qui détermine son acceptation, son soutien et sa réussite, c’est la dimension du leader.

5. La loi d’E. F. Hutton

  • Quand le véritable leader parle, les gens écoutent, c’est lui qui détient le pouvoir pas seulement le poste.
  • Le leader se développe dans 7 domaines clés : qui il est, qui il connaît, ce qu’il sait, ce qu’il ressent, ce qu’il a vécu, ce qu’il a fait et ce qu’il peut faire.
  • Les véritables leaders savent utiliser le leadership des autres.

6. La loi du terrain ferme

  • La confiance est le fondement du leadership.
  • Les gens savent quand vous faites des erreurs, inutile de les cacher.
  • Pour développer la confiance, il faut développer ses compétences, travailler ses relations et avoir un bon caractère.
  • Le caractère rend la confiance possible et la confiance rend le leadership possible.

7. La loi du respect

  • Les gens suivent naturellement des leaders plus forts qu’eux.
  • Si on vous respecte comme personne, on vous admire; si on vous respecte comme ami, on vous aime; si on vous respecte comme leader, on vous suit.
  • Les vrais leaders voient et respectent le leadership des autres.
  • Le respect se gagne en disant la vérité et en investissant du temps de qualité avec les autres.

8. La loi de l’intuition

  • Les leaders évaluent tout avec un parti pris envers le leadership.
  • Un leader évalue la situation et sait instinctivement quoi faire.
  • L’intuition se développe avec une multitude d’expériences.
  • L’intuition permet de voir ce qui est possible.
  • Les leaders qui veulent réussir maximisent chaque atout et chaque ressource dont ils disposent au bénéfice de leur organisation.
  • Sans intuition vous risquez d’avoir des œillères, c’est une des pires choses qui puisse arriver à un leader.

9. La loi du magnétisme

  • Ceux que vous attirez sont conformes à ce que vous êtes.
  • Ce que vous obtenez est déterminé par ce que vous êtes.
  • Si vous pensez que vos collaborateurs peuvent être meilleurs, il est temps pour vous d’être meilleur.
  • Les gens sont attirés par des leaders qui ont des valeurs similaires aux leurs.

10. La loi du contact

  • Les leaders touchent les cœurs avant de demander un coup de main.
  • La force du contact, c’est de faire en sorte que l’autre se sente heureux d’être avec vous.
  • Pour vous conduire vous-même, utilisez votre tête; pour conduire les autres, utilisez votre cœur.
  • Plus la relation et le contact seront forts, plus les gens vous suivront.
  • Un grand leader qui se tient devant un groupe de 40 personnes voit 40 personnes avec des aspirations, chacune voulant vivre et faire le bien.
  • Le leader a l’obligation de faire le premier pas pour établir le contact et le maintenir.

11. La loi du cercle rapproché

  • Le potentiel d’un leader est déterminé par ceux qui en sont le plus proche.
  • Si une personne part, cherchez quelqu’un de meilleur pour la remplacer.
  • Le leader atteint sa force au sein d’un groupe et il aide les personnes à trouver la force en eux.
  • Investissez votre temps avec vos meilleurs atouts et déléguez autant que possible.
  • Gardez dans votre cercle ceux qui sont capables d’élever les autres et vous aident à vous améliorer.

12. La loi de la délégation de pouvoir

  • Seuls les leaders sûrs d’eux délèguent leurs pouvoirs aux autres.
  • Pour déléguer il faut croire aux autres.
  • La capacité des gens à réaliser des choses est déterminée par la capacité du leader à déléguer.
  • Si vous ne déléguez pas, vous créez des obstacles à l’intérieur de l’organisation.
  • La délégation du pouvoir permet l’arrivée de changements constants, car elle permet de se développer et d’innover.
  • On acquiert de l’autorité en en donnant aux autres.

13. La loi de la reproduction

  • Seul un leader peut engendrer un autre leader.
  • 85 % des leaders le sont devenus grâce à l’influence d’autres leaders.
  • Pour vous développer, passez du temps avec d’autres leaders meilleurs que vous.
  • Créez un environnement où le leadership sera apprécié en lançant une vision, en offrant des motivations, en encourageant la créativité, en autorisant les risques et en responsabilisant.

14. La loi de l’adhésion

  • Les gens adhèrent à un leader, ensuite à la vision.
  • Si vous estimez que le messager est crédible, alors vous estimez que le message a de la valeur.
  • Quand les gens n’aiment pas le leader ou la vision, ils cherchent un autre leader.
  • Pour que les gens adhèrent, ils doivent vous comprendre, comprendre vos espoirs et vos rêves.
  • Une vision ne s’impose pas.

15. La loi de la victoire

  • Les leaders trouvent le moyen de faire gagner leurs équipes.
  • Les grands leaders n’acceptent rien de moins que la victoire.
  • C’est l’entraînement qui permet la victoire, pas juste le talent.
  • Quand la pression monte, les grands leaders sont au meilleur de leur forme, toutes leurs forces remontent à la surface.
  • Il y a trois composantes à la victoire : une vision unifiée, la diversité des talents et un leader dédié à la victoire et à l’optimisation du potentiel de ses joueurs.

16. La loi du Big Mo (ou loi de l’impulsion)

  • L’impulsion est la meilleure amie du leader.
  • Pour créer l’impulsion, il faut de la préparation et de la motivation.
  • Quand vous avez l’impulsion de votre côté, les ennuis sont de courte durée.
  • Quand il y a de l’impulsion, les gens sont motivés, inspirés et veulent élever leurs niveaux de performance.
  • Pour garder l’impulsion, il faut se concentrer sur ce qui est possible plutôt que sur l’impossible, il faut fêter les succès si petits soient-ils.

17. La loi des priorités

  • Les leaders comprennent qu’agir n’est pas accomplir.
  • En faire plus ne signifie pas que nous faisons mieux ni que nous réalisons notre mission.
  • Les leaders efficaces organisent leurs vies en fonction de trois questions : qu’est-ce qui est requis, qu’est-ce qui donne le meilleur résultat, qu’est-ce qui suscite la meilleure récompense et vous stimule le plus?
  • Il faut constamment réexaminer et réorganiser les priorités.
  • La réussite arrive à force de concentrer ses collaborateurs sur les choses qui comptent.

18. La loi du sacrifice

  • Un leader doit être capable de renoncer pour montrer et saisir des occasions.
  • Vous ne pouvez demander de sacrifices si vous n’en faites pas.
  • À mesure que vous montez en leadership, les responsabilités augmentent et les droits diminuent.
  • Plus le niveau de leadership que vous voulez atteindre sera élevé, plus les sacrifices seront grands.

19. La loi du moment choisi

  • Il est aussi important de choisir le moment que de savoir quoi faire et où aller.
  • La mauvaise action au mauvais moment conduit au désastre.
  • La bonne action au mauvais moment suscite la résistance.
  • La mauvaise action au bon moment est une erreur.
  • La bonne action au bon moment mène au succès.

20. La loi de la croissance explosive

  • Pour ajouter à la croissance, menez des disciples, pour multiplier la croissance, menez des leaders.
  • Les leaders qui forment des leaders veulent qu’on puisse leur succéder – ils se concentrent sur leurs forces, traitent les leaders comme des personnes à part entière en fonction de leur impact, délèguent le pouvoir, investissent du temps dans les autres, croissent par multiplication et ont un impact sur les gens même sans les connaître.

21. La loi de l’héritage

  • La marque durable laissée par un leader se mesure à la succession qu’il aura laissée.
  • Le véritable leader crée une culture de leadership.
  • Le véritable leader privilégie le leadership d’équipe au leadership individuel.

MAXWELL, John C., Les 21 lois irréfutables du leadership : suivez-les et les autres vous suivront, Saint-Hubert (Québec), Groupe International d’Édition et de Diffusion, 2002, 

Ijambo ry’Imana

Indwi ya 23 yo mu mwaka : ku wa kane (Années paires)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikive Abanyakorenti (8, 1b-7. 11-13)

Ncuti zanje, ubwenge butuma kwishima, ariko urukundo ni rwo rwubaka . Uwiyumvira ko hari ico azi, urya ntaramenya ingene yomenya nyene. Uwukunda Imana we, uwo arazwi n’Imana. Ku vyerekeye ivy’ugufungura inyama zabagiwe ibigereranyo rero, turazi yuko ibigereranyo ari ubusa kw’isi kandi yuko ata Mana yindi iriho atari Imana imwe. N’aho havugwa ivyitwa ibigirwamana ari mw’ijuru canke kw’isi, nk’uko hari ibigirwamana vyinshi n’abakama benshi, kuri twebwe hari Imana imwe rudende riho, Yo Data ari Yo vyose vyamukako kandi ari Yo twaremewe ; bisubiye, hari Umukama umwe, Yezu Kristu, We abeshaho vyose kandi ari We tugendako. Ariko, bose ntibafise ubwo bwenge ; kubera akamenyero k’ibigereranyo bafise gushika ubu, bamwe barya za nyama nk’inyama zabagiwe ibigereranyo nyene, na ko ka gatima-mpanuro kabo gasānzwé kagoyagoya kakononekara. Uko ni ko, ubwenge bwawe buzokwica uwudakomeye, ari we mwenewanyu Kristu yapfiriye! Mu gucumura gutyo kuri benewanyu no mu gukomeretsa ka gatima-mpanuro k’abadakomeye, muba muriko muracumura kuri Kristu. Ni co gituma rero, ivyokurya ni vyatirimutsa mwenewacu, nzoheba inyama ubutacisubirako ngo sintirimutse mwenewacu.

IZABURI 138 (139) 1-2.3b, 13-14b, 23-24

Icit.: N’unjane mu nzira y’ubukiriro bwamaho.

Mukama, uranyitegereza kandi uranzi, ndicara ukabimenya, nahaguruka ukabimenya ; akari mu mutima wanje ukamenya ukiri kure, inzira ncamwo zose ni Wewe uzizi.

Ni Wewe wampaye amagara, ni Wewe wandemye mu nda ya mama; warangize agatangaza, ndabigukengurukiye, ibikorwa vyawe ni agahore nk’akandi.

N’unyitegereze, Mukama, uheze umenye umutima wanje, n’usuzume ivyanje, uheze umenye ivyiyumviro vyanje. Raba ko noba mu nzira mbi, uheze unjane mu nziza y’ubukiriro bwamaho.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Uwuzigama ijambo rya Kristu, muri we ni ho urukundo rw’Imana ruba rusasagaye.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka Mweranda (6, 27-38)

Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati : « Mwebwe munyumviriza ndababwiye : Kunde abansi banyu, girire neza ababanka, hezagire ababavuma, sabire abababeshera. Hagize uwugukubita kw’itama rimwe, tega kandi irindi ; n’uwuzogutwara umutamana, ntumubuze kugutwara ikanzu. Uwugusavye n’umuhe, kandi n’uwuzogutwara utwawe ntutuburanire. Ico mushaka ko abandi babagirira, kibagirire namwe. Nimwakunda ababakunda gusa, bibamariye iki ? N’abanyakabi nyene barakunda ababakunda. Nimwagirira neza ababagirira neza, bibamariye iki ? N’abanyakabi ni ko bagira. Nimwagurana abo mwishimiye ko bazobasubiza, bibamariye iki ? N’abanyakabi baragurana abanyakabi ngo baronke ibingana na bino. Mweho, kunde abansi banyu, gire neza, mugurane ata co mwishimiye ; impera yanyu izoba nini, kandi mube abana b’Uwo mw’ijuru, kuko agirira neza intashima n’ababi. Nimube abanyakigongwe, nk’uko So wanyu ari umunyakigongwe. Ntimucire abandi rubi, niho mutazorucirwa ; ntimucire igihano abandi, niho mutazogicirwa ; rekurire abandi, niho muzorekurirwa. Tange, niho bazobaha ; bazobasubiza ingero nyayo, yuzuye, itsindagiye kandi isesekaye ; ingero mugeresha ni yo namwe muzogererwako. »

Mon 14ème anniversaire de mariage

Umwanya wo gushimira Imana ku ngabire y’urugo no ku myaka 14 rumaze.

Lectio divina une lecture priante (Gusenga dukoresheje Ijambo ry’Imana)

Lectio Divina : Ugusoma Ugahura n’Imana.  » Gufise ubushobozi bwo kwugururira umukristu intabonwa iri mw’ijambo ry’IMANA,kugatuma umukristu ahura buhure na Yezu, Jambo W’IMANA Nzima. Uku gusoma gukorerwa ahantu hiherereye hatekanye vy’ukuri. Utegerezwa kuba ufise umwanya Kandi utarushe. Ijambo ry’IMANA ko ryahumetswe na Mutima Mweranda,Utegerezwa guhamagara Mutima Mweranda ngo Akuyobore muri ico gisabisho. Intambuko( fata n’imiburiburi […]

Lectio divina une lecture priante (Gusenga dukoresheje Ijambo ry’Imana)

Lectio divina une lecture priante (Gusenga dukoresheje Ijambo ry’Imana)

Lectio Divina : Ugusoma Ugahura n’Imana.

 » Gufise ubushobozi bwo kwugururira umukristu intabonwa iri mw’ijambo ry’IMANA,
kugatuma umukristu ahura buhure na Yezu, Jambo W’IMANA Nzima.

Uku gusoma gukorerwa ahantu hiherereye hatekanye vy’ukuri.

Utegerezwa kuba ufise umwanya Kandi utarushe.

Ijambo ry’IMANA ko ryahumetswe na Mutima Mweranda,
Utegerezwa guhamagara Mutima Mweranda ngo Akuyobore muri ico gisabisho.

Intambuko
( fata n’imiburiburi iminota 7 ku ntambuko)

  1. Ugusoma (lectio)
    Urasoma igisomwa kenshi, n’imiburiburi gatatu. Ukwo gusoma gufasha kumenya vy’ukuri ibiri mu gisomwa ukibaza koko ico iryo jambo ry’IMANA rishatse kukubwira. Urisome k’ uburyo ryinjira mu bwenge bwawe ubutakivayo.

2.Ukuzirikana (Méditation)
Wirekure ukorweko, urimburwe n’ayo majambo atariko aravugwa muri kahise, ariko avugwa ubu nyene muri iki gihe nyene.

3.Igisabisho (Oration)
Ikibazo ni:  » ubwira iki Umwami Wawe Yezu mukwishura kuri iri Jambo ryiwe »
Uravuga igisabisho usaba, usengera ( umuryango, igihugu, isi, abagwaye, impfuvyi, abapfakazi, abagowe, abantumye kubasengera,…..) , nukenguruka, uninahaza.
Ubu ni bwo buryo bwambere iryo jambo riguhindura.

  1. Ugutamarirwa ( contemplation)
    Akira ingabirano y’Imana Yo kubona nkayo, gutahura ibiriho nkayo, wibaze uti:  » n’iki mu kunyagira, mu bwenge, mu mutima, mu buzima, Umukama ansavye? »
    .
    Umweranda Paulo aremeza mw’ikete ryiwe yandikiye abaromani :  » ntimufatire akarorero kw’isi y’ubu , ahubwo ni duhinduke tube bashasha, twiyumvire bushasha , kugira tumenye : ishaka ry’Imana, ibiri vyiza, vyoyihimbara, ibitunganye. »
    Ugutamarirwa gusa n’ugushira muri twebwe ukubona ibintu cokimwe n’Imana, tukamenya ivyiyumviro vy’Umukama akatugira inama.

1 Abanyakorenti 2, 16
Ijambo ry’IMANA ni ishimikiro:  » ni rizima », rifise ubushobozi, rirakeba kurusha inkota ifise ubugi habiri, Riranyengetera gushika kure mu mutima, mu musokoro, mu fatanirizo z’ingingo, ricira urubanza ivyiyufuzo n’ivyiyumviro vy’umutima.

  1. Ingingo (action)
    Iki gisabisho ntigihera mu nyubako yaco kidasozerewe n’ugufata ingingo ijanye n’ukwigira inama yo kwitangira abandi . Ugafata ingingo yo/ zo gushira mu ngiro iryo Jambo ry’IMANA twabwiwe.

Murakoze.

IBISHOBORA GUFASHA UMUNTU

A . IBINTU 3 BIGENDA NTIBIGARUKE

  1. Igihe
  2. Ijambo
  3. Amahirwe

B . IBINTU 3 UTAGOMBA GUTAKAZA MU BUZIMA

  1. Kwihangana
  2. Icizere
  3. Kutagira umugayo

C . IBINTU 3 BIGOYE GUSABA

  1. Urukundo
  2. Imbabazi
  3. Ubwizigirwa

D. IBINTU 3 BITUMYE ABANTU BAMARANA

  1. Ubutunzi
  2. Amafranga
  3. Icubahiro

E . IBINTU 3 BISOBANURA UMUNTU

  1. Umurimo akora
  2. Uko yambara
  3. Incuti ziwe

F . IBINTU 3 VYONONA UBUZIMA BW’UMUNTU

  1. Guhemuka
  2. Ibiyayura mutwe
  3. Ikigare

G. AMAJAMBO AGORA ABANTU BENSHI KUYAVUGA

  1. Mbabarira
  2. Ndagukunda
  3. Wampa ubufasha.

H . IBINTU 3 BISUBIZA UMUNTU INYUMA

  1. Incuti mbi
  2. Kwibagira vuba
  3. Kwirāra

I . IBINTU 2 BISENYUKA NTIBISUBIRANE

  1. Ubwizigirwa wari ufitiwe.
  2. Umutima ukomerekejwe.

J . IBINTU 2 BIGURWA UBUSA

  1. Ukuri
  2. Imbabazi

K . IBINTU 2 BISHOBOKA ARIKO BIGOYE KUBAHIRIZA

  1. Isaha
  2. Isezerano

L . IBINTU 3 UTABASHA KUGURA

  1. Ubuzima
  2. Umunezero
  3. Uruvyaro

M. IBINTU 2 BIZANWA N’AMAFRANGA YAHERA BIKAGENDA

  1. Icubahiro
  2. Incuti

N. IBINTU 3 BIKUBUZA AMAHORO

  1. Icaha
  2. Indwara
  3. Guhemuka

O . IBINTU 4 BIBANGAMIYE ISI

  1. Intambara
  2. Igiturire
  3. Ihohoterwa
  4. Ibiza

P. IBINTU 3 BIDASHOBORA KUGIRA AHO VYAGUSHIKANA

  1. Ubunebwe
  2. Ubusambanyi
  3. Ishari

Q . IBINTU 4 VYAGUFASHA GUTURISHA IVYIYUMVIRO

  1. Gusenga
  2. Gusinzira neza
  3. Kuririmba
  4. Kunyurwa

R . IBINTU 3 BIZAKUZAMURA MU BUZIMA

  1. Ubutwari
  2. Kwicisha bugufi
  3. Gukunda umurimo

S. IBINTU 3 BIZOHORAHO

  1. Urukundo
  2. Kwizera
  3. Kwiga(kongera ubumenyi).

T. IBINTU 4 BIZAVAHO BURUNDU

  1. INTAMBARA
  2. INDWARA
  3. INZARA
  4. ~URUPFU~

U. IKINTU 1 KITAZOBURA KUBAHO

1 . IMPERUKA

V. IBITABU 3 UTABURA GUSOMA

  1. Bibiliya Nyeranda
  2. Igitabo c’ubuzima bwawe( ivyo waciyemwo vyose)
  3. Igitabu c’ivyaremwe.

W IBINTU 3 DUSABWA

1.Kugira umutima utakurega ikibi

2.Kwuzira n’Imana

3.Kubana n’abantu bose amahoro

Y. IBINTU 4 BIZAGUFASHA

  1. Gukorera kuntumbero
  2. Kudacika intege.
  3. Kumvira inama uhawe.
  4. Amakenga.

Dr karolius

Regardez « Indabo za Mariya by CHORALE DE KIGALI » sur YouTube

IVYIBUKIRO BIGIZE IROZALI

IROZALI N’IVYIBUKIRO VYAYO

  • Kw’izina rya Data n’irya Mwana n’irya Mutima Mweranda. Amen.

Inama y’Abatumwa

Ndemeye Imana Data Mushoboravyose, yaremye ijuru n’isi, na Yezu Kristu Umwana wiwe w’ikinege, Umukama wacu; yasamwe inda ku bwa Mutima Mweranda, avyarwa na Bikira Mariya; yababaye kuri Ponsiyo Pilato, abambwa ku musaraba; arapfa, arahambwa, agenda guhoza abantu beranda bari bapfuye; ku bugira gatatu yizura mu bapfuye; hanyuma yurira mw’ijuru, yicara iburyo bwa Mana Data Mushoboravyose; azogaruka guca urubanza rwa bose, abapfuye n’abazoba bakiriho.
Ndemeye Mutima Mweranda, n’Ekleziya Gatolika nyeranda, n’isangira ry’aberanda, n’ikigongwe abacumuye bagirirwa, n’izuka ry’abapfuye, n’ubuhirwe budahera. Amen
Dawe wa twese…
Mwaramutse Mariya (3)
Haninahazwe
Ewe Yezu mwiza,…

I. IVYIBUKIRO BINEZEREZA (ku wa 1 no ku wa 6)

Ica mbere : Umumarayika Gaburiyeli abwira Mariya ko azovyara Umwana w’Imana.
Dusabe umutima w’ukwemera ububi dufise.
Dawe wa twese…
Mwaramutse Mariya (10)
Haninahazwe
Ewe Yezu mwiza,…

Ica kabiri: Bikira Mariya agenda kuramutsa mwenewabo Elizabeti.
Dusabe umutima w’ugukundana.

Ica gatatu: Yezu avuka.
Dusabe umutima w’ukureka kwishinga ivy’itunga tubashe kwigana Yezu yashimye ubworo.

Ica kane: Bikira Mariya aja i Yeruzalemu ngo ahezagirwe, yongere ahereze Imana Umwana wayo.
Dusabe inema y’uguhorana umutima witeguye.

Ica gatanu: Mariya na Yozefu basanga Yezu mw’isengero ry’i Yeruzalemu.
Dusabe umutima w’ugukunda Imana kuruta vyose, n’ukwubaha abatugaba bose.

II. IVYIBUKIRO VY’UMUCO (ku wa 4)

Ica mbere: Yezu abatizwa hamwe n’abacumuzi muri Yorodani.
Dusabe umutima w’ukuzigama indagano z’ibatisimu: ukuri, urukundo n’umuvukano.

Ica kabiri: Yezu aremerwa kubera ubugeni bw’i Kana mu Bugalile.
Dusabe umutima w’urukundo mu ngo z’abubatse.

Ica gatatu: Yezu ahishuka abantu ko Ubwami bw’Imana bwabatashe.
Dusabe umutima w’uguheba ibicumuro n’impengamiro yavyo ngo turonke amahoro.

Ica kane: Yezu ahishurira abatumwa ubuninahazwa bwiwe ku musozi mweranda.
Dusabe umutima w’ukwihweza na ntaryo Yezu we nkingi y’ukwemera kwacu.

Ica gatanu: Yezu agira Ukaristiya n’Ubusaserdoti.
Dusabe umutima w’ukwihebera abandi n’uw’ukwama dukenguruka.

III. IVYIBUKIRO VY’AMAGORWA (Ku wa 2 no ku wa 5)

Ica mbere: Yezu ashaka kwicwa n’irungu n’amaganya ku gasozi ka Oliveti.
Dusabe umutima w’ukwigaya ngo twanke igicumuro.

Ica kabiri: Yezu arakubitwa.
Dusabe kudatinya guhana umubiri wacu, turinde n’ibitubabaza ku bw’Imana.

Ica gatatu: Yezu baramwicisha amahwa.
Dusabe ubukomezi ngo tubashe kwanka ubwishime bwose.

Ica kane: Yezu arikorera umusaraba.
Dusabe umutima w’ugushima ico Imana ishaka.

Ica gatanu: Yezu arabambwa.
Dusabe umutima w’ukwihebera Yezu, twiheka kuri Bikira Mariya.

IV. IVYIBUKIRO VY’UBUNINAHAZWA (Ku wa 3 no ku w’Imana)

Ica mbere: Yezu arazuka.
Dusabe umutima w’uguhaha dushobore kuba beranda.

Ica kabiri: Yezu arurira mw’ijuru.
Dusabe umutima w’ukwipfuza ijuru.

Ica gatatu: Mana Mutima Mweranda araza ku batumwa.
Dusabe umutima w’ukumenyesha Imana mu bantu.

Ica kane: Mariya ajanwa mw’ijuru.
Dusabe gupfa dukunda Imana.

Ica gatanu: Mariya araninahazwa mw’ijuru.
Dusabe umutima w’ugushiruka ubute mu bikorwa vyodushikana mw’ijuru.
“Haninahazwe”(3)

Turakuramutsa Mugabekazi, Nyina w’ikigongwe, wewe tugendako, wewe utunezereza, wewe twishimira. Turakuramutsa, turakuborogera, twebwe bicibwa bene Heva. Turakuganyira, twebwe twinihira, turira muri iyi si y’amarira. None rero Muvunyi wacu, n’uturabishe ya maso yawe y’ikigongwe, na Yezu, wa Mwana w’inda yawe ahezagiye, umutwereke wa musi tuzova muri ubu bucibwa, wewe munyakigongwe, wewe mwiza, wewe Bikira utekereza, Mariya.

Hariho abahora bongerako Amazina ya Bikira Mariya n’ibisabisho bijanye.

AMAZINA YA BIKIRA MARIYA

Mukama, tugirire ikigongwe.
Kristu, tugirire ikigongwe.
Mukama, tugirire ikigongwe.
Kristu, utwumve.
Kristu, udukundire.
Data wo mw’ijuru, Mana, tugirire ikigongwe.
Mwana, Mukiza w’abantu, Mana, tugirire ikigongwe.
Mutima Mweranda, Mana, tugirire ikigongwe.
Butatu Bweranda, Mana imwe, tugirire ikigongwe.

Mariya mweranda, dusabire.
Nyina mweranda w’Imana, dusabire.
Mubikira mweranda, akura ababikira bose, dusabire.
Nyina wa Kristu, dusabire.
Muvyeyi dukurako inema y’Imana, dusabire.
Muvyeyi utagira agahonzi, dusabire.
Muvyeyi mweranda rwose, dusabire.
Muvyeyi utamenye umugabo, dusabire.
Muvyeyi wavyaye udatyoye, dusabire.
Muvyeyi nyagukundwa, dusabire.
Muvyeyi w’agahimbare, dusabire.
Muvyeyi w’inama nziza, dusabire.
Nyina w’Umuremyi, dusabire.
Nyina w’Umukiza, dusabire.
Mubikira wigenza neza, dusabire.
Mubikira nyakwubahwa, dusabire.
Mubikira nyakuvugirwa, dusabire.
Mubikira utananirwa, dusabire.
Mubikira nyenikigongwe, dusabire.
Mubikira wazigamye ibanga, dusabire.
Karorero k’ubweranda, dusabire.
Ngerero y’ubukerebutsi, dusabire.
Wewe utunezereza, dusabire.
Ngoro ya Mutima Mweranda, dusabire.
Simbo ishemeye, dusabire.
Simbo imota ivy’Imana, dusabire.
Roza y’akayobera, dusabire.
Mugerero wa Dawudi, dusabire.
Mugerero usaruwe n’amasenge y’inzovu, dusabire.
Ngoro y’inzahabu, dusabire.
Shinguriro ry’Ubwuzure, dusabire.
Rembo ry’ijuru, dusabire.
Nyenyeri yo mu mutwenzi, dusabire.
Mukiza w’abamugaye, dusabire.
Bukiriro bw’abacumuye, dusabire.
Rumarantimba, dusabire.
Mutabazi w’abakristu, dusabire.
Mugabekazi w’Abamarayika, dusabire.
Mugabekazi w’Abasokuru, dusabire.
Mugabekazi w’Abahanuzi, dusabire.
Mugabekazi w’Abatumwa, dusabire.
Mugabekazi w’abishwe ku bw’Imana, dusabire.
Mugabekazi w’abemeye Imana, dusabire.
Mugabekazi w’Ababikira, dusabire.
Mugabekazi w’Aberanda bose, dusabire.
Mugabekazi utanduye igicumuro c’inyanduruko, dusabire.
Mugabekazi wurijwe mw’ijuru, dusabire.
Mugabekazi waduhaye irozari nyeranda, dusabire.
Mugabekazi w’amahoro, dusabire.

Mwagazi w’Imana, Wewe ukiza ibicumuro vy’abantu, turekurire Mukama.
Mwagazi w’Imana, Wewe ukiza ibicumuro vy’abantu, dukundire Mukama.
Mwagazi w’Imana, Wewe ukiza ibicumuro vy’abantu, tugirire ikigongwe.

Dusabire, Nyina mweranda w’Imana.

Bose: Tuberwe guhabwa ivyo Yezu Kristu yaturaganiye.

Dusabe:

Mana, Mukama wacu, turagusavye ngo uduhe, twebwe abawe, umutima umeze neza imisi yose, ukomeze n’umubiri wacu: Vyongeye, Mariya wa Muvyeyi Muhimbazwa, we yamye ari Umubikira, n’adusabire, adukize ubu irungu ryose, aturonkere n’ubuhirwe budahera. Amen.

  • Kw’izina rya Data n’irya Mwana n’irya Mutima Mweranda. Amen.

Ijambo ry’Imana

Indwi ya 18 yo mu mwaka : ku wa gatandatu (Années paires)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Habakuki (1, 12-2, 4)

Kuva kera na rindi, mbese ntiwamye uri Umukama, Imana yanje, Umweranda wanje, Wewe udashobora gupfa? Mukama, ico gihugu c’Abakasidimu, wagishinze, ngo gice amateka, wagishinze, wewe Gitandara canje, ngo gitange amahano. Inyonga zawe, ko zitunganye, ntizobona akabi, nawe ntiwoshobora kwitegereza akazikira k’abantu. None, igituma witegereza ababisha, ukihorera igihe umubisha arotsa uwumurusha ubutungane, ni iki? Mbese, abantu ubafata nk’amafi yo mu kiyaga, canke nk’ivyikwega hasi bitagira ikibiganza? Umwansi abarobesha igera bose, akabakwega mu rusenga rwiwe, bigatuma anezerwa agahimbarwa! Ni co gituma urusenga rwiwe aruhereza inkuka, umugono wiwe na wo akawosereza imibavu, ngo ni vyo bimuzanira amafi menshi bikamugwiriza ivyokurya. None se, azoguma acuranura urusenga rwiwe mu kwama atemagura ibihugu ata kigongwe? Nzoguma mu kibanza canje c’ubureretsi, ngume mpagaze ku munara, nitegereze kugira ngo menye ico yombarira, ico yokwishura ku maganya yanje. Umukama ahava anyishura ati: «Andika ivyo ubona, ubishire ku dupapuro, babashe kubisoma neza. Kandi bizoshika igihe cavyo kigeze, ntakabuza bizoteba biranguke. Nivyateba, urabirorera: bitebe bitebuke, bizoza nta gisivya. Uwufise umutima wagoramye azohagwa, nayo intungane izotungwa n’ukugumya ibanga.»

IZABURI 10, 8-9, 10-11 , 12-13

Icit.: Ntuheba abakurondera.

Umukama aravyagiye imyaka n’imyaka, ku ntebe yo gucirako urubanza; ni we acira isi urutunganye, agashikiriza ibihugu urugororotse.

Umukama arakabera amahungiro impahazwa, aho ihungira mu makuba yayo niho rero abazi izina ryawe bazokwizigira, ntiwigera uheba, Mukama, abakurondera.

Curarangire Umukama aba kuri Siyoni, mukwize mu mahanga ivyiza yagize; ntatangwa guhōra amaraso asesetse, ntiyirengagiza abarushwa bamutakambira.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Mpumura, Mukama, niho nzokwihweza ivyiza vy’agatangaza vy’amategeko yawe.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (17, 14-20)

Muri irya misi, Yezu n’abigishwa biwe bari bashikiriye ishengero ry’abantu, haza umwe apfukama imbere yiwe asaba ati: «MuKama, girira imbabazi umwananje, yafashwe n’amashetani kandi arasinzikaye, uri aho yisutse mu ziko, uri aho yitaye mu mazi. Namushiriye abigishwa bawe, ntibashoboyekumukiza.» Yezu yishura ati: «Ewe bwoko bw’intemera, nzogumana namwe gushika ryari? Nzobarinda gushika ryari? Munzanire hano.» Yezu arayibwiriza, iraheza shetani iva muri nya mwana, ubwo nyene aca arakira. Hanyuma rero, abigishwa bihereranya Yezu, bamubwira bati: «Igituma tutashoboye kuyirukana ni iki?» Yezu arabishura ati: «Ni uko mwemera buhoro. Ndababwiye ivy’ukuri, iyo muba mufise ukwemera kungana agatete ka sinapi, mwobariye uwo musozi muti: Va aha, genda hariya, wogiyeyo. Nta na kimwe cobananiye.»

Voir mon catalogue WhatsApp

https://wa.me/c/15149193233

Dans la vie, la musique est nécessaire

Dans la vie, la musique est nécessaire pour se reposer ou se relâcher.

Ijambo ry’Imana ryo ku wa 28/7/2020

Indwi ya 17 yo mu mwaka : ku wa kabiri (Années paires)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (14, 17-22)

Ng’iri iryo Umukama yambwiye: Weho, n’ubabwire iri jambo: Amaso yanje acunduguta amosozi, ijoro n’umutaga adahengeshanya; kuko wa mwigeme ari we mukobwa w’igihugu canje, yakomeretse uruguma rwanka gukira. Iyo ngiye mu gahinga, nsangayo abasogoswe n’inkota; iyo nsubiye mu gisagara, nsangayo abazingamitswe n’amapfa. Koko, abahanuzi n’abaherezankuka bose bariko barayerera mu gihugu cose nk’abayobewe ubwenge, bati: «Mbega, Mukama, waciye Yuda ruhebwa? canke se umutima wawe wanse Siyoni urunuka? Igituma wadukubise, tukabura ikituvūra ni iki? Twari twiteze impore, ariko nta vyiza twabonye! Twari twiteze urukiza, tugwa igihumura! Erega, Mukama, ubuyobe bwacu twarabwemeye, tukemera n’ububisha bwa ba sokuru bacu. Ni ko, twaracumuye kuri Wewe, ku bw’izina ryawe, reka kutwirukana; ntutiture uruvyagiro rw’Ubuninahazwa bwawe. N’utwibuke, ntupfishe ubusa Isezerano wasezeranye natwe. Mu bigirwamana vy’imburakimazi vy’abapagani, hari icoshobora kurekura imvura? Canke, ijuru ubwaryo ryoshobora kurekura imvura y’umuriri? Mbega, uwubishobora si Wewe, ga Mukama? Mana yacu, ni Wewe twizigiye, kuko ari Wewe waremye ivyo vyose.»

IZABURI 78 (79) 8, 9, 11, 13

Icit.: Kugira ngo izina ryawe rininahazwe, n’uturokore, Mukama!

Ntuduhore akabi k’abasokuru, bandanya riho udushigikize imbabazi zawe, kuko amagara ariko aratuvako.

Dufashe se Mana tuzeyeko ugutabaruka, maze ubigire ngo uninahaze izina ryawe. Dukize, zimanganya akabi kacu, tubohore kubera izina ryawe.

Amaganya y’imbohe n’agushikire, maze, nawe ushobora vyose, ukize abo urupfu rwasamiye.

Duhave rero, natwe igihugu cawe, twebwe za ntama z’uruhongore rwawe, tugukengurukire tudahengeshanya.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Imana yaduhaye ubuzima mw’ijambo ryayo ry’ukuri, kugira ngo tube imfura mu biremwa vyayo vyose.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (13, 36-43)

Hanyuma, ahejeje kwigisha mu migani no kurungika shengero, Yezu aza i muhira. Abatumwa baramwegera bamubaza bati: «Dusigurire wa mugani w’urwamfu.» Na we arabasubiza ati: «Umubivyi yibibira akabuto keza ni Umwana w’umuntu; umurima na wo ni isi; imbuto nziza na zo ni abana b’Umwami; urwamfu ni abana b’Umubi; umwansi yarubivye ni shetani; igesa ni umuhero w’isi; abageshi ni abamarayika. Nk’uko rero barandura urwamfu ngo baruturire, uko ni ko bizogenda no ku muhero w’isi: Umwana w’umuntu azorungika abamarayika biwe, bakure mu Bwami bwiwe abo bose batirimukije abandi be n’inkozi z’ikibi, babatembagarize mu nyenga y’umuriro, bazoharirire, baharyanishirize insya z’amenyo. Intungane na zo zizokwakaka nk’izuba mu Bwami bw’Imana Se. Uwufise amatwi niyumve!»

Suivre en direct la messe du 17è dimanche du temps ordinaire à Kinama

Cinquantenaire de la Chorale Saint Paul

Ijambo ry’Imana

Idominika ya 6 ya Pasika mu mwaka A

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (8, 5-8. 14-17)

Barabagaranzurirako ibiganza, baronka Mutima Mweranda

Muri irya misi,
Filipo yari yamanutse mu gisagara c’i Samariya kumenyesha Kristu. Abamutega yompi bari indiri, kuko bose bumva canke bakibonera ibitangaro yakora. Abari biziziwe na Shetani, yarabavamwo ikagenda iraboroga; kandi abari bamugaye n’abacumbagira benshi yarabakiza. Igisagara cose cari mu kanyamuneza.
Abatumwa bo bari bagumye i Yeruzalemu, bumvise ko Samariya imaze kwigishwa Ijambo ry’Imana, barungikayo Petero na Yohani. Na bo bamaze gushikayo, barabasabira ngo Mutima Mweranda abazeko; bari bamaze kubatizwa gusa kw’izina ry’Umukama Yezu, mugabo nta n’umwe yari bwaronke Mutima Mweranda. Nya batumwa rero barabagaranzurirako ibiganza, baronka Mutima Mweranda.

IZABURI 65 (66) 1-3a, 4-5, 6-7a, 16. 20

Icit.: Bantu muri kw’isi yose, shimagize Imana.

Canke: Aleluya.

Bantu muri kw’isi yose, shimagize Imana,
muririmbire izina ryayo rininahaye,
muhimbaze ishimagizwa ryayo!
Mubwire Imana muti: «Ibikorwa vyawe ni agahambaye!»

Abari kw’isi yose baricisha bugufi imbere yawe,
bakayaga, bakaririmba izina ryawe!
Nimuze, mwirabire ibikorwa vy’Imana,
ibitangaza yagiriye abantu ni agahambaye.

Yarahinduye ikiyaga ahumutse,
abantu barijabukiye uruzi, ibirenge bidakandagiye mu mazi.
Aho ni ho dukura akanyamuneza kacu,
kuko ategekana ububasha imyaka n’imyaka.

Abubaha Imana mwese,
nimuze mwumvirize ivyiza yangiriye.
Imana n’ishimagizwe, Yo itirengagije igisabisho canje,
ntinyime urukundo imfitiye.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Petero (3, 15-18)

Yarishwe ku vy’umubiri, ariko yarasubiye kuba muzima ku vy’umutima

Ncuti zanje,
Nimwubahe mu mishaha yanyu Umukama Yezu, mwame mufise iryo mwishura uwo wese ababaza igituma mufise umwizero. Mubigirane icubahiro, n’umutima wanyu utekanye, kugira ngo, kubera imigenzo myiza mufise muri Kristu, abababeshera bataterwe mu kubavuga nabi.
Na none, mwopfuma mubabara muhorwa iciza mukora, iyo ari co Imana ishaka, hako muhorwa inabi. Nangwa na Kristu We nyene yarapfuye rimwe rizima kubera ibicumuro, We ntungane apfira abononyi, kugira ngo adushikane ku Mana. Yarishwe ku vy’umubiri, ariko yarasubiye kuba muzima ku vy’umutima.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Umukama yavuze ati: «Uwunkunda azozigama ijambo ryanje,
na Data azomukunda, duheze tuze iwe.»

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani Mweranda (14, 15-21)

Nzosaba Data, na We azobaha uwundi Mutabazi

Yezu yazutse

Mu gihe yari mu kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se wiwe,
Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Nimwaba munkunda, muzozigama amabwirizwa yanje, nanje nzosaba Data, na We azobaha uwundi Mutabazi muzokwamana imisi yose. Azobaha Mutima w’ukuri, isi idashobora kwakira kuko itamubona ntinamumenye. Mweho muramuzi kuko abana namwe kandi ari muri mwebwe.
Sinzobasiga muri impfuvyi, nzogaruka kubaraba. Ni akanya gato isi ntibe ikimbona; mweho yamara muzombona, kuko ndiho, namwe nyene muzobaho. Kuri uyo musi, muzotegera ko ndi muri Data, namwe muri jewe, nanje muri mwebwe. Uwakira amabwirizwa yanje akayazigama, ni we ankunda: na we uwunkunda, azokundwa na Data, nanje nyene nzomukunda nongere ndamwimenyeshe.»

https://ubujyanama.com/2019/08/06/ukwezi-kumugore-uko-wamenya-iminsi-yawe-yuburumbuke/

Ibyakwereka ko ufite stress

https://wp.me/pbUP0S-lS

Ijambo ry’Imana

Indwi ya 5 ya Pasika : ku wa kane

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (15, 7-21)

Muri irya misi,
Nk’uko vyabaye mu nama kera, Petero arava hasi ababwira ati: «Bagenzi, murazi ko mu misi ya mbere Imana yantoye muri mwebwe ngo mbwire abanyamahanga ijambo ry’Inkuru nziza kugira ngo bashobore kwemera. Imana ibona imishaha, yaravyerekanye mu kubaha Mutima Mweranda nka twebwe. Ntiyabasobanuye muri twebwe, yaratyoroye riho imitima yabo mu kubaha ukwemera. Igituma muriko murageza Imana ubu mu kubwiriza abigishwa ivyo batoshobora, ivyo na twebwe nyene n’abasokuruza bacu tutashoboye, ni iki? Turemeye ko ari kubw’ubwiza bw’Umukama Yezu tuzokira nka bo.» Ishengero ryose rero rica riranuma. Ariko barumviriza Baranaba na Pawulo bariko barabiganira ingene Imana yari yarabafashije mu kugira ibimenyetso mu banyamahanga.
Bahejeje kubiganira, Yakobo arababwira ati: «Bagenzi, ntege amatwi: Simoni yatubwiye ingene kuva na mbere Imana yaramukije abanyamahanga, kugira ngo ihironkere igisata. Ivyo vyerekana amajambo y’abahanuzi, kuko handitswe ngo: Ivyo biheze, nzogaruka kandi nshinge ihema rya Dawudi ryari ryahenutse, nzovyura ivyasenyutse, nsubire ndarishinge, kugira ngo abasigaye bibuke Umukama, kandi n’ibihugu vyose bitabaze izina ryiwe bimwibuke nk’uko Umukama abitubwira, we azi vyose kandi akaba ari we abigira imyaka n’imyaka. Ni co gituma ngira nti: Nimureke kugora abanyamahanga bahindutse bakemera. Nibababuze gusa ivyahumanijwe n’uguterekera, bababuze ibiterasoni, inyama zaniguwe be n’ikiremve. Ni ukubera ko kuva na kera hose Musa yari afise abamuvuga mu bisagara vyose, uko isabato ije, bakama babisoma mu masinagoga nk’uko vyari vyanditswe.»

IZABURI 95 (96) 1-2an 2b-3, 10

Icit.: Nimumenyeshe isi yose
ibitangaza vyagizwe n’Imana!

Canke: Aleluya.

Vyinire Umukama akavyino gashasha,
nawe si iyo uva ukagera, vyinira Umukama,
vyinira Umukama, izina ryiwe rihezagirwe.

Uko bukeye uko bwije, nimumenyeshe urukiza rwiwe,
muyaga ubuninahazwa bwiwe mu ntara zose,
mumenyeshe ibihugu vyose ibitangaza yakoze.

Cire agace abanyamahanga muti: «Umukama ari ku ngoma!
Ni we yagize isi itayegayega;
ni we acira urubanza isi akurikije ubutungane.

INKURU NZIZA

Aleluya.

Ni vy’ukuri, turavyiyiziye: Kristu yarazutse.
Mwami, Nyeninganji, tuzigamire mu rukundo rwawe.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (15, 9-11)

Muri irya misi,
Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Uko Data yankunze, ni ko nanje nyene nabakunze: nimugume mu rukundo rwanje. Nimwazigama amabwirizwa yanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nyene nazigamye amabwirizwa ya Data nkaguma mu rukundo rwiwe. Ndababwiye ivyo, kugira ngo akanyamuneza kanje kabe muri mwebwe bwite, maze akanyamuneza kanyu kuzure.»

Ijambo ry’Imana

Indwi ya 5 ya Pasika : ku wa kabiri

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (14, 19-28)

Muri irya misi, muri Antiyokiya no muri Ikoniya hava Abayuda bahendahenda ishengero, batera amabuye Pawulo; bagira ngo yapfuye, bamukwegera inyuma y’irembo ry’igisagara. Abigishwa biwe baramukikiza avaho yandara aravyuka, asubira mu gisagara. Bukeye, Pawulo na Baranaba bagenda i Derbe. Bahigishiriza Inkuru nziza kandi bararonka abigishwa benshi, hanyuma barasubira i Listra, muri Ikoniya no muri Antiyokiya barakomeza imitima y’abigishwa, babahanura kugumya ukwemera kwabo, babagabisha ko bazobona ibibagora vyinshi umwanya batarashikira Ubwami bw’Imana. Babanje gusenga n’ukwibabaza bisonzesha, batora abakuru mw’Ekleziya imwe imwe, hanyuma bahereza Umukama ba bantu bari bamwizeye. Hanyuma baca muri Pisidiya, bashika mu Bupamfiliya, bamenyesha ijambo ry’Imana i Perije, baca bamanuka muri Ataliya. Hanyuma bafata ubwato bubajana i Antiyokiya, iyo bari baje bava, bizigiye ubuntu bw’Imana ku gikorwa bari bahejeje kurangura. Bashitseyo, bakoranya Ekleziya, babiganira ivyiza Imana yabagiriye n’ingene yugururiye abanyamahanga irembo ry’ukwemera. Barahava bamarana n’abigishwa imisi itari mike.

IZABURI 144 (145) 10-11, 12-13, 21

Icit.: Abakunzi bawe nibayage ubuninahazwa bw’Ubwami bwawe! Canke: Aleluya.

Ivyo waremye, Mukama, nibigushemeze, abakunzi bawe nibaguhezagire! Nibayage ubuninahazwa bw’ubwami bwawe, nibigane hose ubutwari bwawe!

Kugira ngo bamenyeshe abantu ibitangaza wakoze, n’ubuninahazwa buhimbaye bw’ubwami bwawe: ubwami bwawe ni ubwami bw’intahava, ingoma yawe izohangama imyaka n’imyaka.

Akanwa kanje nikayage Umukama, abantu bose nibahezagire izina ryawe, imyaka n’imyaka!

INKURU NZIZA

Aleluya.

Kristu yategerezwa kubabara no kuzuka mu bapfuye, kugira ngo yinjire mu buninahazwa bwiwe.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (14, 27-31a)

Muri irya misi, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Ndabasigaranye amahoro, ndabahaye amahoro yanje; sindayabahaye nk’uko ab’isi bayatanga. Ntimusimbwe n’umutima kandi ntimutinye. Murumvise ko ndababariye nti: Ndagiye, mpeze nze ngaruke muri mwebwe. Iyo muba munkunda, mwari guhimbarwa n’uko ngiye kwa Data, kuko Data ari we anduta. Ni uko rero ndabibabwiye bitaraba, kugira ngo aho bizozira, muze mwemere. Singisubira kubaganiriza, kuko uwugaba iyi si yaje. Nta co ashobora kungira, ariko reke isi imenye ko nkunda Data nkongera ngakora nk’uko yantegetse.

Présentation personnelle (exemple d’article)

Voici un exemple d’article, publié initialement dans le cadre de la Blogging University. Inscrivez-vous à l’un de nos dix programmes et lancez votre blog.

Vous allez publier un article aujourd’hui. Ne vous inquiétez pas pour l’apparence de votre blog. Ne vous inquiétez pas si vous ne lui avez pas encore donné de nom ou si vous vous sentez dépassé. Cliquez simplement sur le bouton « Nouvel article » et dites-nous pourquoi vous êtes ici.

Quel est votre objectif ?

  • Vos nouveaux lecteurs ont besoin de contexte. De quoi parlerez-vous ? Pourquoi devraient-ils lire votre blog ?
  • Cela vous aidera à vous concentrer sur vos idées à propos de votre blog et sur la façon dont vous souhaitez le développer.

L’article peut être court ou long, contenir une introduction personnelle sur votre vie, décrire la mission de votre blog, présenter un manifeste pour l’avenir ou énoncer simplement vos sujets de publication.

Pour vous aider à commencer, voici quelques questions :

  • Pourquoi créez-vous un blog public au lieu de tenir un journal personnel ?
  • Quels seront les thèmes que vous aborderez ?
  • Quelle est la cible privilégiée de votre blog ?
  • Si votre blog passe la première année avec succès, qu’espérez-vous avoir accompli ?

Répondre à ces questions ne vous enferme pas définitivement dans une voie. Ce qui est magnifique avec les blogs, c’est qu’ils sont en constante évolution au fur et à mesure de vos apprentissages, de votre développement et des interactions avec autrui. Il est toutefois opportun de savoir où et pourquoi vous vous lancez. L’articulation de vos objectifs peut simplement contribuer à apporter de nouvelles idées d’articles.

Vous ne savez pas trop comment commencer ? Écrivez simplement la première chose qui vous passe par la tête. Anne Lamott, auteur d’un excellent livre sur le processus d’écriture, affirme qu’il est nécessaire de s’autoriser un « premier jet bordélique ». C’est un enseignement essentiel : commencez par écrire, vous vous occuperez de retoucher votre texte plus tard.

Une fois que vous êtes prêt à publier, attribuez à votre article trois à cinq étiquettes qui décrivent son sujet : littérature, photographie, fiction, parentalité, alimentation, voitures, films, sports, etc. Ces étiquettes aideront les internautes intéressés par ces sujets à vous trouver dans le Lecteur. Veillez à ce que l’une de ces étiquettes soit « zerotohero », afin que les nouveaux blogueurs puissent vous trouver également.

Présentation personnelle (exemple d’article)

Voici un exemple d’article, publié initialement dans le cadre de la Blogging University. Inscrivez-vous à l’un de nos dix programmes et lancez votre blog.

Vous allez publier un article aujourd’hui. Ne vous inquiétez pas pour l’apparence de votre blog. Ne vous inquiétez pas si vous ne lui avez pas encore donné de nom ou si vous vous sentez dépassé. Cliquez simplement sur le bouton « Nouvel article » et dites-nous pourquoi vous êtes ici.

Quel est votre objectif ?

  • Vos nouveaux lecteurs ont besoin de contexte. De quoi parlerez-vous ? Pourquoi devraient-ils lire votre blog ?
  • Cela vous aidera à vous concentrer sur vos idées à propos de votre blog et sur la façon dont vous souhaitez le développer.

L’article peut être court ou long, contenir une introduction personnelle sur votre vie, décrire la mission de votre blog, présenter un manifeste pour l’avenir ou énoncer simplement vos sujets de publication.

Pour vous aider à commencer, voici quelques questions :

  • Pourquoi créez-vous un blog public au lieu de tenir un journal personnel ?
  • Quels seront les thèmes que vous aborderez ?
  • Quelle est la cible privilégiée de votre blog ?
  • Si votre blog passe la première année avec succès, qu’espérez-vous avoir accompli ?

Répondre à ces questions ne vous enferme pas définitivement dans une voie. Ce qui est magnifique avec les blogs, c’est qu’ils sont en constante évolution au fur et à mesure de vos apprentissages, de votre développement et des interactions avec autrui. Il est toutefois opportun de savoir où et pourquoi vous vous lancez. L’articulation de vos objectifs peut simplement contribuer à apporter de nouvelles idées d’articles.

Vous ne savez pas trop comment commencer ? Écrivez simplement la première chose qui vous passe par la tête. Anne Lamott, auteur d’un excellent livre sur le processus d’écriture, affirme qu’il est nécessaire de s’autoriser un « premier jet bordélique ». C’est un enseignement essentiel : commencez par écrire, vous vous occuperez de retoucher votre texte plus tard.

Une fois que vous êtes prêt à publier, attribuez à votre article trois à cinq étiquettes qui décrivent son sujet : littérature, photographie, fiction, parentalité, alimentation, voitures, films, sports, etc. Ces étiquettes aideront les internautes intéressés par ces sujets à vous trouver dans le Lecteur. Veillez à ce que l’une de ces étiquettes soit « zerotohero », afin que les nouveaux blogueurs puissent vous trouver également.

Présentation personnelle (exemple d’article)

Voici un exemple d’article, publié initialement dans le cadre de la Blogging University. Inscrivez-vous à l’un de nos dix programmes et lancez votre blog.

Vous allez publier un article aujourd’hui. Ne vous inquiétez pas pour l’apparence de votre blog. Ne vous inquiétez pas si vous ne lui avez pas encore donné de nom ou si vous vous sentez dépassé. Cliquez simplement sur le bouton « Nouvel article » et dites-nous pourquoi vous êtes ici.

Quel est votre objectif ?

  • Vos nouveaux lecteurs ont besoin de contexte. De quoi parlerez-vous ? Pourquoi devraient-ils lire votre blog ?
  • Cela vous aidera à vous concentrer sur vos idées à propos de votre blog et sur la façon dont vous souhaitez le développer.

L’article peut être court ou long, contenir une introduction personnelle sur votre vie, décrire la mission de votre blog, présenter un manifeste pour l’avenir ou énoncer simplement vos sujets de publication.

Pour vous aider à commencer, voici quelques questions :

  • Pourquoi créez-vous un blog public au lieu de tenir un journal personnel ?
  • Quels seront les thèmes que vous aborderez ?
  • Quelle est la cible privilégiée de votre blog ?
  • Si votre blog passe la première année avec succès, qu’espérez-vous avoir accompli ?

Répondre à ces questions ne vous enferme pas définitivement dans une voie. Ce qui est magnifique avec les blogs, c’est qu’ils sont en constante évolution au fur et à mesure de vos apprentissages, de votre développement et des interactions avec autrui. Il est toutefois opportun de savoir où et pourquoi vous vous lancez. L’articulation de vos objectifs peut simplement contribuer à apporter de nouvelles idées d’articles.

Vous ne savez pas trop comment commencer ? Écrivez simplement la première chose qui vous passe par la tête. Anne Lamott, auteur d’un excellent livre sur le processus d’écriture, affirme qu’il est nécessaire de s’autoriser un « premier jet bordélique ». C’est un enseignement essentiel : commencez par écrire, vous vous occuperez de retoucher votre texte plus tard.

Une fois que vous êtes prêt à publier, attribuez à votre article trois à cinq étiquettes qui décrivent son sujet : littérature, photographie, fiction, parentalité, alimentation, voitures, films, sports, etc. Ces étiquettes aideront les internautes intéressés par ces sujets à vous trouver dans le Lecteur. Veillez à ce que l’une de ces étiquettes soit « zerotohero », afin que les nouveaux blogueurs puissent vous trouver également.

Concevoir un site comme celui-ci avec WordPress.com
Commencer